Ja ku birimwo

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Abaroma 6:23: «Ingero y’icaha ni urupfu ariko ingabire y’Imana ni ubugingo budashira»

Abaroma 6:23: «Ingero y’icaha ni urupfu ariko ingabire y’Imana ni ubugingo budashira»

 «Impembo y’igicumuro ni urupfu, ariko ingabire Imana itanga ni ubuzima budahera biciye kuri Kristu Yezu Umukama wacu.»​—Abaroma 6:23, Bibiliya y’isi nshasha.

 «Ingero y’icaha ni urupfu ariko ingabire y’Imana ni ubugingo budashira, bubonerwa muri Kristo Yesu Umwami wacu.»​—Abaroma 6:23, Bibiliya Yera.

Ico mu Baroma 6:23 hasobanura

 Aya majambo intumwa Pawulo yavuze arerekana ko abantu bapfa kubera ari abanyavyaha. Ariko Imana iraha icizigiro ciza cane abayisenga badahemuka, na co kikaba ari ingabire y’ubuzima budahera.

 «Impembo y’igicumuro ni urupfu.» Abantu bose bavuka ari abacumuzi, ivyo bigaca bituma bagira impengamiro yo gucumura. a (Zaburi 51:5; Umusiguzi 7:20) Kubera ko abantu bavukana igicumuro, bose barasaza bakongera bagapfa.​—Abaroma 5:12.

 Kugira Pawulo adufashe kubitahura, yagereranije igicumuro n’umukoresha atanga impembo. Kurya nyene umukozi yitega impembo ku bw’igikorwa yakoze, ni ko n’abantu bashobora kwitega gupfa kubera ko ari abacumuzi.

 Ariko Pawulo yaranasiguye ko «umuntu apfuye aba akuweko ibicumuro vyiwe.» (Abaroma 6:7) Igihe umuntu apfuye, ntaba agiharurwako igicumuro na kimwe yakoze. Ni co gituma ata mvo yotuma twiyumvira ko abapfuye babandanya kubabarizwa ahantu kanaka kubera ibicumuro bakoze kera. Nkako, Bibiliya irerekana neza ko abapfuye badashobora kwiyumvira, gukora canke kwumva ikintu na kimwe.​—Umusiguzi 9:5.

 «Ariko ingabire Imana itanga ni ubuzima budahera biciye kuri Kristu Yezu.» Mu gihe «impembo» y’igicumuro ari urupfu, Imana yo itanga ingabire y’ubuzima budahera. Ijambo ryahinduwe ngo «ingabire» rirashobora kandi guhindurwa ngo «ingabire tutabereye» canke «ingabire y’ubuntu.» Ryerekeza ku kintu umuntu ahabwa atakibereye. Nta muntu w’umucumuzi ashobora gukorera ubukiriro canke ubuzima budahera. (Zaburi 49:7, 8) Ariko, Imana iraha abizera Yezu ingabire y’agaciro kanini y’ubuzima budahera.​—Yohani 3:16; Abaroma 5:15, 18.

Amakikuro y’Abaroma 6:23

 Pawulo yandikiye iri kete abakirisu b’i Roma nko mu 56 inyuma ya Kristu. Bamwe muri abo bakirisu biboneka ko bari bafise ivyiyumviro bitari vyo ku vyerekeye imbabazi z’Imana. Bivuye ku kosho k’ivyiyumviro vy’Abagiriki, bashobora kuba babona ko uko bacumura kenshi ari ko barushiriza kwungukira ku kigongwe c’Imana. (Abaroma 6:1) Abandi bashobora kuba biyumvira ko batohaniwe amakosa yabo kuko batari bakigengwa n’amategeko ya Musa. (Abaroma 6:15) Mw’ikete Pawulo yanditse, arerekana ko abakirisu badashobora kubabarirwa n’Imana igihe bemeye igicumuro kikabaganza.​—Abaroma 6:12-14, 16.

 Amajambo Pawulo yanditse arahumuriza abasenga Imana muri iki gihe ko naho bavukana igicumuro, bafise icizigiro. Bakurikije ingingo ngenderwako z’Imana kandi ntibatwarwe n’ivyipfuzo vyabo bibi, Imana ibasezeranira ubuzima budahera.​—Abaroma 6:22.

 Nurabe iyi videwo ngufi y’incamake y’igitabu c’Abaroma.

a Muri Bibiliya, «igicumuro» gisigura igikorwa ico ari co cose canke agatima ako ari ko kose bidahuje n’ingingo ngenderwako z’Imana. (1 Yohani 3:4) Nurabe ikiganiro kivuga ngo «Igicumuro ni iki?»