Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 TWISUNZE BIBILIYA

Akabonge

Akabonge

Akabonge ni iki?

“Nataye umutwe, nagondamye bihebuje; ngendagenda nijiriwe bukarinda bwira.”Zaburi 38:6.

ABASHAKASHATSI BABIVUGAKO IKI?

Naho bishika twese tukagira umubabaro, uwurwaye akabonge wewe aba afise ingorane y’amagara ibandanya ituma amererwa nabi kandi igahungabanya ubuzima bwiwe. Ico twomenya co ni uko abahinga bose badahuza ku co bita umubabaro usanzwe n’ico bita kurwara akabonge. Ariko rero ico twovuga tutihenze ni uko abantu bamwebamwe bagira umubabaro ukomeye, rimwe na rimwe bakumva mbere ata co bamaze kandi bakiyagiriza cane.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Bibiliya iravuga abagabo be n’abagore benshi vyashitse baragira umubabaro. Nk’akarorero, Hana yarigeze kwumva “adundumiwe mu mutima.” Ayo majambo izindi Bibiliya ziyahindura ngo “avunitse umutima” canke ngo “atuntuye cane.” (1 Samweli 1:10) Igihe kimwe umuhanuzi Eliya yaragize intuntu gushika n’aho asaba Imana ngo imukureho!1 Abami 19:4.

Abakirisu bo mu kinjana ca mbere baremeshejwe “[kuyagisha] abadendebukiwe n’ijwi ryirura.” (1 Abatesalonika 5:14) Igitabu kimwe kivuga ko “abadendebukiwe” bashobora kuba abantu “bamara igihe kinaka barengewe n’amaganya yo mu buzima.” Biragaragara yuko abagabo be n’abagore b’abizigirwa ku Mana bo mu bihe vya Bibiliya na bo nyene vyashika bakadendebukirwa.

 Akabonge kavuye he?

“Ivyaremwe vyose biguma binihira hamwe kandi bikababarira hamwe.”Abaroma 8:22.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Bibiliya yigisha yuko turwara kubera ubugarariji bw’umugabo n’umugore ba mbere. Nk’akarorero, muri Zaburi 51:5 havuga hati: “Navyariwe mw’ikosa mu bubabare bwo kwibaruka, kandi mawe yansamiye inda mu gicumuro.” Vyongeye, mu Baroma 5:12 hasigura yuko “igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe [ni ukuvuga wa muntu wa mbere Adamu] urupfu na rwo rukazanwa n’igicumuro, gutyo urupfu rugakwira ku bantu bose kuko bose bari baracumuye.” Kubera ko Adamu yaturaze akanenge, twese turarwara, haba ari ku mubiri canke mu mutima. Bibiliya ivuga yuko ivyo bituma “ivyaremwe vyose biguma binihira hamwe kandi bikababarira hamwe.” (Abaroma 8:22) Ariko iratanga n’icizigiro ata muganga n’umwe ashobora gutanga. Ico cizigiro kijanye n’umuhango Imana itanga w’isi nshasha y’amahoro, aho indwara zose zizoba zavuyeho, ushizemwo n’akabonge.Ivyahishuwe 21:4.

Wokora iki igihe ufise akabonge?

“Yehova ari hafi y’ab’umutima umenetse; kandi abajanjaguritse mu mutima arabakiza.”Zaburi 34:18.

KUBERA IKI WOVYITAHO?

Kubera ko hari ibintu udashobora guhindura mu buzima bwawe canke ngo ubibuze gushika, ibintu bibabaje bitegerezwa kugushikira rimwe na rimwe. (Umusiguzi 9:11, 12) Naho ari ukwo, hariho ibintu ushobora gukora kugira ngo ntiwame warengewe n’umubabaro.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Bibiliya iravuga yuko abarwaye bakenera umuganga. (Luka 5:31) Nimba rero uhora ugira intuntu ikomeye, ntivyoba ari bibi ugiye kwa muganga. Bibiliya irerekana kandi ko isengesho rihambaye cane. Nk’akarorero, muri Zaburi 55:22 havuga hati: “Terera umuzigo wawe kuri Yehova ubwiwe, na we ubwiwe azogushigikira. Ntazokwigera yemera ko umugororotsi anyiganyiga.” Isengesho si ikintu gusa gituma twumva tumerewe neza; ni ukuganira koko na Yehova Imana, umwe aba “hafi y’ab’umutima umenetse.”Zaburi 34:18.

Ikindi kintu gishobora kugufasha ni ukubwira umugenzi somambike ukuntu wiyumva. (Imigani 17:17) Icabona ca Yehova umwe yitwa Daniela avuga ati: “Hari umuntu dusangiye ukwemera yandemesheje kugira uwo mbwiye ibijanye n’akabonge nari mfise. Naho nari namaze imyaka itari mike nirinda kugira uwo ndabibwiye, sinatevye kubona ko ari vyo nyene nari nkeneye kugira. Maze kubigira, naratangajwe cane n’ukuntu vyanduhuriye.”