Ja ku birimwo

Ikiyaga c’umuriro ni iki?

Ikiyaga c’umuriro ni iki?

Inyishu Bibiliya itanga

 Ikiyaga c’umuriro ni ikigereranyo c’ukurandurwa buhere. Ni cokimwe na Gehena canke Gehinomu.

Si ikiyaga nya kiyaga

 Imirongo itanu yo muri Bibiliya ivuga “ikiyaga c’umuriro” yerekana ko ari ikigereranyo aho kuba ikiyaga nya kiyaga. (Ivyahishuwe 19:20; 20:10, 14, 15; 21:8) Ibintu bikurikira bitererwa muri ico kiyaga c’umuriro:

Ikigereranyo c’ukurandurwa buhere

 Bibiliya ivuga ko ikiyaga c’umuriro “gisobanura urupfu rwa kabiri.” (Ivyahishuwe 20:14; 21:8) Urupfu rwa mbere ruvugwa muri Bibiliya rwavuye ku caha ca Adamu. Urwo rupfu rurashobora guhindurwa ubusa biciye kw’izuka, kandi impera n’imperuka Imana izorukuraho.​—1 Abakorinto 15:21, 22, 26.

Nta wuva muri ca kiyaga c’umuriro c’ikigereranyo

 Ikiyaga c’umuriro kigereranya urupfu rwa kabiri rutandukanye n’urwo rwa mbere. Naho na rwo nyene rugereranya ukuba ikintu kitakiriho, ruratandukanye n’urwa mbere kuko Bibiliya itavuga ko abapfuye urupfu rwa kabiri bazozuka. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga ko Yezu afise “impfunguruzo z’urupfu n’iz’i kuzimu,” ivyo bikaba vyerekana ko afise ububasha bwo gukiza abantu urupfu rukomoka ku caha ca Adamu. (Ivyahishuwe 1:18; 20:13, Bibiliya Yera) Ariko rero, yaba Yezu canke uwundi wese, nta n’umwe afise urupfunguruzo rw’ikiyaga c’umuriro. Ico kiyaga kigereranya igihano c’ibihe bidahera mu gukurwaho buhere.​—2 Abatesalonika 1:9.

Ni cokimwe na Gehinomu

 Ijambo Gehinomu (mu kigiriki geʹen·na) riboneka muri Bibiliya incuro 12. Cokimwe n’ikiyaga c’umuriro, Gehinomu igereranya ukurandurwa buhere. Naho Bibiliya zimwezimwe zihindura iryo jambo ngo “ukuzimu,” Gehinomu iratandukanye n’ukuzimu (mu giheburayo sheʼohlʹ, mu kigiriki haiʹdes).

Umwonga wa Hinomu

 “Gehinomu” bisobanura ijambo ku rindi ngo “Umwonga wa Hinomu,” rikaba ryerekeza ku mwonga wari hanze ya Yeruzalemu. Mu bihe vya Bibiliya, ababa muri ico gisagara bata umwavu muri uwo mwonga. Umuriro waguma waka kugira uturire umwavu; inyo na zo zigaca zirya ikintu cose casigajwe n’umuriro.

 Yezu yakoresheje Gehinomu bwa kigereranyo c’ukurandurwa kw’ibihe vyose. (Matayo 23:33) Yavuze ko muri Gehinomu “urunyo . . . rudapfa n’umuriro ntuzime.” (Mariko 9:47, 48) Yariko yerekeza ku kuntu vyifashe mu mwonga wa Hinomu no ku buhanuzi dusanga muri Yesaya 66:24, ubugira buti: “Emwe, bazosohoka, bitegereze imivyimba y’abantu bahora bangabitanyako; kuko inyo zabo zitazopfa, n’umuriro wabo ntuzime.” Ikigereranyo ca Yezu ntikiriko kivuga ukubabazwa, ahubwo cerekeza ku kuzimangana buhere. Izo nyo n’uwo muriro vyazimanganya imivyimba, si abantu bazima.

 Bibiliya nta na hamwe ivuga ko umuntu agiye muri Gehinomu agaruka. “Ikiyaga c’umuriro” na “Gehinomu y’umuriro” vyose bigereranya ukurandurwa kw’ibihe bidahera.​—Ivyahishuwe 20:14, 15; 21:8; Matayo 18:9, Bibiliya Yera.

Ni gute “bazobabazwa umurango n’ijoro ibihe bitazoshira”?

 Nimba ikiyaga c’umuriro ari ikigereranyo c’ugukurwaho, ni kubera iki Bibiliya ivuga ko muri co ari ho Shetani, ca gikoko na wa muhanuzi w’ikinyoma “bazobaba[ri]zwa umurango n’ijoro ibihe bitazoshira”? (Ivyahishuwe 20:10) Rimbura imvo zine zerekana igituma ukwo atari ukubabazwa nya kubabazwa:

  1.   Kugira Shetani ababazwe ibihe bidahera, yotegerezwa kwamaho ibihe bidahera. Ariko rero, Bibiliya ivuga ko azohindurwa ubusa, canke ko azokurwaho.​—Abaheburayo 2:​14.

  2.   Ubuzima budahera ni ingabirano Imana itanga, si igihano.​—Abaroma 6:23.

  3.   Ca gikoko na wa muhanuzi w’ikinyoma ni ibigereranyo, bikaba rero bidashobora kubabazwa.

  4.   Bibiliya yerekana ko ukubabazwa kwa Shetani ari ukubohwa canke ukurandurwa ibihe bidahera.

 Ijambo ryahinduwe ngo “kubabazwa” muri Bibiliya rishobora kandi gusigura “ukubohwa.” Nk’akarorero, ijambo ry’ikigiriki rihindurwa ngo “abababaza” muri Matayo 18:34, muri Bibiliya nyinshi rihindurwa ngo “abarinzi b’ibohero,” ivyo bikaba vyerekana isano riri hagati y’amajambo “kubabazwa” no “kubohwa.” Muri ubwo buryo, inkuru isa n’iyo dusanga muri Matayo 8:​29 no muri Luka 8:​30, 31 irasanisha “ukubabazwa” n’“inyenga,” kikaba ari ikibanza kigereranya ahantu ata kihakorerwa canke urupfu. (Abaroma 10:7; Ivyahishuwe 20:1, 3) Nkako, igitabu c’Ivyahishuwe kirakoresha incuro nyinshi ijambo “ukubabazwa” mu buryo bw’ikigereranyo.​—Ivyahishuwe 9:5; 11:10; 18:7, 10.