Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | INGENE WOVYIFATAMWO USHIKIWE N’IVYAGO

Ukubura uwawe

Ukubura uwawe

Ronaldo wo muri Brezile yaragize isanganya ry’umuduga ari kumwe n’abo mu muryango wiwe, batanu muri bo barapfa, harimwo se na nyina. Avuga ati: “Maze amezi abiri mu bitaro ni ho namenya ko iryo sanganya ryabahitanye.

“Mu ntango, sinashobora kwumva ko bari bapfuye. Naribwira nti: ‘Bose? Ntibishoboka!’ Maze kubona ko ari vyo, naratuntuye. Sinari bwigere ngira umubabaro nk’uwo. Mu misi yakurikiye, numva umengo kubaho nta co bimaze tutari kumwe. Naramaze amezi nza ndarira buri musi! Nariyagiriza kubona nararetse uwundi akaba ari we atwara nya muduga. Nibwira yuko kumbure baba bakiriho iyo ndawutwara.

“Ubu haraheze imyaka 16. Ubuzima bwarabandanije, ariko urupfu rwabo rubabaje rwaransizemwo imvune mu mutima n’ubu itaramperamwo.”

INGENE WOVYIFATAMWO

Nuririre uwo wabuze. Bibiliya ivuga ko hariho “igihe co kurira.” (Umusiguzi 3:1, 4) Ronaldo avuga ati: “Igihe cose naba numva ngomba kurira, naca ndira. Kwigumya ngo sindire nta co vyari kumfasha, kandi mpejeje kurira naca numva nduhutse.” Ariko ntiwumve, abantu bose ntibatuntura kumwe. Nimba rero intuntu ufise utayigaragaza, ntibisobanura ko utababaye canke ko utegerezwa kurira vyanka vyakunda.

Ntiwigunge ukwa wenyene. (Imigani 18:1) Ronaldo agira ati: “Naragize akigoro ko kwirinda kwikumira. Abantu baraza kundaba nkabakira. Vyongeye, narabwira umukenyezi wanje n’abagenzi somambike ukuntu niyumva.”

Nugume utekanye hagize uwukubwira amajambo ababaza. Nk’akarorero, hari uwokubwira ngo “Nta ngorane, ubu ariruhukiye.” Ronaldo yigana ati: “Amajambo amwamwe bambwira yo kumpoza yarambabaza.” Aho kuguma wiyumvira amajambo ababaza bakubwira, nukurikize impanuro nziza Bibiliya itanga igira iti: “Ntushire umutima wawe ku majambo yose abantu bovuga.”Umusiguzi 7:21.

Numenye ukuri ku bijanye n’ingene abapfuye bamerewe. Ronaldo avuga ati: “Mu Musiguzi 9:5, Bibiliya yerekana ko abapfuye batari mu mibabaro, ivyo bikaba bituma ngira amahoro mu mutima. Bibiliya yigisha kandi ko hagiye kuba izuka maze abapfuye basubire kubaho. Nca rero mbona ko abanje bapfuye ari nk’aho gusa bafashe urugendo, bakaba bazogaruka.”Ivyakozwe 24:15.

Wari ubizi? Bibiliya isezerana ko hazogera igihe Imana ‘ikamira urupfu miyonzwa gushitsa ibihe bidahera.’ *Yesaya 25:8.