Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

TWISUNZE BIBILIYA

Ubukene

Ubukene

Naho abantu bagerageza uko bashoboye kwose kurwanya iyo ngorane, kw’isi hariho abantu amamiliyoni babayeho mu bukene.

Umukene yoba ashobora guhimbarwa?

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Abantu benshi bemera ko kugira umuntu ahimbarwe canke yumve ko hari ico amaze bisaba ko aba atunze. Bavuga kandi ko ukuroranirwa nyakuri kuvana ahanini n’amahera umuntu afise. Ngo kubera ko abakene ata buryo bafise bwo kuja mu mashure, kwivuza neza canke kwironsa ibindi vyobagirira akamaro, ntibashobora guhimbarwa mu buzima.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Bibiliya yerekana ko agahimbare nyakuri katavana n’ivyo umuntu atunze ahubwo kavana n’ubucuti afitaniye n’Umuremyi wiwe. Bibiliya ivuga iti: “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu.” (Matayo 5:3) Abazi ko bakeneye kwiyegereza Imana, baba batunze canke bakenye, bararondera kumenya ivyo yiyumvira ku bintu binaka maze bakamenya ukuri kwo muri Bibiliya gushobora kubahumuriza kukanatuma bagira amahoro yo mu mutima. Ivyo ni vyo bituma umuntu ahimbarwa vy’ukuri.

Abatahura bakongera bagakurikiza impanuro Bibiliya itanga barashobora kuvyifatamwo neza mu bukene. Nk’akarorero, impanuro Bibiliya itanga ziremesha abantu kwamirira kure ingeso mbi nko kunywa itabi canke inzoga nyinshi. Izo ngeso zituma umuntu asesagura amahera kandi zirashobora gutuma asohora amahera menshi mu kwivuza.Imigani 20:1; 2 Abakorinto 7:1.

Bibiliya kandi iratugabisha ku bijanye n’ingaruka mbi zo guhahamira amaronko. (Mariko 4:19; Abanyefeso 5:3) Iyo mpanuro irashobora gufasha umuntu kwirinda gusesagura amahera mu gukina akamari canke gutsimbataza “urukundo rw’amahera,” Bibiliya ikaba ivuga ko urwo rukundo ari “umuzi w’ibibi vy’ubwoko bwose.” (1 Timoteyo 6:10) Ivyanditswe Vyeranda biduhanura biti: “No mu gihe umuntu afise umurengera, ubuzima bwiwe ntibuva ku bintu atunze.” (Luka 12:15) Muri make, amahera uko yoba angana kwose ntashobora kugura ubuzima. Gushira mu ngiro impanuro Bibiliya itanga vyovyo bituma umuntu agira ubuzima bwiza kandi agahimbarwa vy’ukuri.

Naho abakene bagwa bavyuka kugira baronke ibifungurwa, ivyambarwa n’uburaro, barashobora guhimbarwa igihe bize kubumbwa n’ivyo bafise, bakitwararika guhimbara Umuremyi wabo no kubaho bahuza n’ivyo agomba. Baratahura ko aya majambo Bibiliya ivuga ari ay’ukuri. Igira iti: “Umuhezagiro wa Yehova, emwe, uwo ni wo utungisha, kandi nta mubabaro awongerako.”Imigani 10:22.

ICANDITSWE NYAMUKURU: “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu.”Matayo 5:3.

Ubukene bwoba buzokwigera buvaho?

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Naho abantu batashoboye gukuraho ubukene, igihe nicagera Imana izohagurukira umuzi w’iyo ngorane, ni ukuvuga agatima abantu be n’intwaro zabo bafise ko kwironderera inyungu zabo gusa. (Umusiguzi 8:9) Umuremyi wacu azokuraho intwaro z’abantu zirangwa n’ubwikunzi. Ubwami bwiwe, ari yo ntwaro yiwe yo mw’ijuru, buzoronsa abantu bose bo kw’isi ivyo bakeneye. Bibiliya irerekana neza ko Umwami w’Ubwami bw’Imana azoronsa abakene ivyo bakeneye. Ivuga iti: “Azorokora umworo atabaza . . . Azokwumvira akagongwe umuntu mutoyi be n’umworo, kandi ubuzima bw’aboro azobukiza.”Zaburi 72:12-14.

Isi izohinduka Iparadizo aho abantu bose bazoba bafise uburaro n’ibifungurwa, ubukene busigare ari umugani. Mu gitabu co muri Bibiliya ca Yesaya, Imana isezeranira abasavyi bayo iti: “Bazokwubaka amazu bayiberemwo; emwe, bazotera imirima y’imizabibu birire ivyamwa vyayo. . . . Abo natoye bazokwinovora bimwe bishitse igikorwa c’amaboko yabo.” (Yesaya 65:21, 22) Aho kugabanganya intica ntikize, Yehova azoha abantu bose “inzimano y’ivyibo birunze amavuta akwiye” be n’ibindi bintu vyiza.Yesaya 25:6.

KUBERA IKI WOVYITAHO?

Kwibuka ko Imana yasezeranye isi itarimwo ubukene birereka abantu bigorewe ko Imana ibitwararika be n’uko amarushwa barimwo agiye guhera. Kuguma uhanze amaso ico cizigiro birashobora kugufasha kwihanganira ingorane ufise muri iki gihe.

ICANDITSWE NYAMUKURU: “Azorokora umworo atabaza . . . Azokwumvira akagongwe umuntu mutoyi be n’umworo, kandi ubuzima bw’aboro azobukiza.”Zaburi 72:12, 13.