Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | BIBILIYA YARASIMVYE IMANGA

Yararokotse naho yashobora kubora

Yararokotse naho yashobora kubora

INTAMBAMYI: Abanditse Bibiliya n’abagiye barayimura bakunda kwandika ku mpapuro z’urufunzo no ku nshato z’ibikoko. * (2 Timoteyo 4:13) None ivyo bintu bandikako vyashobora gute gutuma Bibiliya igeramirwa?

Impapuro z’urufunzo ziranyaruka gutabuka, guseruka no gusaza. Abahinga mu vya kahise Richard Parkinson na Stephen Quirke bavuga bati: “Urupapuro rw’urufunzo haragera igihe rugashwanyagurika rukanavungagurika. Iyo umuzingo warwo ushinguwe urashobora kugwa ifira canke ukabora kubera ubukanye, iyo ubitswe mu kuzimu na ho ukaribwa n’imbeba canke utundi dukoko, canecane umuswa.” Aho impapuro z’urufunzo zimwezimwe zimariye kwuburwa, zaranyarutse gusaza kubera zashizwe ahantu hari umuco mwinshi w’izuba canke ubukanye bwinshi.

Inshato ziraramba gusumba impapuro z’urufunzo, ariko na zo nyene zirashobora kwononekara iyo zifashwe nabi canke zigashirwa ahantu hari ubushuhe, ubukanye canke umuco birenze urugero. * Inshato kandi zirageramirwa n’udukoko. Ni co gituma ivyandikano vya kera vyinshi ari gake vyaramba. Iyo rero Bibiliya isaza ikabora, ubutumwa bwayo bwari kuba buzimanganye.

INGENE BIBILIYA YAROKOTSE: Imana yasaba umwami wese wa Isirayeli ‘kwiyandikira mu gitabu ikopi y’itegeko,’ ni ukuvuga ibitabu bitanu vya mbere vya Bibiliya. (Gusubira mu vyagezwe 17:18) Vyongeye, abimuzi b’abahinga baranditse n’iminwe ivyandikano vyinshi ku buryo mu kinjana ca mbere inyuma ya Kristu, Ivyanditswe vyeranda vyaboneka mu masinagogi yose yo muri Isirayeli, mbere n’iyo catawe muri Makedoniya. (Luka 4:16, 17; Ivyakozwe 17:11) None vyagenze gute ngo ivyandikano vya kera bibe bikiriho gushika n’ubu?

Ivyandikano vy’iminwe vyubuwe ku Kiyaga c’umunyu vyaramaze imyaka amajana biri mu bikono vyari mu masenga ahantu hashushe

Umuhinga mu vy’Isezerano rishasha yitwa Philip W. Comfort avuga ati: “Abayuda barakunda kubika imizingo y’ivyanditswe mu bikono kugira bayizigame.” Biboneka ko abakirisu na bo nyene ariko bahavuye babigenza. Ni co gituma hari ivyandikano vya kera vya Bibiliya vyubuwe mu bikono, mu twumba twijimye, mu masenga no mu ntara zishushe cane.

ICO VYAVUYEMWO: Ibihimba ibihumbi n’ibihumbi vy’ivyandikano vy’iminwe vya Bibiliya biracariho, bimwe muri vyo bikaba bimaze imyaka irenga 2.000. Nta kindi gitabu ca kera gifise ivyandikano vyinshi cane kandi bimaze igihe kirekire ukuraho.

^ ing. 3 Urufunzo ni icatsi kimera mu mazi cahingurwamwo impapuro.

^ ing. 5 Nk’akarorero rya tangazo ry’ugushikira intahe y’ukwikukira kwa Amerika, ryanditswe ku rushato. Nta myaka ishika 250 ihaciye ryanditswe, ariko urwo rushato ruramaze guseruka ku buryo ritagisomeka neza.