Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ISI YUZUYEMWO INGORANE

4 | Nukingire icizigiro cawe

4 | Nukingire icizigiro cawe

IGITUMA BIHAMBAYE

Amaganya aterwa n’ingorane zo muri ino si arashobora kubangamira abantu ku mubiri no ku mutima. Benshi mu bashikiwe n’izo ngorane baratakaza icizigiro. None bavyifatamwo gute?

  • Hari abo usanga badashaka no kwiyumvira ivya kazoza.

  • Abandi mu kwikuramwo amaganya baranywa inzoga canke ibiyayuramutwe.

  • Abandi bakeyi na bo babona ko bopfuma bipfira, bakavuga bati: “Kubaho bimaze iki?”

Ivyo ukwiye kumenya

  • Zimwe mu ngorane urimwo zoshobora kuba ari iz’igihe gito, kandi ibintu birashobora guhinduka utari uvyiteze bikagenda neza.

  • Naho ata cohinduka, hariho ibintu wokora vyogufasha kuzihanganira.

  • Bibiliya iratanga icizigiro nyakuri c’uko ingorane zizovaho burundu.

Ivyo wokora ubu

Bibiliya ivuga iti: “Ntimukigere mwiganyira ku vy’ejo, kuko umusi w’ejo uzoba ufise amaganya yawo. Ububi bw’umusi umwumwe wose buramaze.”​—Matayo 6:34.

Nturazwe ishinga n’ibizoba ejo. Ntiwiganyire ku vy’ejo ku buryo bikubuza kwitwararika ibikorwa ujejwe uyu musi.

Kurazwa ishinga n’ibintu bibi vyoshobora kugushikira nta kindi vyokora atari ukukwongereza amaganya no gutuma utakaza icizigiro ca kazoza.

Bibiliya iraduha icizigiro nyakuri

Kera, hari umwanditsi wa zaburi yasenze Imana ati: “Ijambo ryawe ni itara ry’ikirenge canje, rikaba n’umuco w’ibarabara ryanje.” (Zaburi 119:105) Raba ingene Ijambo ry’Imana Bibiliya rimeze neza na neza ukwo nyene.

Mw’ijoro ry’umwiza, itara riradufasha kubona aho duca. Bibiliya na yo nyene irimwo ivyiyumviro ngirakamaro vyotuyobora igihe dukeneye gufata ingingo zikomeye.

Umuco urashobora kubonesha inzira ducamwo ku buryo dushobora kubona ikiri imbere yacu. Muri ubwo buryo nyene, Bibiliya irashobora kutwereka ico kazoza katubikiye.