Ja ku birimwo

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Yeremiya 29:11: “Kuko nzi ivyiyumviro mbiyumvirako”

Yeremiya 29:11: “Kuko nzi ivyiyumviro mbiyumvirako”

 “‘Kuko jewe nzi neza ivyiyumviro ndabiyumvirako,’ ni ko Yehova a avuze, ‘ivyiyumviro vy’amahoro, atari ivy’ivyago, kugira ngo ndabahe kazoza n’icizigiro.’”​—Yeremiya 29:11, Bibiliya y’isi nshasha.

 “Kuko nzi ivyiyumviro mbiyumvirako, ni jewe Uhoraho mbivuze, kw’ar’ivyiyumviro vy’amahoro, atar’ivy’ivyago, kugira ngo mbahe ivyizigiro vyo mw iherezo ryanyu.”​—Yeremiya 29:11, Bibiliya Yera.

Ico muri Yeremiya 29:11 hasobanura

 Yehova Imana yasezeraniye abasavyi biwe ko yobahaye amahoro. Naho ayo majambo yandikiwe abasavyi b’Imana ba kera, n’ubu arerekana ivyo Imana itegekanya. Ni “Imana itanga icizigiro.” (Abaroma 15:13) Kanatsinda, yandikishije iyo mihango muri Bibiliya kugira “tugire icizigiro” ca kazoza.​—Abaroma 15:4.

Amakikuro ya Yeremiya 29:11

 Ayo majambo yari mw’ikete ryarungikiwe Abisirayeli bari barakuwe i Yeruzalemu bajanwa i Babiloni ari inyagano. b (Yeremiya 29:1) Imana yabwiye abo Bisirayeli yuko bomaze igihe kirekire i Babiloni, bakubaka amazu, bagatera imirima, bakagira n’imiryango. (Yeremiya 29:4-9) Ariko yongeyeko iti: “Imyaka mirongo irindwi niyarangira muri i Babiloni, nzobitaho, kandi nzoshitsa kuri mwebwe ijambo ryanje ryiza mu kubagarukana [i Yeruzalemu].” (Yeremiya 29:10) Aho Imana yari ibakuye amazinda ko itobibagiye be n’uko icizigiro bari bafise co gusubira i Yeruzalemu corangutse.​—Yeremiya 31:16, 17.

 Imana yarashikije ico kintu yari yarasezeraniye Abisirayeli. Nk’uko yari yarabivuze, Babiloni yaratsinzwe n’umwami w’Ubuperesi yitwa Kuro. (Yesaya 45:1, 2; Yeremiya 51:30-32) Mu nyuma, Kuro yararekuye Abayuda ngo basubire iwabo. Inyuma y’imyaka 70 bamaze i Babiloni, bahavuye basubira i Yeruzalemu.​—2 Ngoma 36:20-23; Ezira 3:1.

 Kuba ibivugwa muri Yeremiya 29:11 vyararangutse, biradukura amazinda ko ivyo Imana yasezeranye bizoranguka. Muri ivyo yasezeranye harimwo isi irangwamwo amahoro biciye ku Bwami bw’Imana buyobowe na Kristu Yezu.​—Zaburi 37:10, 11, 29; Yesaya 55:11; Matayo 6:10.

Ivyiyumviro bitari vyo ku bijanye na Yeremiya 29:11

 Iciyumviro kitari co: Hariho ikintu Imana yateguriye umuntu umwumwe wese.

 Ukuri: Imana irareka abantu bakihitiramwo ukuntu babaho. Amajambo ari muri Yeremiya 29:11, Imana yayabwiye Abisirayeli bari i Babiloni uko bagize umugwi, kandi yipfuza ko bose hamwe bagira kazoza keza. (Yeremiya 29:4) Ariko Imana yararetse umuntu wese ku giti ciwe arihitiramwo kwungukira kuri uwo muhango canke kutawungukirako. (Gusubira mu vyagezwe 30:19, 20; Yeremiya 29:32) Abahisemwo kurondera Imana babigize mu kuyisenga n’umutima wabo wose.​—Yeremiya 29:12, 13.

 Iciyumviro kitari co: Imana izoha ubutunzi abasavyi bayo.

 Ukuri: Ijambo “gusagamba” riboneka muri Yeremiya 29:11 muri Bibiliya zimwezimwe, ryakuwe mw’ijambo ry’igiheburayo risobanura “amahoro, amagara meza no kubaho neza.” Turavye amakikuro y’uwo murongo, turabona ko Imana yasezeraniye Abisirayeli amahoro n’ubuzima bwiza, ntiyabasezeraniye ubutunzi. Iryo hanga ntiryozimanganye kandi umusi uri izina ryosubiye i Yeruzalemu.​—Yeremiya 29:4-10.

Nusome Yeremiya ikigabane ca 29 hamwe n’utujambo tw’epfo be n’ivyanditswe vy’inyongera biri ku mubari.

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana.​—Zaburi 83:18.

b Ku bijanye na Yeremiya 29:11, igitabu kimwe gisigura ivya Bibiliya (The Expositor’s Bible Commentary) kigira giti: “Uwo ni umwe mu mihango myiza cane iri muri Bibiliya, ukaba werekana impuhwe Yahweh [Yehova] yagiriye abo bari bajanywe mu bunyagano, ukaba kandi waratumye bagira imvo yumvikana yo kubona ibintu mu buryo bwiza no kugira icizigiro.”​—Igitabu ca 7, urupapuro rwa 360.