Timoteyo wa mbere 2:1-15

  • Musengere abantu b’uburyo bwose (1-7)

    • Imana imwe, n’umuhuza umwe (5)

    • Incungu y’indinganire ku bwa bose (6)

  • Impanuro zigenewe abagabo n’abagore (8-15)

    • Kwambara rupfasoni (9, 10)

2  Imbere ya vyose rero, ndahimiriza bose ngo batakambire Imana ku bw’abantu b’uburyo bwose, babasengere, babasabire, bongere bakenguruke ku bwabo.  Babigire no ku bw’abami n’abo bose bafise ubukuru*+ kugira tubandanye kugira ubuzima butekanye kandi burangwa amahoro, twihebera Imana bimwe bishitse kandi tudafyina+.  Ivyo ni vyiza kandi biremerwa imbere y’Imana yo Mukiza wacu+,  yo igomba ko abantu b’uburyo bwose bakizwa+ bakamenya neza ukuri.  Kuko hari Imana imwe+, n’umuhuza umwe+ hagati y’Imana n’abantu+, akaba ari umuntu, ni ukuvuga Kristu Yezu+,  yitanze ngo abe incungu y’indinganire* ku bwa bose*+. Ivyo ni vyo bikwiye gushingirwa intahe ku gihe cavyo.  Nagenywe kuba umuvugabutumwa no kuba intumwa+ kugira nshinge iyo ntahe+, nigishe amahanga+ ibijanye n’ukwizera be n’ukuri. Aho ndiko mvuga ukuri, sindiko ndabesha.  Ndashaka rero yuko ahantu hose abagabo bashishikara gusenga, badugije amaboko adahumanye*+, ata shavu+ n’impari+.  Abagore na bo bakwiye kwishariza mu kwambara mu buryo bubereye*, bw’urupfasoni kandi bwerekana ko biyumvira neza*, atari mu gusuka* imishatsi mu mideri y’agatangaza, canke mu kwambara inzahabu canke imaragarita* canke impuzu zizimvye cane+. 10  Ahubwo bisharize mu buryo buberanye n’abagore bavuga ko bihebeye Imana+, ni ukuvuga mu bikorwa vyiza. 11  Umugore niyige acereje*, ayoboka bimwe bikwiye+. 12  Sinemerera umugore kwigisha canke kugira ubukuru ku mugabo, ahubwo akwiye kuguma acereje*+. 13  Kuko Adamu ari we yabanje kuremwa, hanyuma Eva+. 14  Vyongeye, Adamu ntiyahenzwe ahubwo umugore ni we yahenzwe rwose+, ararenga itegeko. 15  Yamara abagore bazozigamwa biciye ku kwibaruka+, bapfe gusa kuguma mu kwizera no mu rukundo no mu bweranda, biyumvira neza*+.

Utujambo tw'epfo

Canke «bari mu bibanza vyo hejuru.»
Ni ukuvuga incungu ingana n’icari catakaye.
Canke «ku bw’abantu b’uburyo bwose.»
Mu kigiriki havuga ngo «adahemuka.»
Canke «bwisoneye.»
Canke «bafise ubwenge buroranye.»
Canke «gutsiba.»
Ni utubuye tw’agaciro tumeze nk’utudede.
Canke «atekanye.»
Canke «atekanye.»
Canke «bafise ubwenge buroranye.»