Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

2 Iradufasha gutorera umuti ingorane

2 Iradufasha gutorera umuti ingorane

Hari ingorane usanga umengo zigumaho, rimwe na rimwe zikamara imyaka n’iyindi. Twoshobora gusanga zarashinze imizi tutabiciye n’ikanda. Bibiliya yoba idufasha gutorera umuti mwene izo ngorane usanga zitesha umutwe? Rimbura uturorero dukeyi.

KWIGANYIRA BIRENZE URUGERO

Uwitwa Rosie avuga ati: “Naguma mpagaritse umutima ku bijanye n’ibintu nabona ko ari agacavutu kandi atari ko biri.” None ni imirongo iyihe yo muri Bibiliya yamufashije? Umwe muri yo ni Matayo 6:34. Hagira hati: “Ntimukigere mwiganyira ku vy’ejo, kuko umusi w’ejo uzoba ufise amaganya yawo. Ububi bw’umusi umwumwe wose buramaze.” Ubu Rosie avuga ko ayo majambo ya Yezu yatumye areka kuza ariganyira ku vya kazoza. Yongerako ati: “Nari n’ingorane zikwiye ntiriwe nongerako amaganya y’ibitari bwabe canke kumbure bitokwigeze biba.”

Uwitwa Yasmine na we nyene yarumva arengewe n’amaganya. Avuga ati: “Naramara imisi mu ndwi ndira, kandi mu majoro amwamwe sinatora agatiro. Nabona ko ivyiyumviro bibi vyagomba kunyica mpagaze.” Ni icanditswe ikihe camufashije? Avuga ko ari 1 Petero 5:7, ahagira hati: “Muterere amaganya yanyu yose kuri yo, kuko ibababara.” Yasmine agira ati: “Uko igihe carengana, nagumye nsenga Yehova, na we aranyishura. Numvise umengo ni umuzigo umvuyeko. Naho bishika ivyiyumviro bibi bikagaruka, ubu ndazi ingene nca ndabigenza.”

KUBA NZOBANDABIKORA

Umukobwa umwe yitwa Isabella avuga ati: “Nibaza ko kuba nzobandabikora tubivukana, kuko na papa ni ko ameze. Ndareka gukora ibintu bihambaye kugira gusa mbe ndiruhukira canke nirabire televiziyo. Ni ingeso mbi kuko ituma urushiriza gushuha umutwe no gukora ibintu wikurayo.” Ingingo ngenderwako yamufashije iri muri 2 Timoteyo 2:15. Hagira hati: “Ukore uko ushoboye kwose ngo wishikirize Imana nk’uwemewe, umukozi atagira ikimutetereza.” Isabella avuga ati: “Sinashaka ko Yehova amaramazwa n’ivyo nkora kubera gusa nari nzobandabikora.” Ubu Isabella yararyohoye cane kamere yiwe.

Uwitwa Kelsey we avuga ati: “Naba mfise isango ntarengwa y’igikorwa, mugabo nkakirindiriza umusengonda wa nyuma. Nararira, nkabura itiro, amaganya akandenga. Sinari norohewe.” Kelsey yarungukiye ku Migani 13:16, ahagira hati: “Umunyabwenge wese azokorana ubumenyi, mugabo ikijuju kizokwiragiza hose ubupfu.” Aravuga ico yatahuye amaze kuzirikana kuri ico canditswe, ati: “Biraranga ubukerebutsi gukora ibintu ku rutonde no kubitegekanya imbere y’igihe. Ubu ndafise agatabu kama ku meza nandikamwo ivyo ntegekanya gukora, kandi karamfasha kwishingira urutonde, aho gukora ibintu ku munota wa nyuma.”

KWICWA N’IRUNGU

Kirsten yigana ati: “Umugabo wanje yarantaye, ansigira utwana tune.” None ni ingingo ngenderwako iyihe yo mu Vyanditswe yamufashije? Mu Migani 17:17 hagira hati: “Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.” Kirsten yarituye abo bafatanije gukorera Yehova. None bamufashije gute? Avuga ati: “Abo bagenzi banje barambaye hafi mu buryo bwinshi. Hari abansigira imbere y’umuryango ivyo basumye hamwe n’udushurwe. Incuro zitatu zose, hari umugwi w’abantu badufashije igihe twaba turiko turimuka. Hari n’uwamfashije kuronka akazi. Emwe, abagenzi barangumye hafi.”

Umwe Delphine twavuga na we nyene yarahuye n’ingorane y’irungu. Inyuma y’ivyago vyose vyamushikiye, yigana ati: “Nabona umengo ndi agati kari mu mazi, ndavye ukuntu abandi bose bibaniye neza. Naca numva irungu rishatse kunyica.” Icanditswe camufashije ni Zaburi 68:6, ahagira hati: “Imana ituma inyakamwe zibera mu nzu.” Avuga ati: “Nari nzi ko inzu ivugwa muri uwo murongo atari inzu nyanzu. Ariko naratahuye ko Imana ituronsa inzu yo mu buryo bw’impwemu, ni ukuvuga ahantu hatekanye vy’ukuri turonkera abagenzi b’ukuri twiyumvanamwo kandi bakunda Yehova. Ariko nari nzi ko ntashobora kwiyumvanamwo n’abandi ntabanje kwiyumvamwo Yehova. Muri Zaburi 37:4 rero haramfashije muri ivyo. Hagira hati: ‘Nusoserwe na Yehova, na we azoguha ivyo umutima wawe usaba.’”

Asozera ati: “Narabonye ko nari nkwiye kurushiriza kwiheka kuri Yehova nshikamye. Ni we mugenzi mwiza kuruta abandi bose. Naciye ngira urutonde rw’ibintu nakorana n’abandi kugira ngirane na bo ubucuti bushingiye ku rwo dukunda Imana. Narize kubona ivyiza mu bandi no kwirengagiza udusembwa twabo.”

Ariko ntiwumve, abagenzi bakunda Imana baba bakiri abanyagasembwa. Ivyabona vya Yehova baranyinyana n’ingorane zishikira n’abandi bose. Naho ari ukwo, inyigisho za Bibiliya zituma abantu bafasha abandi igihe cose bishoboka. Vyoba biranga ubukerebutsi abantu nk’abo tubagize abagenzi. Ariko none, Bibiliya yoba yodufasha no mu ngorane tudashobora gutorera umuti muri iki gihe, nk’indwara zidakira canke intuntu iterwa n’ukubura uwacu?

Kwisunga impanuro zo muri Bibiliya birashobora gutuma uronka abagenzi bakuba hafi