Ja ku birimwo

Mwoba mutanga ibigiracumi?

Mwoba mutanga ibigiracumi?

 Oya, ntidutanga ibigiracumi. Amahera dukoresha mu gikorwa cacu ava ku ntererano zitangwa n’abavyishakiye. Ikigiracumi ni iki, kandi kubera iki Ivyabona vya Yehova badatanga ibigiracumi?

 Ibwirizwa ryo gutanga ikigiracumi, ni ukuvuga gutanga intererano y’ic’icumi c’ivyo umuntu afise, ryari muri rya Tegeko Imana yaha ihanga rya Isirayeli rya kera. Ariko rero, Bibiliya iratomora neza ko iryo Tegeko, ushizemwo n’“ibwirizwa ryo kwegeranya ivy’icumi”, ritaraba abakirisu.​—Abaheburayo 7:​5, 18; Abakolosayi 2:​13, 14.

 Ntidutanga ibigiracumi canke amashikanwa ngo ni uko tubisabwe. Ahubwo twigana akarorero k’abakirisu bo mu ntango tugashigikira igikorwa cacu co kwamamaza inkuru nziza mu buryo bubiri: mu kurangura igikorwa cacu tutarinze kubihemberwa no mu gutanga intererano ku gushaka.

 Gutyo, dukurikiza iyi mpanuro Bibiliya iha abakirisu: “Umwe wese nagire nk’uko yavyiyemeje mu mutima wiwe, atabigiranye umwikomo canke ngo abigire agoberewe, kuko Imana ikunda uwutangana akamwemwe.”​—2 Abakorinto 9:7.