Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ikibazo c’indimi carakemutse! Ingene ubuhinduzi bugenda

Ikibazo c’indimi carakemutse! Ingene ubuhinduzi bugenda

“Hari abakunze kuvuga ko ata gikorwa kigoye nko guhindura ururimi ushira mu rundi.”—“The Cambridge Encyclopedia of Language.”

IMBERE y’uko ibitabu vyacu bitangura guhindurwa, habanza kwiyumvirwa ibizokwandikwa muri vyo, bakabigirira ubushakashatsi hanyuma bakavyandika. Muri ico gihe, Urwego nshingwayandika ruri ku cicaro gikuru cabo i New York rurasuzuma rwitonze ko ibivugwa mu gisomwa ari ivy’ukuri be n’uko hakoreshejwe imvugo yumvikana kandi itataye igihe. *

Urwo rwego ruca rurungikira ico gisomwa imigwi amajana y’abahinduzi iri hirya no hino kw’isi. Benshi muri bo usanga baba ahantu havugwa ururimi bahinduramwo, akaba ari na ho bakorera. Nka bose bahindura mu rurimi bonse. Bategerezwa kuba batahura neza icongereza be n’ururimi bahinduramwo.

Neza na neza abahinduzi bakora gute?

Geraint, umuhinduzi akorera mu Bwongereza, avuga ati: “Kubera yuko dukorera mu mugwi, gukorana neza birahambaye cane. Turigira hamwe ingene twotorera umuti ibintu bigoye guhindura. Ntiduhindura ijambo rimwerimwe, ahubwo duhindura imigwi y’amajambo. Turiyumvira twitonze insobanuro yayo n’intumbero yayo, tukagumiza ku muzirikanyi abo ikiganiro kimwekimwe cose kigenewe.”

Intumbero y’umuhinduzi ni iyihe?

“Intumbero yacu ni uko umusomyi abona ko ico gisomwa categuwe mu rurimi rwiwe, ntiyumve ko cahinduwe gikuwe mu rundi rurimi. Ku bw’ivyo, turagerageza gukoresha imvugo ya misi yose. Ivyo bituma umusomyi asoserwa n’ico gisomwa, agaca aguma agisoma nk’aho yoba ariko yihereza udufungurwa turyoshe cane.”

Kuba ahantu havugwa ururimi uhinduramwo birimwo akarusho akahe?

“Birafasha cane. Imisi yose turumva ingene abantu bavuga ururimi duhinduramwo. Vyongeye, igihe tuganira n’abantu turashobora gusuzuma ko amajambo dukoresha amenyerewe, ko atahurika be n’uko aryoheye ugutwi. Ivyo biradufasha guserura neza iciyumviro kiri mu congereza.”

Igikorwa canyu gitunganijwe gute?

“Igisomwa ico ari co cose gihindurwa n’umugwi w’abahinduzi. Ubwa mbere, umwe wese arasoma igisomwa co mu congereza kugira agitahure neza, amenye uburyo canditse n’abo kigenewe. Turibaza duti: ‘Intumbero y’iki kiganiro ni iyihe? Iciyumviro nyamukuru kirimwo ni ikihe? Kinyigishije iki?’ Ivyo biratuma tubona ibintu bitandukanye bizodufasha tumaze gutangura igikorwa co guhindura.

“Ubukurikira, abo batatu baca baganira ivyo bashitseko, umwe wese akagira ico yigiye kuri mugenziwe. Turibaza duti: ‘Twoba dutahura neza iki gisomwa? Twobigenza gute kugira dushikirize ivyiyumviro nk’uko vyashikirijwe mu gisomwa c’icongereza?’ Intumbero yacu ni ugutuma abasoma igisomwa twahinduye biyumva nk’uko nyene abagitunganije bipfuza ko biyumva.”

Abagize uwo mugwi bakorana gute?

“Intumbero yacu ni uko umusomyi aca atahura igisomwa agisomye irya mbere. Kugira tubishikeko, agace kose duhinduye turagasoma n’ijwi ryumvikana incuro nka zingahe.

“Umwe aza arandika kuri orodinateri yiwe igisomwa cahinduwe, abandi bagakurikira kuri orodinateri zabo. Turasuzuma ko ata ciyumviro cakuwemwo canke congewemwo. Vyongeye, turatosora igisomwa, tukaraba ko hakoreshejwe imvugo imenyerewe, ko amajambo yanditse neza be n’uko indimburo yubahirijwe. Umwe aca asoma n’ijwi ryumvikana agace duhejeje guhindura. Bishitse agatsitara, turarondera kumenya igituma. Duhejeje guhindura ikiganiro cose, umwe aca agisoma n’ijwi ryumvikana, abandi na bo bakaza barandika aho bumvise akagorane.”

Numva ari igikorwa kitoroshe!

“Aho ntubeshe! Umusi uhera twasanzaye. Bukeye turasubira gucisha amaso muri ca gisomwa, twaruhutse mu mutwe. Haheze indwi nka zingahe, Urwego nshingwayandika ruraturungikira ivyaryohowe mu gisomwa c’icongereza. Duca dusubira tugasoma ca gisomwa cacu maze tukaryohora ibikenewe.”

Ubuhinga bwa orodinateri bubafasha gute?

“Orodinateri ziradufasha ariko ntizishobora gusubirira abantu. Ivyabona vya Yehova baratunganije ibikoresho bituma igikorwa cacu coroha. Kimwe muri ivyo bikoresho ni kazinduzi yo muri orodinateri dushiramwo amajambo n’imvugo dukunze gukoresha. Hariho na porogarama irimwo ibintu vyose tumaze guhindura mu rurimi rwacu, ikaba idufasha kubona ingene twagiye turahindura amajambo amwamwe.”

Mubona gute igikorwa murangura?

“Tubona ko ari nk’agakemanyi duha abantu. Ni co gituma twipfuza kugashishira neza. Turahimbarwa cane twibutse ko umuntu ashobora gukorwa ku mutima n’ikiganiro co mu kinyamakuru canke co kuri internet, bigatuma aryohora ubuzima bwiwe.”

Igikorwa kivamwo ivyiza biramba

Abantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi barungukira ku bitabu vy’Ivyabona vya Yehova biri mu rurimi bonse. Impanuro nziza ziri mu bitabu vyabo, mu mavidewo yabo no ku rubuga rwabo jw.org zishingiye kuri Bibiliya. Kanatsinda, ico gitabu ceranda ni co kitubwira ko Yehova Imana yipfuza ko abantu bo mu ‘mahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose’ bumva ubutumwa bumwerekeye.Ivyahishuwe 14:6. *

^ ing. 4 Igisomwa gitegurwa mu congereza.

^ ing. 25 Ja kuri www.mt711.com kugira usome, urabe canke wumvirize ibintu vyasohowe mu rurimi rwawe no mu zindi ndimi amajana.