Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

NIWIGANE UKWIZERA KWABO | DAWIDI

‘Urugamba ni urwa Yehova’

‘Urugamba ni urwa Yehova’

DAWIDI ariko aramenera mw’isinzi ry’ingabo ziriko zigenza umugongo, na we aja iyo zivuye. Ziriko zihunga urugamba kubera ubwoba. None ni igiki kiziteye ubwoba gutyo? Dawidi ategerezwa kuba yagumye yumva zivuga zataye umutwe, izina ry’umugabo umwe. Uwo mugabo wumva, ahagaze mu mwonga n’akagaye kenshi, kumbure Dawidi akaba atari bwigere abona umuntu munini ukuraho.

Uwo si uwundi ni Goliyati! Dawidi aciye atahura igituma za ngabo zimutinya cane. Ni ikigatanya c’akatabonetse, kingana umusozi wose. Naho atoba afise ibirwanisho vyiwe bidasanzwe, yopima ibilo biruta ivy’abagabo babiri baninibanini. Ariko noneho, yambaye ibirwanisho bikomakomeye, kandi ni umurwanyi akomeye cane, amenyereye urugamba. Goliyati aciye abacokora atontoma. Nuse n’uwumva urujwi rwiwe ruriko rurasamirana mu mirambi, igihe acokora ingabo za Isirayeli n’umwami wazo Sauli. Arindiriye ko hagira uwutinyuka akaja kumurwanya, maze iyo ntambara ice irangira rimwe rizima!​—1 Samweli 17:4-10.

Abisirayeli bariko baradegedwa. Umwami Sauli ni ukwo nyene. Dawidi aramenye ko haciye ukwezi ibintu ari sokwe niruze! Abafilisitiya n’Abisirayeli baguma bashamiranye, Goliyati na we akabandanya gucokora Abisirayeli uko bukeye uko bwije. Dawidi biramubabaza cane. Iyumvire ukuntu ari akamaramaza kubona umwami wa Isirayeli n’ingabo ziwe basha coba, ushizemwo na bakuru ba Dawidi batatu! Dawidi abona ko uwo mupagani Goliyati atariko amaramaza ingabo za Isirayeli gusa, ahubwo ko ariko atuka Yehova, Imana ya Isirayeli! None Dawidi ari bukore iki, narirya akiri muto? Ni ibiki dushobora kwigira ku kwizera kwa Dawidi muri kino gihe?​—1 Samweli 17:11-14.

“MUROBANUZE AMAVUTA, KUKO ARI UYU!”

Reka tubanze dusubire inyuma amezi atari make imbere y’aho. Umusi umwe ku mugoroba, Dawidi yari aragiye intama za se, ku nkike y’umusozi hafi ya Betelehemu. Yari umusore mwiza w’umuyabaga, w’inzobe, ateye igomwe kandi aciye ubwenge. Yarakunda kuvuza inanga igihe haba hatekanye. Yarakorwa ku mutima n’ubwiza bw’ivyo Imana yaremye, kandi yari umuhinga mu gucuraranga kuko yamara amasaha menshi yimenyereza. Ariko kuri uwo mugoroba, se wiwe yaramutumyeko vyihuta.​—1 Samweli 16:12.

Ashitse, yasanze se wiwe Yese ariko avugana n’umutama umwe. Yari umuhanuzi w’umwizigirwa Samweli. Yehova yari yamurungitseyo kurobanuza amavuta umwe mu bahungu ba Yese kugira ngo azosubirire umwami wa Isirayeli! Samweli yari yabonye bakuru ba Dawidi indwi, ariko Yehova amubwira ko ata n’umwe yashimye muri bo. Ariko Dawidi ashitse, Yehova yabwiye Samweli ati: “Murobanuze amavuta, kuko ari uyu!” Samweli yaciye yugurura ihembe ryarimwo amavuta adasanzwe, araheza ayasuka ku mutwe wa Dawidi, bakuruwe bose babona. Guhera ico gihe, ubuzima bwa Dawidi bwari buhindutse. Bibiliya ivuga iti: “Impwemu ya Yehova itangura gukorera kuri Dawidi kuva uyo musi.”​—1 Samweli 16:1, 5-13.

