Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Ukuntu ibiruka bimeze

Ukuntu ibiruka bimeze

IBIRUKA (inzu z’ibifyera), bituma ibifyera bishobora kuba ahantu hagoye cane mu nda y’ikiyaga, bikabirinda ibintu bikomeye cane vyobigirira nabi. Ubwo bushobozi ivyo biruka bifise ni bwo bwatumye abahinga batohoza neza imero yavyo n’ingene bikozwe. Bipfuza guhingura imodoka zishobora gukingira abazigenderamwo no kwubaka inzu zokingira abazibamwo.

Rimbura iki kintu: Abo bahinga baragize ubushakashatsi ku biruka vyiyugara bikiyugurura nka kurya kw’umunwa be n’ibiruka bimeze nk’ibihotoye.

Ku bijanye n’ivyo vyiyugara bikiyugurura, abahinga basanze imihiro yavyo ikevya inguvu z’ikintu kiba kibifyonze zikaja aho ibipande vyavyo bibiri bihurira no ku mibari. Ivyo bindi bimeze nk’ibihotoye, kubera iyo mero yavyo bica bikebereza izo nguvu amaja hagati kuduga gushika ku ruhande rwavyo rwagutse cane. Ivyo biruka vyose bikebereza izo nguvu ku bihimba vyavyo bikomeye gusumba ibindi, gutyo bigakingira igifyera kiba kiri indani.

Vyongeye abahinga barapimye ubukomezi bw’ibiruka nyavyo babugereranya n’ubw’ibintu bahinguye bimeze nk’ibiruka. Basanze ibiruka nyavyo bihanitse kandi bikomeye gusumba ibihingurano.

Ku bijanye n’ingene ivyo bintu bubuye vyokoreshwa, ikinyamakuru kimwe cavuze giti: “Umusi twatanguye kunyonga imodoka ifise imero y’ikiruka, izoba yisa ishoboye no gukingira abayirimwo.”

Uvyibazako iki? Ukwo kuntu ibiruka bimeze coba ari ikintu ciyadukije? Canke hari uwagikoze?