Ni igiki cogufasha kudatinya urupfu?
Inyishu Bibiliya itanga
Mu vy’ukuri turatinya urupfu nka kurya dutinya umwansi kandi turagira ivyo dushoboye vyose kugira turwirinde. (1 Abakorinto 15:26) Yamara, gutinya urupfu bivuye ku binyoma canke ku kwemera ibintazi, biratuma abantu baba mu “buja ubuzima bwabo bwose.” (Abaheburayo 2:15) Kumenya ukuri bizotuma utaba ugitinya urupfu, ukwo gutinya kukaba gushobora gutuma ubuzima butakuryohera.—Yohani 8:32.
Ukuri ku vyerekeye urupfu
Abapfuye nta co bazi. (Zaburi 146:4) Ntukwiye kugira ubwoba wibaza ko niwapfa uzobabazwa canke ukaja mu muriro udahera, kuko Bibiliya igereranya urupfu n’itiro.—Zaburi 13:3; Yohani 11:11-14.
Abapfuye ntibashobora kutugirira nabi. Mbere n’abahora ari abansi katwa kandi b’inkazi “[n]ta co bashoboye mu rupfu.” (Imigani 21:16) Bibiliya ivuga ko “urwanko rwabo n’ishari ryabo [vyamaze] gushira.”—Umusiguzi 9:6.
Si ngombwa ngo iyo dupfuye bibe biheze. Imana izosubiza ubuzima abantu bapfuye, ivyo ikaba izobigira mu kubazura.—Yohani 5:28, 29; Ivyakozwe 24:15.
Imana irasezerana igihe ‘urupfu rutazoba rukiriho.’ (Ivyahishuwe 21:4) Ku bijanye n’ico gihe, Bibiliya ivuga iti: “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera,” badatinya gupfa.—Zaburi 37:29.