Ja ku birimwo

Mwoba mwemera ko ari mwebwe mwenyene muzorokoka?

Mwoba mwemera ko ari mwebwe mwenyene muzorokoka?

 Oya. Abantu amamiliyoni babayeho mu binjana biheze kandi batari Ivyabona vya Yehova bazoronka akaryo ko kurokoka. Bibiliya isigura ko mw’isi nshasha yasezeranywe n’Imana hazobaho “izuka ry’abagororotsi n’abatari abagororotsi.” (Ivyakozwe 24:15) Vyongeye, benshi mu bantu bariho ubu boshobora gutangura gukorera Imana, maze na bo bakazorokoka. Uko biri kwose, si twe duca urubanza ngo aba bazorokoka canke ntibazorokoka. Yezu ni we wenyene ajejwe ico gikorwa.—Yohani 5:22, 27.