Dawidi yaremeye yicishije bugufi ko Yehova ari we yatumye anesha ibikoko

Dawidi yoba yaciye atangura guhahamira ubwo bwami? Habe namba. Yararindiriye yitonze, gushika impwemu ya Yehova imumenyesheje ko hageze yuko atangura ayo mabanga ahambaye. Mu kurindira, yibandanirije igikorwa ciwe giciye bugufi co kuragira intama. Ico gikorwa yagikorana ukwitanga cane be n’uburindutsi. Igihe kimwe, intama za se zaratewe n’intare, ikindi gihe na ho ziterwa n’idubu. Dawidi ntiyagerageje gusa kwirukana ivyo biryanyi, ahubwo yarabirwanije kugira akingire umukuku wa se. Izo ncuro uko ari zibiri, yarirahiye ivyo bikoko biteye ubwoba ari wenyene!​—1 Samweli 17:34-36; Yesaya 31:4.

Mu nyuma, Dawidi yarasubiye gutumwako. Umwami Sauli yari yumvise ukuntu Dawidi yavugangwa. Naho Sauli yari akiri umurwanyi akomeye, Yehova ntiyari akimuraba ryiza kuko atubahiriza amabwirizwa yiwe. Yehova yari yaramukuyeko impwemu yiwe, bikaba vyatuma akenshi Sauli aterwa n’impwemu mbi, iyatuma ashangashirwa, akagira umwikeko kandi agakora amabi menshi. Igihe Sauli yaba atewe n’iyo mpwemu mbi, umuziki gusa ni wo wamutururuza. Hari abasuku ba Sauli bari baramenye ko Dawidi yari umucuraranzi akaba n’umurwanyi. Sauli yaciye amutumako, kandi ntiyatevye kuba umucuraranzi wo ku kirimba iwe akaba n’uwumutwaza ibirwanisho.​—1 Samweli 15:26-29; 16:14-23.

Abakiri bato canecane barashobora kwigira vyinshi ku kwizera Dawidi yagaragaje muri ivyo bihe. Yarategekanya umwanya wo gukora ivyatuma arushiriza kwiyegereza Yehova. Vyongeye abigiranye ukwihangana, yaratsimbataje ubuhanga bwamubereye ngirakamaro kandi bwatumye ashingwa amabanga. Ariko ikiruta vyose, yaremeye kuyoborwa n’impwemu ya Yehova. Ese ukuntu ivyo ari ivyigwa bidasanzwe kuri twese!​—Umusiguzi 12:1.

‘NTIHAGIRE UMUTIMA W’UMUNTU N’UMWE UDENDEBUKA KUBERA WE’

Naho Dawidi yakorera Sauli, akenshi yarataha iwabo kuragira intama, kandi rimwe na rimwe yaramarayo igihe. Umusi umwe yaratashe, maze se wiwe amurungika kuraba bakuruwe batatu bari mu ngabo za Sauli, kugira ngo amenye ingene bamerewe. Dawidi yaragamburutse, aja kuraba benewabo ku mwonga wa Ela abashiriye ibifungurwa. Ashitseyo, ni ho yasanga ibintu vyifashe nka kumwe twabidondora mu ntango. Abafisitiya bari hakurya Abisirayeli na bo hakuno, bakagaburwa n’umwonga gusa.​—1 Samweli 17:1-3, 15-19.

Dawidi yabona ko ivyo atobisabirako. Ntiyumva ingene ingabo za Yehova Imana nzima zohunga umuntu buntu, na ho nyene w’umupagani! Dawidi yabona ko ari nk’aho Goliyati yariko acokora Yehova ubwiwe. Yaciye atangura kubwira ingabo z’Abisirayeli ko yonesha Goliyati. Eliyabu mukuru wa Dawidi ntiyatevye kwumva ivyo Dawidi yariko aravuga. Yaciye amukarira, amubwira ko yazanywe gusa no kuraba ingene inganda zitikira. Ariko Dawidi yamwishuye ati: “None nkoze iki? Mbega ntikwari ukwivugira gusa?” Dawidi yarabandanije kwemeza ko yonesha Goliyati, gushika n’aho iyo nkuru ishikira Sauli. Uwo mwami yaciye ategeka ko bamuzanira Dawidi.​—1 Samweli 17:23-31.

Ku bijanye na Goliyati, Dawidi yaremesheje umwami ati: “Ntihagire umutima w’umuntu n’umwe udendebuka [kubera] we.” Kukaba nkako, Sauli n’ingabo ziwe bari barandutse umutima kubera Goliyati. Kumbure bari bakoze ikosa ryo kwigereranya n’ico kigatanya, bakaguma babona gusa ukuntu bakigera ku mafyinga. Bararaba ibirwaninisho citwaje, bagaca babona ko kiza kubagira akaraho. Dawidi we si ko yabibona. Nk’uko tuza kubibona, kuri we iyo ntiyari ingorane. Yaciye rero yisheta kugira aje guhigura na Goliyati.​—1 Samweli 17:32.

