Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Icofasha abantu gusubiza hamwe

Icofasha abantu gusubiza hamwe

Frank na Jerry bari ababanyi beza. Ariko umusi umwe Jerry yaragize umusi mukuru ijoro ryitereye. * Igihe Frank yidoga ku bijanye n’urwamo rw’uwo musi mukuru, Jerry yarashavujwe cane n’ukuntu Frank abimubwiye, baca batangura guterana amajambo. Kuva uwo musi nta wari agishaka kubona uwundi.

FRANK na Jerry bagize ingorane ishikira bose. Igihe abantu babiri bagize ico bapfa, kenshi batandukana bashavuye, kumbure umwe wese akagenda ata ikosa ku wundi. Bigumye ukwo, ubugenzi bwabo bwoteba bugahagarara.

Ikintu nk’ico gishobora kuba kimaze kugushikira. Nimba caragushikiye, bishobora kuba bitaguhimbaye. Nkako, benshi muri twebwe turipfuza kubana n’abagenzi bacu be n’ababanyi bacu mu mahoro no mu mwumvikano. None ivyo twobishikako gute naho ata zibana zidakomanya amahembe? Twoba dushobora kurengera inyifato zitabereye be n’ishavu igihe hari uwutubabaje? Twotunganya gute ingorane dufitaniye n’abandi mu mahoro?

Rimbura ingorane Frank na Jerry bagiraniye. Twovuga ko ubugenzi bwabo bwatanguye gutituka kubera ko bavyifashemwo nabi mu buryo butandukanye: Ubwa mbere, Jerry ntiyiyumviriye Frank. Ubwa kabiri, Frank yaseruye akababaro kiwe mu buryo bwababaje Jerry. Ubwa gatatu, bompi baratwawe n’ishavu. Ubwa kane na ho, bompi baradadaje.

Ariko rero, abo bagabo babiri bahavuye bisubirako. Barashize ku ruhande ivyo bapfa maze barasubiza hamwe. Ni ibiki vyabafashije gusubiza hamwe? Bashize mu ngiro ingingo ngenderwako ngirakamaro zo muri Bibiliya. Zarafashije abantu benshi bagiraniye ingorane yamara ubugenzi bwabo burabandanya, buranarushiriza gukomera.

Izo ngingo ngenderwako ziri mu gitabu gikwiragiye kw’isi gusumba ibindi vyose, na co kikaba ari Bibiliya. Bibiliya iraturemesha gutsimbataza kamere zituma haba amahoro zikongera zikavura igikomere umuntu afise ku mutima. Zimwe muri zo ni ugutahura, ubuntu, ugutahura kwimbitse, urukundo no kwiyumanganya.Imigani 14:29; 1 Abakorinto 13:4, 5.

 Frank na Jerry ni uburorero bubiri gusa bwerekana ububasha Bibiliya ifise bwo gutuma abantu bahinduka bakamera neza. Hariho n’abandi benshi Bibiliya yafashije, ushizemwo n’abantu batsinze inyifato zitabereye zari zarabatsimbatayemwo cane. Nk’akarorero, uwitwa Robert wo muri Ostraliya yaratsinze ishavu rikaze yari afise. Nelson wo muri Timor oriental na we yarikuyemwo urwanko rukomeye yamaze igihe kirekire afise maze uwahoze ari umwansi wiwe asigara ari umugenzi ashika. Bibiliya yafashije gute Robert na Nelson? Ikinyamakuru Be maso! carabibabajije.

IKIGANIRO CA 1

ROBE, wotubwira ivyerekeye kahise kawe?

Nakuriye mu muryango urimwo ingorane. Nk’akarorero dawe yari inkazi, akaba yarankubita kenshi. Rimwe na rimwe, yansiga ndiko ndava amaraso, nataye ubwenge. Ivyo vyatumye ndushiriza kugira ishavu no kuba inkazi. Nkiri umuyabaga, naramaze imyaka ibiri mw’ishure rigorora inkozi z’ikibi. Mu nyuma narakubise umuntu bimwe bibi, nca nduhukira mw’ibohero ripfungirwamwo inkozi z’ikibi zananiranye. Igihe narekurwa, naciye nimukira muri Ostraliya kugira ndabe ko notangura ubuzima bushasha.

Robert yakuze ari umuntu ashavura cane kandi w’inkazi, akaba mbere yarigeze gupfungwa

None ukwo kwimuka kwoba kwaragufashije guhinduka?

Ahanini icatumye mpinduka si ukwimuka ahubwo ni uko niganye Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Yamara, vyari bikingora gucungera ishavu ryanje kandi vyarashika kenshi nkavunika umutima, nkumva ata co maze. Umusi umwe narazirikanye ku majambo yo mu Imigani 19:11 agira ati: “Ugutahura kwimbitse kw’umuntu ntikubura guhwamika ishavu ryiwe; kandi kwirengagiza ikigabitanyo ni ubwiza kuri we.” Kubera ko nipfuza kugira ukwo gutahura kwimbitse, naciye ntangura kuza ndazirikana ku mvo zituma dukora canke tuvuga mu buryo bunaka canke twiyumva ukunaka. Ivyo vyatumye ndushiriza kuba umuntu atahura abandi, yiyumanganya kandi ababarira abandi.

Woduha akarorero?

