UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Ntwarante 2017

Iyi nomero irimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 1 gushika ku wa 28 Rusama 2017.

INKURU Y’UBUZIMA

Kugendana n’inkerebutsi vyaramfashije cane

Mu myaka myinshi William Samuelson amaze mu murimo w’igihe cose, yaraciye mu bintu bishimishije be n’ibitoroshe.

Nutere iteka ababibereye

Ni bande babereye guterwa iteka, kandi kubera iki? Kubatera iteka bivamwo ivyiza ibihe?

Nugaragaze ukwizera, ufate ingingo nziza!

Hari ingingo dufata zikatugirako ingaruka ubuzima bwacu bwose. None ni igiki codufasha gufata ingingo nziza?

Nukorere Yehova n’umutima ukwiye!

Abami ba Yuda ari bo Asa, Yehoshafati, Hezekiya na Yosiya, bose barakoze amakosa. Yamara rero, Imana yabonye ko bayikoreye n’umutima ukwiye. Kubera iki?

Woba uzoshira umutima ku bintu vyanditswe?

Urashobora kugira ico wigiye ku makosa y’abandi, ushizemwo abavugwa muri Bibiliya.

Nube umugenzi igihe ubugenzi bugeramiwe

Birashobora gushika umugenzi agakenera cane gusubira ku murongo. None womufasha gute?

Izina ryo muri Bibiliya ku rwavya rwa kera

Ibipandepande vy’urwavya rumaze imyaka 3.000 vyubuwe mu 2012 vyaratangaje cane abashakashatsi. None ni igiki cabatangaje?