Ja ku birimwo

Kubera iki Ivyabona vya Yehova badahimbaza imisi mikuru y’ivuka?

Kubera iki Ivyabona vya Yehova badahimbaza imisi mikuru y’ivuka?

 Ivyabona vya Yehova ntiduhimbaza imisi mikuru y’ivuka kubera ko iyo misi mikuru idahimbara Imana. Naho Bibiliya itayibuza mu buryo budomako, hari ivyo itubwira bidufasha gutahura uko Imana ibona iyo misi mikuru. Reka turabe ico Bibiliya ivuga kuri ibi bintu bine vyerekeye iyo misi mikuru:

  1.   Imisi mikuru y’ivuka ikomoka mu bapagani. Igitabu kimwe (Funk & Wagnalls Standard Dictionary of Folklore, Mythology, and Legend) kivuga ko iyo misi mikuru yakomotse mu bemera ko umuntu “ashobora guterwa n’amashetani” ku musi yavukiyeko be n’uko “ashobora gukingirwa igihe haje abagenzi bakamwipfuriza ibintu vyiza.” Ikindi gitabu na co (The Lore of Birthdays) kivuga ko mu bihe vya kera, kwandikisha umusi w’ivuka vyari “bihambaye kugira bamenye ibizoshikira umuntu” bafatiye ku bijanye no “kuragurira ku nyenyeri.” Ico gitabu kibandanya kivuga ko “bisanzwe vyemerwa ko amabuji acanwa ku musi mukuru w’ivuka atuma mu buryo bwa maji ivyo bipfurije umuntu biranguka.”

     Ariko rero, Bibiliya iriyamiriza ivy’amageza, ubupfumu be n’ibindi nk’ivyo. (Gusubira mu vyagezwe 18:14; Abagalatiya 5:​19-​21) Nkako, imwe mu mpamvu zatumye Yehova acira urubanza igisagara ca Babiloni ya kera ni uko abahaba bakora ivyo kuragurira ku nyenyeri. (Yesaya 47:11-​15) Ni vyo ko Ivyabona vya Yehova tutarondera kumenya inkomoko y’imigenzo yose; ariko igihe Bibiliya itomora ku kintu kanaka, ntituvyirengagiza.

  2.   Abakirisu bo mu ntango ntibahimbaza imisi mikuru y’ivuka. Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The World Book Encyclopedia) kivuga ko abakirisu bo mu ntango “babona ko guhimbaza umusi umuntu yavukiyeko ari umugenzo w’abapagani.” Bibiliya na yo ivuga ko dukwiye gukurikiza akarorero twasigiwe n’intumwa be n’abandi Yezu yigishije akiri kw’isi.​—2 Abatesalonika 3:6.

  3.   Abakirisu basabwa guhimbaza gusa umusi w’urupfu rwa Yezu, si uw’ivuka ryiwe. (Luka 22:17-​20) Ivyo ntibitangaje kuko Bibiliya ivuga ko ‘umusi w’ugupfa uruta umusi w’ukuvuka.’ (Umusiguzi 7:1) Mu mpera y’ubuzima bwiwe ng’aha kw’isi, Yezu yarihesheje izina ryiza ku Mana bituma umusi yapfiriyeko uba uwuhambaye kuruta umusi yavukiyeko.​—Abaheburayo 1:4.

  4.   Nta ho Bibiliya ivuga ko hari umusavyi w’Imana yahimbaje umusi yavukiyeko. Si uko vyibagiwe kubera ko n’imisi mikuru ibiri y’ivuka ivugwamwo ari iy’abantu batasenga Imana. Kandi ivyabaye kuri iyo misi mikuru ntibishimishije.​—Itanguriro 40:20-​22; Mariko 6:​21-​29.

Abana b’Ivyabona boba bumva ko hari ico bahomba?

 Cokimwe n’abandi bavyeyi bose, Ivyabona vya Yehova barerekana ko bakunda igihe cose abana babo mu kubaha ingabirano canke mu kubasohokana. Barihatira kwigana Imana, yo yibwiriza guha ibintu vyiza abana bayo. (Matayo 7:​11) Abana b’Ivyabona vya Yehova ntibumva ko hari ico bahomba. Umva ivyo bamwe bivugiye:

  •   “Biraryoshe cane kuronka ikado igihe utari uyiteze.”​—Tammy w’imyaka 12.

  •   “Naho ata makado ndonka ku musi wanje w’ivuka, abavyeyi banje barazimpa ikindi gihe. Birandyohera kuronka ikado ntari ndavyiteze.”​—Gregory w’imyaka 11.

  •   “None kumara iminuta cumi ku karirimbo kamwe murya n’udusuguti, ni kwo kugira umusi mukuru? Muraza muhira murabe ico ari co umusi mukuru!”​—Eric w’imyaka 6.