Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova boba bemera siyansi?

Ivyabona vya Yehova boba bemera siyansi?

 Turubaha ivyo ubuhinga bumaze gushikako kandi tukemera n’ibintu abanyasiyansi bamaze gutora bishigikiwe n’ibimenyamenya vy’ukuri.

 Inyizamvugo imwe (Collins Cobuild Advanced Learner’s English Dictionary), ivuga ko “siyansi ari icigwa c’ibidukikije, uko bimeze be n’ico dushobora kuvyigirako.” Naho Bibiliya atari igitabu c’ivya siyansi, irahimiriza abantu kwigira ku bidukikije be n’ugukoresha ivyo abanyasiyansi batoye, nk’akarorero mu vyerekeye:

  •   Ibisyo vyo mu kirere: “Raramurira amaso yanyu iyo hejuru murabe. Ni nde yaremye ivyo bintu? Ni Umwe asohora ingabo zavyo ku gitigiri, zose akazihamagara mu mazina yazo.”—Yesaya 40:26.

  •   Ibinyabuzima: Salomo “yaravuga ivyerekeye ibiti, kuva kw’isederi iri muri Libani gushika kuri ezobu imera ku ruhome; yaravuga ivyerekeye ibikoko, ivyerekeye ibiremwa biguruka, ivyerekeye ibikoko bigendagenda be n’ivyerekeye amafi.”—1 Abami 4:33.

  •   Ubuvuzi: “Abafise amagara meza ntibakenera umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera.”—Luka 5:31.

  •   Ikirere: “Mbega warinjiye mu bigega vya shelegi, canke hoho woba ubona ibigega vy’urubura . . . ? N’umuyaga wo mu buseruko ugasabagira kw’isi?”​—Yobu 38:22-​24.

 Ibinyamakuru vyacu biratuma abantu bamenya ibijanye na siyansi kubera ko usanga birimwo ibiganiro vyerekeye ibidukikije be n’ivyo abahinga bamaze gutora. Abavyeyi b’Ivyabona bashira abana babo mu mashure kugira bashobore kumenya ibintu n’ibindi. Ivyabona vya Yehova batari bake ni abanyasiyansi, bamwe ni abahinga mu vy’ibinyabuzima, mu biharuro no muri fizike.

Siyansi iri n’aho igarukira

 Ntitwemera ko siyansi ishobora gutorera umuti ibibazo vyose vy’abantu. a Nk’akarorero, abahinga mu vy’agataka bariga ibigize isi, abahinga mu vy’ubuvuzi na bo bakiga ukuntu umubiri w’umuntu ukora. Ariko ntibashobora gusigura igituma ubuzima bushoboka kw’isi honyene be n’igituma ibihimba vy’umubiri bikorana neza mu bumwe.

 Twasanze Bibiliya yonyene ari yo itanga inyishu zishimishije kuri ivyo bibazo. (Zaburi 139:13-16; Yesaya 45:18) Ku bw’ivyo, twemera ko inyigisho nziza iba igizwe no kwiga siyansi na Bibiliya.

 Mu bihe bimwebimwe, siyansi isa n’iyivuguruza Bibiliya. Ariko rero, ibisa n’ukuvuguruzanya usanga bishingiye ku bintu abantu badatahura neza ku bijanye n’ivyo Bibiliya ivuga. Nk’akarorero, Bibiliya ntiyigisha ko isi yaremwe mu misi itandatu y’amasaha 24.​—Itanguriro 1:1; 2:4.

 Ivyiyumviro bimwebimwe bibonwa ko ari ivya siyansi, usanga ata bimenyamenya bitomoye bifise, mbere n’abanyasiyansi bamwebamwe bazwi cane usanga batavyemera. Nk’akarorero, kubera ko ibidukikije biboneka ko vyatunganijwe mu buryo burimwo ubwenge, turemeranya n’abahinga batari bake bashitse ku ciyumviro c’uko ukubaho kw’ibintu kutapfuye kwiyadukiza.

a Erwin Schrödinger umuhinga mu vya siyansi wo muri Otrishe, akaba yaranatsindiye ka gashimwe kitiriwe Nobel, yanditse ku bijanye na siyansi ati: “Iratanga amakuru menshi y’ukuri mugabo nta na kimwe ihishura ku . . . bintu vyose bihambaye vy’ukuri kuri twebwe.” Albert Einstein na we yavuze ati: “Ibintu bibabaje tumaze gucamwo, vyaratweretse ko kwiyumvira cane bigera kure bitigeze bitorera umuti ingorane zihanze ubuzima bw’abantu.”