Igihe kimwe narashavuje umugenzi ntabishaka, aca arankarira imbere y’abantu. Emwe, naramaramaye ndarya ivyatsi! Ariko naributse ko Bibiliya iduhanura iti: “Ntihagire n’umwe mwishura ikibi ku kindi.” (Abaroma 12:17) Naciye ubwo nyene nsaba ikigongwe. Uwo mugenzi amaze guturura naciye ndamwihereranya turayaga, maze ndamenya ko yari afise ingorane mu muryango. Twarasubije hamwe kandi mu nyuma yarangabiye ikoti nziza y’imvura. Iyo aka kera kavyuka ico gihe yamaramaza mu bantu, emwe ibara ryari kugwa.

Utunganya gute ingorane zo mu muryango?

Twe n’umukenyezi wanje dufise umuhungu w’imyaka 20, kandi birashika ntiduhuze nk’uko bigenda no mu yindi miryango. Mugabo Bibiliya yaranyigishije vyinshi, harimwo n’akamaro ko kuvuga ngo “mbabarira.” Biratangaje kubona ingene iryo jambo rishobora gukinga amatati canke rigasukamwo mabisi iyo umuntu arivuze bivuye ku mutima.

 IKIGANIRO CA 2

NELSON, uri umuntu amwenyura neza kandi w’umutima mwiza. Ariko umengo warigeze kuba ufise urwanko rukomeye. Ndabeshe?

Ntubeshe! Igihe nari umusore, narifatanije n’umuhari w’ivya politike warwanya Leta. Vyongeye, naranka umugambwe tutavuga rumwe warondera kwigarurira akarere kacu. Kugira ngo nshobore kurwana neza, narize ivyo guterana igipfunsi n’imigere kandi uwanshavuza wese naramukubita.

Nelson akiri umusore yarifatanije n’umuhari w’ivya politike warwanya Leta

Ni igiki catumye uhinduka?

Naratanguye kwiga Bibiliya no gushira mu ngiro ivyo yigisha. Bibiri muri ivyo vyarankoze cane ku mutima. Ica mbere kivuga giti: “Ibintu vyose . . . mushaka ko abantu babagirira, namwe nyene mutegerezwa kubibagirira.” (Matayo 7:12) Ica kabiri kivuga giti: “Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.” (Matayo 22:39) Narabonye ko Ivyabona vya Yehova, ari na bo banyigisha Bibiliya, bagaragariza abandi urwo rukundo bataravye ibara ry’urukoba canke ubwoko. Naripfuza kumera nka bo kandi biboneka ko nabishitseko, kuko abo twari tuzinanye batangaye babonye ukuntu nsigaye meze. Budakeye na kabiri, bari basigaye batakintinya.

Vyoba vyarashika aka kera kakavyuka?

Vyarashika ariko ntivyashika ndi mu bantu. Mugabo rimwe na rimwe ndi muhira vyarangora gucungera ishavu. Nkako, vyarashitse rimwe ndashavura maze ndakubita umugore wanje. Ico kintu catumye nicuza cane. Ariko yaremeye kumparira, kandi ivyo vyarampaye inguvu zo kugira akigoro ko gutsinda ishavu.

Wavuze ko abantu baretse kugutinya. Woduha akarorero?

Egome. Umusi umwe narahuye n’umwe mu bantu bakomakomeye bo muri wa mugambwe tutavuga rumwe, akaba yari umugabo yitwa Augusto. Akimbona, yaciye amera magabo. Ariko naramuramukije n’igishika, ndamusaba ngo twibagire ibidutandukanya nongera ndamutumira i muhira. Yaremeye. Yaratangaye cane abonye ingene nahindutse ku buryo yahavuye na we nyene atangura kwiga Bibiliya. Ubu twe na Augusto turi abagenzi somambike tukaba n’abavukanyi basangiye ukwemera.

 “Mubane amahoro n’abantu bose”

Ibitera amatati biri kune biri gutanu. Vyongeye, si bose bakira neza utwigoro tugira two gusubiza hamwe na bo. Ni co gituma Bibiliya itanga iyi mpanuro yumvikana igira iti: “Nimba bishoboka, uko bivana namwe kwose, mubane amahoro n’abantu bose.”Abaroma 12:18.

Abantu bavuzwe muri iki kiganiro ni ikimenyamenya cerekana ko ubukerebutsi dusanga muri Bibiliya ari ngirakamaro vy’ukuri. Igihe twemeye ngo budufashe, turashobora guheba inyifato zitabereye “[z]ihamangiye” ni ukuvuga zashinze imizi muri twebwe. (2 Abakorinto 10:4) Ku bijanye n’ubwo bukerebutsi, mu Migani 3:17, 18 havuga hati: “Inzira zabwo ni inzira zuzuye ubwiza, kandi amabarabara yabwo yose ni amahoro. Ni igiti c’ubuzima ku babucakira, kandi ababugumya ni abo kwitwa abahirwe.”

Nelson na Augusto ubu ni abagenzi

Woba wipfuza kurushiriza kuba umuntu ahimbawe kandi w’indemeshamahoro? Woba wipfuza kugiranira n’abandi ubugenzi burama naho bwoshikirwa n’ibintu bibuhungabanya? Niwareka Bibiliya ikakwereka ingene wobigenza, uzokwibonera ivyiza bizovamwo.

^ par. 3 Si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.