Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwaguke mu guhitamwo abagenzi

Niwaguke mu guhitamwo abagenzi

Ingorane

Iyo tutiyegereje abo twiyumvira nabi biratuma turushiriza kubinuma. Vyongeye, igihe abagenzi bacu ari abo tumeze kumwe gusa, turashobora kwibwira ko ivyo twiyumvira, ukuntu twiyumva be n’ingene dukora ibintu ari vyo vyonyene bibereye.

Ico Bibiliya ivuga

“Nimwaguke.”​—2 ABAKORINTO 6:13.

Bisobanura iki? Ukwo “kwaguka” ni ukwaguka mu mutima, ni ukuvuga mu kuntu twiyumvamwo abandi. Nimba twiyumvamwo abo tumeze kumwe gusa, umutima wacu uca waga canke ugatimba. Kugira twirinde iyo ngorane, dukwiye kwama twiteguriye kugiranira ubugenzi n’abafise ivyo dutandukaniyeko.

Ingene kwaguka bidufasha

Igihe turondeye kumenya neza ivyerekeye abandi turatahura igituma badakora ibintu cokimwe natwe. Uko turushiriza kubiyumvamwo, turagera aho twibagira ko batandukanye natwe. Turarushiriza kubaha agaciro maze tugasangira ibibanezera n’ibibabaza.

Rimbura ivyashikiye Nazaré, uwigeze kuba yinuba abimukira. Arasigura icamufashije gutsinda ako gatima ati: “Naramarana umwanya nabo, ngakorana nabo. Nariboneye abantu muri bo bari batandukanye cane n’ingene bavugwa mu kibano. Iyo ugiraniye ubugenzi n’abantu mudasangiye imico kama uririnda kubona ko bose bameze kumwe maze ukarushiriza kubakunda no kubaha agaciro umwumwe wese ukwiwe.”

Ico wokora

Nurondere uturyo two kuyaga n’abantu mudasangiye igihugu, ubwoko canke ururimi. Woshobora

  • Kubasaba ngo bagire ivyo bakubwiye ku biberekeye.

  • Kubatumira kugira musangire ibifungurwa.

  • Kubatega yompi igihe bakuyagira ibijanye n’ubuzima bwabo, uce urondera kumenya ivyo babona ko bihambaye.

Niwagerageza gutahura ivyo baciyemwo be n’ingene vyagize ico bikoze ku kuntu bameze, woshobora kubakunda ugakunda n’ab’iwabo.