Sawuli yamubwiye ati: “Ntushobora kuja kuri uwo Mufilisitiya kurwana na we, kuko uri agahungu gusa, na we akaba ari umurwanyi kuva mu buto bwiwe.” Dawidi yoba yari umwana koko? Habe namba. Gusa ntiyari bwagere kuja mu ngabo, kandi umuravye, ashobora kuba yaboneka ko akiri muto. Ariko yari amaze kumenyekana ko ari intwari, kandi ico gihe, ashobora kuba yari yegereje imyaka mirongo ibiri.​—1 Samweli 16:18; 17:33.

Mu gukura amazinda Sauli, Dawidi yaramwiganiye ingene yirahiye intare be n’idubu. None yariko ariyemera? Eka data. Dawidi yari azi icatumye anesha ivyo bikoko. Yavuze ati: “Yehova, we yandokoye mu vyara vy’intambwe no mu vyara vy’idubu, ni we aza kundokora mu kuboko kw’uwo Mufilisitiya.” Sauli agondojwe, yaciye amubwira ati: “Genda, Yehova ubwiwe abane nawe.”​—1 Samweli 17:37.

Woba wipfuza kugira ukwizera nk’ukwa Dawidi? Urabona ko ukwizera kwiwe kwari gufise ishingiro, aho kuba ukwo mu vyiyumviro gusa. Ivyo yari azi be n’ivyo yaciyemwo ni vyo vyatuma yizera Imana. Yari azi ko Yehova akingira abiwe abigiranye urukundo be n’uko ashitsa ivyo asezerana. Nimba twipfuza kugira ukwizera nk’ukwo, turakwiye kuguma twiga ivyerekeye iyo Mana ivugwa muri Bibiliya. Nitwabaho twisunga ivyo twiga, tuzokwibonera ko bizorushiriza gukomeza ukwizera kwacu.​—Abaheburayo 11:1.

“YEHOVA ARAGUTANGA MU KUBOKO KWANJE”

Sauli yabanje kwambika Dawidi ibirwanisho vyiwe. Vyari bimeze nk’ivya Goliyati, bikaba vyari bikozwe mu mujumpu. Yabimuhanye n’ikoti nini y’icuma, yari igizwe n’ibigaragamba vy’ivyuma bisobekeranye. Ariko Dawidi yaragerageje gutambuka avyambaye, aca asanga nta co vyomumarira. Ntiyari yarize ivy’igisoda, akaba ari co gituma atari amenyereye kwambara ibirwanisho, canecane ibirwanisho Sauli yambara, kuko yari muremure kuruta abandi bose muri Isirayeli! (1 Samweli 9:2). Yaciye avyambura vyose yiyambarira impuzu yari amenyereye, ikaba yari impuzu abungere bakunda kwambara, yari ifise aho bashira ivyo gukingira ubusho bwabo.​—1 Samweli 17:38-40.

Dawidi yaciye ahitana inkoni yiwe yo kuragira, yambara agasaho ku rutugu, afata n’umugozi wo guteresha. Uwo mugozi wo guteresha naho wasa n’uwusanzwe, cari ikirwanisho gikomeye. Wari ugizwe n’utugozi tubiri tw’urushato tureture tuboheye ku gashato gafukuye, nka kurya kw’itopito. Cari ikirwanisho kirumara ku mwungere. Yarashira ibuye muri ako gashato agaca azunguza uwo mugozi anyarutsa, hanyuma akarekura kamwe muri twa tugozi, ibuye rigaca rigenda rifise inguvu rurangiza. Ico kirwanisho cari kirumara, ku buryo rimwe na rimwe mu gisoda wasanga hariho inteko zikoresha mwene iyo migozi.

Dawidi abonye ko afise ibikwiye, yaciye anyaruka gutana mu mitwe n’umwansi wiwe. Numere nk’uwubona Dawidi ageze mu mwonga, ariko arandura utubuye dutanu twiburungushuye, asenga cane. Yaciye agenda yiruka guhangana na Goliyati!

