Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Malariya

Malariya

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu rivuga ko mu 2013 abantu barenga imiliyoni 198 bafashwe na malariya be n’uko abashika 584.000 bahitanywe na yo. Abarenga 460.000 muri abo yahitanye bari abana bari munsi y’imyaka itanu. Iyo ndwara irabangamiye ibihugu vyababa ijana kw’isi, ivyo bikaba bisobanura ko abantu nka 3.200.000.000 bageramiwe.

1 MALARIYA NI IKI?

Malariya ni indwara iterwa n’imigera. Mu bimenyetso vyayo harimwo ubushuhe, kujugumira, kubira icuya, kumeneka umutwe, kubabara mu ngingo, iseseme no kuyorwa. Rimwe na rimwe ibimenyetso vyoshobora kwigaragaza uko haciye amasaha ari hagati ya 48 na 72, bivanye n’ubwoko bw’umugera be n’igihe umuntu awumaranye.

2 MALARIYA IKWIRAGIRA GUTE?

  1. Imigera ya malariya (bita plasmodium) yinjira mu maraso y’umuntu igihe ariwe n’umubu w’ingoregore bita anophèle.

  2. Iyo migera irateba igashika mu gitigu c’uwo muntu igaca igwirirana.

  3. Igihe kamwe mu duhimba dutoduto tugize igitigu kamenetse, gaca karekura iyo migera, na yo igaca itera utugingo dutukura tw’amaraso y’uwo muntu. Ishitseyo ica ibandanya kugwirirana.

  4. Igihe kamwe muri utwo tugingo dutukura kamenetse, gaca karekura iyo migera, na yo igaca itera utundi tugingo.

  5. Ivyo birabandanya gutyo gutyo. Mu bisanzwe umurwayi agaragaza ibimenyetso vya malariya igihe cose akagingo gatukura k’amaraso kamenetse.

3 WOYIKINGIRA GUTE?

Nimba uba mu gihugu kigwiriyemwo malariya . . .

  • Nukoreshe umusegetera. Ukwiye kuba

    • urimwo umuti wica imibu.

    • udatobotse.

    • usobetse neza mu matela.

  • Nupompe mu nzu imiti yica imibu.

  • Nimba bishoboka, nushire utuyungiro ku miryango no ku madirisha kibure ukoreshe vya vyuma bitanga ubukanye canke akayaga, ivyo bikaba bishobora gutuma imibu itinjira.

  • Niwambare impuzu zifise amabara akeye zipfuka neza umubiri.

  • Nimba bishoboka, niwirinde ahantu hari udushamba kuko usanga hari imibu myinshi, be n’ahantu hari ibidengeri kuko ari ho irondokera.

  • Igihe ufashwe na malariya, nunyarukire kwa muganga.

Nimba utegekanya kuja mu gihugu kigwiriyemwo malariya . . .

  • Nubaze amakuru imbere yo kugenda. Umugera wa malariya ugwiriye mu karere kamwe woshobora kuba utandukanye n’uwugwiriye mu kandi. Ivyo bituma n’imiti ikoreshwa itandukana. Vyongeye, vyoba vyiza ubajije umuganga ibintu wokwirinda bivanye n’uko amagara yawe ameze.

  • Umaze gushikayo, nukurikize impanuro zo muri iki kiganiro zifasha abantu baba mu gihugu kigwiriyemwo malariya.

  • Ufashwe na malariya, nunyarukire kwa muganga. Niwibuke ko ibimenyetso vya malariya bishobora kwigaragaza haciye indwi imwe canke zine uyanduye.