BE MASO! Munyonyo 2014 | Ni ibiki vyotuma uhimbarwa mu buzima?

Bibiliya irimwo impanuro zishobora gutuma uhimbarwa mu buzima. Raba uburorero bune bw’impanuro zo kwizigirwa Bibiliya itanga.

Udukuru tw’irya n’ino

Muri utwo dukuru harimwo utwerekeye: umugambi igihugu ca Équateur cahevye wo gukingira ikibira, ingene bigoye kubona umugera wa SIDA mu maraso, abahukana muri Ostraliya barwanira ibikoko batunze.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ni ibiki vyotuma uhimbarwa mu buzima?

Bibiliya yoba vy’ukuri ishobora kugufasha kubaho uhimbawe mu buzima? Iki kiganiro kiraca irya n’ino ibintu bine vyo muri Bibiliya vyogufasha vy’ukuri.

Imigende y’Abaroma—Igikorwa c’ubuhinga bw’agatangaza

Kubera iki Abaroma ba kera bubatse imigende y’amazi? Kubera iki twovuga ko iyo migende yari yubatswe ku buhinga bukomeye?

ICOFASHA UMURYANGO

Igihe umwana wawe abeshe

Wokora iki igihe umwana wawe abeshe? Iki kiganiro kiraca irya n’ino impanuro zogufasha kwigisha umwana wawe akamaro ko kuvuga ukuri.

INKURU Y’UBUZIMA

Nararonse icizigiro ngeze habi

Igihe Miklós Aleksza yari afise imyaka 20, yaragize isanganya aramugara. Bibiliya yamufashije gute kuronka icizigiro nyakuri ku bijanye na kazoza?

TWISUNZE BIBILIYA

Isuku be n’ukudahumana

Raba impanuro nziza Bibiliya itanga zafashije abantu benshi cane kubaho bamerewe neza, bafise n’amagara meza.

“Ikimenyetso gikomeye kandi giteye agahinda”

Kubera iki inyubakwa yo mu gisagara ca Hiroshima mu Buyapani, yasambuwe mu 1945 itigeze isanurwa? Raba ivyerekeye iyo nyubakwa idasanzwe n’isano bifitaniye n’ivyo Bibiliya isezerana ku bijanye na kazoza.

Ibindi usanga kuri internet

Kubera iki nkwiye gufasha abandi?

Gukorera abandi ivyiza birakugirira akamaro n’imiburiburi mu buryo bubiri. Ubwo buryo ni ubuhe?

Abakiri bato baravuga ibijanye n’amahera

Raba impanuro zijanye no kuziganya amahera, kuyakoresha no kuyabona mu buryo bubereye.