None Goliyati amubonye, yiyumviriye iki? Bibiliya igira iti: “Atangura kumusuzugura kuko yari agahungu, kandi yari inzobe, agasa neza.” Goliyati yaciye avuga atontomwa ati: “Mbaye imbwa, aho uza kuri jewe witwaje inkoni?” Biboneka ko yabonye inkoni Dawidi yari afise mugabo ntiyabona wa mugozi wo guteresha. Yaciye avumagura Dawidi mu mazina y’imana z’Abafilisitiya, amubwira ko agire amwice maze amubagire ibisiga n’ibikoko vyo mw’ishamba.​—1 Samweli 17:41-44.

Inyishu Dawidi yamuhaye, n’ubu iracagaragara ko iranga ukwizera gukomeye. Iyumvire nawe ako gasore kariko kabwira Goliyati gati: “Uje kuri jewe witwaje inkota n’icumu n’ikobero, mugabo jewe nje kuri wewe nitwaje izina rya Yehova nyen’ingabo, Imana y’abatonze urugamba ba Isirayeli, iyo wacokoye.” Dawidi ntiyakangwa n’inkomezi z’umuntu canke ibirwanisho vyiwe. Kubera ko Goliyati yari yasuzuguye Yehova Imana, Yehova na we yagira amwereke. Nk’uko Dawidi yabivuze, “urugamba [ni] urwa Yehova.”​—1 Samweli 17:45-47.

Naho Dawidi yabona igihagararo ca Goliyati n’ibirwanisho vyiwe, ivyo ntivyamukanze. Ntiyaguye muri rya kosa Sauli n’ingabo ziwe bagwamwo. Dawidi ntiyigereranije na Goliyati. Ahubwo yagereranije Goliyati na Yehova. Goliyati yareha n’imetero 2 na santimetero 90, akaba ari we yaruta abandi bagabo bose. Ariko none yari avuze iki imbere ya Segaba w’ibiriho vyose? Mu vy’ukuri, cokimwe n’abandi bantu bose, yari nk’agahori, ako Yehova yagira afyonyore!

Dawidi yaciye yiruka amugana, atora ibuye mw’isaho yiwe, arishira muri wa mugozi wo guteresha, maze arawuzunguza gushika aho uvuza ubuhuha. Goliyati yaregereye Dawidi, kumbure ahagarara inyuma gato y’uwari amutwaje inkinzo. Uburebure bwa Goliyati bushobora kuba ari bwo bwamukwegeye, kuko uwamutwaza ibirwanisho w’uburebure bugereranye, atari gushobora kuduza inkinzo ngo akingire umutwe w’ico kigatanya. Uwo mutwe nyene ni wo Dawidi yarondera.​—1 Samweli 17:41.

Dawidi yabona ko n’umuntu w’ikigatanya ari akantu ubusa imbere ya Yehova

Dawidi yaciye arekura rya buye. Iyumvire agacerere kabaye rimaze kuguruka no kuri Goliyati ngo “tiku”! Yehova yaratunganije ibintu ku buryo Dawidi atiriwe aragereka irigira kabiri. Nya buye ryaragemye Goliyati mu ruhanga, rica ririnjira. Ca gihangange aho wakibonye! Caguye cubamye! Umwe yamutwaza inkinzo yatunzwe n’ayo yameze. Dawidi yaciye yegera ico kigatanya Goliyati, agica umutwe akoresheje inkota yaco bwite.​—1 Samweli 17:48-51.

Sauli n’ingabo ziwe baciye basubira kurema. Baciye boma inyuma Abafilisitiya n’akaruru k’intambara gakomeye. Urwo rugamba rwahavuye rugenda nk’uko nyene Dawidi yari yabwiye Goliyati, ati: “Yehova . . . arabatanga ata kabuza mu kuboko kwacu.”​—1 Samweli 17:47, 52, 53.

Muri iki gihe, abasavyi b’Imana ntibaja mu ntambara. Igihe c’ivyo cararenganye. (Matayo 26:52) Ariko rero, turakwiye kwigana ukwizera kwa Dawidi. Cokimwe na we, turakwiye kubona ko Yehova ari Imana ibaho koko, ko ari we wenyene dukwiye gukorera no gutinya. Vyoshobora gushika tukabona ko ata co dushoboye imbere y’ingorane zitwugarije, ariko rero izo ngorane ni ubusa uzigereranije n’ububasha ntangere bwa Yehova. Nitwareka Yehova akatubera Imana kandi tukamwizigira nka Dawidi, nta ngorane n’imwe izodutera ubwoba. Emwe, nta kintu na kimwe conanira Yehova!