Ja ku birimwo

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Mariko 1:15: “Ubgami bg’Imana buri hafi”

Mariko 1:15: “Ubgami bg’Imana buri hafi”

 “Igihe cashinzwe carangutse, kandi ubwami bw’Imana buregereje. Nimwigaye, kandi mwizere inkuru nziza.”​—Mariko 1:15, Bibiliya y’isi nshasha.

 “Igihe kirashitse, ubgami bg’Imana buri hafi: mwihane, mwemere ubutumwa bgiza.”​—Mariko 1:15, Bibiliya Yera.

Ico muri Mariko 1:15 hasobanura

 Yezu Kristu yabwiye abariko baramwumviriza ko Ubwami bw’Imana a bwari “hafi,” canke ko bwari ‘bwegereje,’ kubera ko uwobaye Umwami w’ubwo Bwami, ni ukuvuga we ubwiwe yari kumwe na bo ng’aho.

 Yezu ntiyashaka kuvuga ko ubwo Bwami bwari bwamaze gutangura kuganza. Kanatsinda, mu nyuma yarabwiye abigishwa biwe ko ubwo Bwami bwoje muri kazoza. (Ivyakozwe 1:6, 7) Yamara Yezu yari yaramaze gushika, kandi yashitse mu mwaka nyene Bibiliya yari yaravuze ko uwobaye Umwami wabwo yoshikiyeko. b Ni co gituma yashoboye kuvuga ati: “Igihe cashinzwe carangutse,” ni ukuvuga igihe c’uko atangura igikorwa co kwamamaza ubutumwa bwiza, ari yo nkuru nziza y’Ubwami.​—Luka 4:16-21, 43.

 Kugira abantu bashobore kwungukira ku nkuru nziza y’Ubwami, bari bakeneye kwigaya, ni ukuvuga kwumva ko bababajwe n’ivyaha bakoze maze bakabaho bisunga amategeko y’Imana. Abigaye barerekanye ko bizera inkuru nziza y’ubwo Bwami bwoje.

Uko ibintu vyari vyifashe igihe ibiri muri Mariko 1:15 vyavugwa

 Yezu yavuze ayo majambo igihe yatangura kwamamaza i Galilaya. Inkuru isa na yo iri muri Matayo 4:17 ivuga ko “guhera ico gihe” Yezu yaciye atangura kwamamaza Ubwami bw’Imana. Ubwo Bwami ni co kintu nyamukuru Yezu yigisha. Nkako, ubwo Bwami buvugwa incuro zirenga 100 muri za Njili zine c, henshi hakaba ari mu vyo Yezu yavuze. Muri Bibiliya, Ubwami bw’Imana ni co kintu Yezu yavuze incuro nyinshi kuruta ibindi vyose.

Nusome Mariko ikigabane ca 2 hamwe n’utujambo tw’epfo be n’ivyanditswe vy’inyongera biri ku mubari.

a Ubwami bw’Imana ni intwaro yo mw’ijuru yashinzwe n’Imana kugira ngo itume ivyo Imana igomba bikorwa kw’isi. (Daniyeli 2:44; Matayo 6:10) Ushaka ayandi makuru, raba ikiganiro kivuga ngo “Ubwami bw’Imana ni iki?”

b Yezu yabwirizwa kuba umwami kugira ashitse rimwe mu mabanga yoranguye ryo kuba Mesiya, intumwa y’Imana idasanzwe. Ushaka ayandi makuru ku bijanye n’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwerekanye ko Yezu ari we Mesiya, raba ikiganiro kivuga ngo “Ubuhanuzi bwerekeye Mesiya bwoba bwemeza ko Yezu yari we Mesiya?

c Injili ni ibitabu bine vya mbere bigize Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu, ibikunze kwitwa Isezerano rishasha. Ivyo bitabu vyigana ibijanye n’ubuzima bwa Yezu be n’igikorwa yakoze co kwamamaza.