Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingene twofasha abarwaye indwara zo mu mutwe

Ingene twofasha abarwaye indwara zo mu mutwe

BIBILIYA IVUGA ITI: “Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.”​—IMIGANI 17:17.

Ico bisobanura

Igihe umugenzi arwaye indwara yo mu mutwe twoshobora kwihebura bitagoranye. Ariko turashobora kumwereka ko tumwitwararika mu kumufasha kwihanganira iyo ndwara. Uti gute?

Ingene vyoshobora kudufasha

“[Nu]tebuke kwumva.”​—YAKOBO 1:19.

Uburyo bwiza kuruta wofasha umugenzi wawe ni ukumwumviriza igihe yipfuza kukuyagira. Si ngombwa ngo ugire ico uvuze ku kantu kose avuze. Nuze uramwitabira, kandi umwereke ko umwitwararika. Gerageza kumutahura, ntumwiyumvire ukutari kwo canke ngo umucire urubanza. Niwibuke ko ashobora kuvuga ibintu atashaka, maze mu nyuma akicuza.​—Yobu 6:2, 3.

‘Numuyagishe n’ijwi ryirura.’​—1 ABATESALONIKA 5:14.

Umugenzi wawe yoshobora kuba ahagaritse umutima cane canke akiyumvira ko ata co amaze. Umubwiye ko umukunda, birashobora kumuremesha naho woba utabona neza ivyo wovuga.

“Umugenzi nyakuri akundana igihe cose.”​—IMIGANI 17:17.

Nugire ivyo umufashije. Aho kwibaza ko uzi ingene womufasha, numubaze ico wokora. Nimba umugenzi wawe bimugora kuvuga ivyo akeneye, nugerageze kumuha iciyumviro c’ico mwokorera hamwe, nko kuja gutembera n’amaguru. Canke na ho woshobora kumubaza ko womufasha gusuma, kugira isuku, canke ikindi kintu.​—Abagalatiya 6:2.

‘Niwihangane.’​—1 ABATESALONIKA 5:14.

Hari igihe bitoshoboka ko uwo mugenzi wawe akuyagira. Numukure amazinda ko witeguriye kumutega yompi igihe cose yokwumva ko yokuyagira. Bitewe n’indwara yiwe, yoshobora kuvuga canke gukora ibintu bikubabaza. Yoshobora guhagarika ivyo mwari mwateguye gukorera hamwe canke agashavura. Numwihanganire rero wongere umutahure igihe umufasha mu vyo akeneye.​—Imigani 18:24.

Kumusaba ngo umufashe birashobora kumugirira akamaro

“Nditwararika kumubera umugenzi yokwizigira. N’igihe ntaba mbona umuti w’ingorane ziwe, nditwararika kumutega yompi. Rimwe na rimwe, aba akeneye gusa uwumutega yompi kugira yumve ko aruhutse.”​—Uwitwa Farrah, a akaba afise umugenzi arwaye indwara yo kudafungura neza, guhagarika umutima cane be n’akabonge gakomeye.

“Umwe mu bagenzi banje afise umutima mwiza kandi ni kiremesha. Yarantumiye i muhira iwe kugira dusangire ibifungurwa biryoshe cane. Kubera ko twari twisanzuye kandi turyohewe, vyaciye binyorohera kumubwira uko niyumva. Ivyo vyarandemesheje cane!”​—Uwitwa Ha-eun, akaba arwaye akabonge gakomeye.

“Kwihangana birahambaye cane. Iyo umugore wanje akoze ikintu kimbabaza, bica binyibutsa ko arwaye, ko atari ko asanzwe ameze. Ivyo bituma nirinda gushavura maze nkarushiriza kumwitwararika.”​—Uwitwa Jacob, umugore wiwe akaba arwaye akabonge gakomeye.

“Umukenyezi wanje aramfasha cane akongera akandemesha. Igihe ndengewe n’amaganya, ntiyigera ampatira gukora ikintu ntashaka. Ivyo bisobanura ko rimwe na rimwe yirinda gukora ico yipfuza cane gukora. Ndamukengurukira cane kubera ukwitanga kwiwe n’umutima mwiza afise.”​—Uwitwa Enrico, akaba arwaye indwara yo guhagarika umutima cane.

a Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.