Ja ku birimwo

Imana yoba yitwa Yezu?

Imana yoba yitwa Yezu?

Inyishu Bibiliya itanga

 Yezu yavuze ko ari “Umwana w’Imana.” (Yohani 10:36; 11:4) Yezu ntiyigeze avuga ko ari Imana Mushoboravyose.

 Vyongeye, Yezu yasenga Imana. (Matayo 26:39) N’ikindi kandi, igihe Yezu yariko arigisha abayoboke biwe gusenga, yavuze ati: “Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe.”—Matayo 6:9.

 Yezu yarahishuye izina ry’Imana igihe yasubiramwo amajambo yo mu Canditswe ca kera, akavuga ati: “Umve, ewe Isirayeli, Yehova Imana yacu ni Yehova umwe.”—Mariko 12:29; Gusubira mu vyagezwe 6:4.