Ubuzima bwo kuri Beteli

UBUZIMA BWO KURI BETELI

Barigishijwe kuzimya umuriro

Umuriro wadutse warerekanye ko ivyo bigishijwe bitabaye impfagusa.

UBUZIMA BWO KURI BETELI

Barigishijwe kuzimya umuriro

Umuriro wadutse warerekanye ko ivyo bigishijwe bitabaye impfagusa.

Abantu ibihumbi baratemberera Beteli yo muri Amerika yo Hagati

Hari abo vyasavye kwigora cane kugira baze gutembera ku biro vy’ishami. Benshi bagenze imisi myinshi mu mabisi bakose. Abakiri bato be n’abana bavuze iki aho bamariye gutemberera Beteli?

Iratiro ry’Amabibiliya rishemeza izina rya Yehova

Iryo ratiro rishimishije ry’Amabibiliya ryuguruwe ku cicaro gikuru cacu mu 2013. Hari abatugabiye Bibiliya nyinshi z’imbonekarimwe.

Guhabwa ikaze ku “Gitandara”

Ibiro vy’Ivyabona vya Yehova vyo mu Buraya bwo hagati vyarahaye ikaze ababanyi, abikorera utwabo hamwe n’abategetsi bo ngaho bipfuza kubigendera. Icivugo cari “Imyaka 30 i Selters”. None ni ibiki bamwebamwe mu bashitsi 3.000 bavuze?

Iratiro ridasanzwe ry’ivya Bibiliya

Kuva kera na rindi, Yehova Imana yaramenyesheje abantu izina ryiwe. Raba ingene mu myaka n’iyindi iryo zina ryazigamwe mu mpinduro zitandukanye za Bibiliya.

Turagutumiye ngo uzoze kugendera ibigo vya Beteli yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika

Uratembera ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova no ku ibiro vy’ishami vyo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ico yaririra yarakironse

Marcellus yabwirijwe gutsinda intambamyi zitari nke kugira ashobore kugendera icicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova kiri muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Vyavuyemwo iki?

Ibikorwa bimaze imyaka 50 i Wallkill

Muri iki kiganiro, George Couch arasigura ingene Ivyabona vya Yehova baronse mu micungararo y’igisagara ca New York itongo rigira kabiri mu yataziriwe amatongo ya Watchtower.

Dushitsa imisi 60 twari twahawe

Ivyabona vya Yehova bari bakeneye kwimuka bakava mu nyubakwa zitanu, iziri ku buringanire bungana n’ibibuga 11 vy’umupira w’amaguru. Ni gute umugwi abakora vyavyishakiye bakoze ico gikorwa mu kiringo bahawe?

Kwimuka tukava mu nyubakwa ziri kw’ibarabara ryitiriwe Adams

Abamaze igihe kirekire bakorera kuri Beteli baravuga ivyo bibuka ku gikorwa co gucapura caranguriwe muri izo nyubakwa ziri i Brooklyn.

Amatongo ya Watchtower aramaze imyaka mirongo itanu yimburwa

Raba ukuntu iri tongo ryagiye rirahindurwa mu myaka itari mike kugira igikorwa co kwigisha Bibiliya Ivyabona vya Yehova barangurira kw’isi yose kirushirize gutera imbere.