Ja ku birimwo

Baguma ari intahemuka mu bigeragezo

Nurabe ingene Ijambo ry’Imana rifasha Ivyabona vya Yehova kwihanganira ibintu bigerageza ukwizera kwabo.

Inyubakwa abavukanyi bageragerejwemwo

Ivyabona vya Yehova amajana banse kuja mu gisoda kubera ijwi ryabo ryo mu mutima barigeze kuba bapfungirwa mu nyubakwa imwe yo muri Espanye.

Ntiturota duhemuka

Daniel Lokollo arigana ukuntu abarinzi b’ibohero bamutoteje.

Iterabwoba ntiryababujije gukorera Yehova

Abantu bavyakiriye gute igihe Ivyabona bo muri Jeworojiya bariko barakubagurwa?

Nariyemeje kuba umusoda wa Kristu

Demetrius Psarras yarapfunzwe azira ko yanse gufata ibirwanisho. Naho ari ukwo, yagumye ashemagiza Imana no mu bigeragezo bikomeye vyakurikiye.

Icizigiro c’Ubwami si indoto

Efraín De La Cruz yarapfunzwe mu busho indwi yongera arakubitwa bunyamaswa kubera ko yamamaza inkuru nziza. Ni igiki catumye aguma ari umunyamwete mu myaka irenga 60?

Umutsimvyi w’umutima rugabo

Mu myaka 60 yamaze mu murimo, André Elias yagumye ari intahemuka naho yasambishijwe akongera agaterwa ubwoba.

Naragiraniye amahoro n’Imana hamwe na mawe

Igihe Michiyo Kumagai yaheba gusenga ba sekuruza, ntiyasubiye gucana uwaka na nyina. None Michiyo yashoboye gute kugarukana amahoro?