Ja ku birimwo

Noba mbwirizwa kuba Icabona ca Yehova kubera gusa banyigisha Bibiliya?

Noba mbwirizwa kuba Icabona ca Yehova kubera gusa banyigisha Bibiliya?

 Oyaye, si ngombwa. Abantu amamiliyoni barashima ko tubigisha Bibiliya kandi ntibabe Ivyabona. a Intumbero y’ico gikorwa ni ugufasha abantu kumenya ivyo Bibiliya yigisha. Umaze kubimenya ni wewe wihitiramwo ico uzobikoresha kuko ibijanye no gusenga ari ingingo yega umuntu ku giti ciwe.​—Yosuwa 24:15.

Nokoresha Bibiliya yanje igihe twiga?

 Egome. Naho dushima gukoresha Bibiliya y’isi nshasha yahinduwe hisunzwe imvugo ya none kandi tukaba twoyiguha ku buntu uvyipfuje, twoshima ko ukoresha Bibiliya yawe. Ubutumwa butanga icizigiro n’agakiza ushobora kuburonka muri Bibiliya iyo ari yo yose.

Kubera iki mwigisha abantu batari abo mw’idini ryanyu?

  •   Ikintu nyamukuru kibidutuma ni urukundo dukunda Yehova Imana, we ashaka ko abakirisu bigisha abandi ivyo bize. (Matayo 22:37, 38; 28:19, 20) Tubona ko ata teka ryoza riruta kuba “abakozi bakorana n’Imana” mu gufasha abantu kumenya ivyo Ijambo ryayo ryigisha.​—1 Abakorinto 3:6-9.

  •   Ikindi kibidutuma ni urukundo dukunda bagenzi bacu. (Matayo 22:39) Biraturyohera kubwira abandi ibintu vyiza igitangaza twize.​—Ivyakozwe 20:35.

a Igitigiri c’abo twigisha Bibiliya ni kinini: Mu 2023 buri kwezi twigishije Bibiliya abantu 7.281.212 Benshi mu bo twigisha wasanga ari umugwi w’abantu. Ariko abashika 269.517 ni bo bonyene babatijwe baba Ivyabona vya Yehova.