Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Muzoba “ubwami bw’abaherezi”

Muzoba “ubwami bw’abaherezi”

“Muzombera ubwami bw’abaherezi n’ihanga ryeranda.”KUV. 19:6.

1, 2. Uruvyaro rwa wa mugore rwakingiwe gute, kandi kubera iki?

UBUHANUZI bwa mbere dusanga muri Bibiliya burahambaye cane mu bijanye n’iranguka ry’umugambi wa Yehova. Igihe Imana y’ukuri yariko iratanga wa muhango wo muri Edeni, yavuze iti: “Nzoshira inyankane hagati yawe [Shetani] na wa mugore no hagati y’uruvyaro rwawe n’uruvyaro rwiwe.” None izo nyankane zokomeye ku rugero rungana iki? Yehova yavuze ati: “Uyo [ni ukuvuga uruvyaro rwa wa mugore] azogukomeretsa [wewe Shetani] mu mutwe, nawe uzomukomeretsa ku gitsintsiri.” (Ita. 3:15) Inyankane hagati y’inzoka na wa mugore zobaye zikomeye cane ku buryo Shetani yokoze ukwo ashoboye kwose kugira azimanganye uruvyaro rw’uwo mugore.

2 Ntibitangaje kubona umwanditsi w’amazaburi yarasemereye abwira Imana ku bijanye n’igisata yitoranirije, ati: “Ehe abansi bawe bari mu ntureka; abakwanka urunuka badugije umutwe. Bashishikara ku rwenge ikiyago cabo c’akabanga ngo bagirire nabi abantu bawe; kandi bagīra umugambi abantu bahishijwe bawe. Bavuze ngo: ‘Ingo tubazimanganye bareke kuba ihanga.’” (Zab. 83:2-4) Umuryango uruvyaro rw’uwo mugore rwokomotsemwo wategerezwa gukingirwa kugira ntuherengetere canke ngo wandure. Kugira ivyo bishoboke, Yehova yarashizeho izindi ntunganyo zemewe zotumye umugambi wiwe uranguka.

 ISEZERANO RYO GUKINGIRA RWA RUVYARO

3, 4. (a) Isezerano ry’Itegeko ryatanguye gukora ryari, kandi ni igiki ihanga rya Isirayeli ryemeye gukora? (b) Isezerano ry’Itegeko ryari rimaze iki?

3 Abakomoka kuri Aburahamu, kuri Izahaki no kuri Yakobo bararondotse baba amamiliyoni. Yehova yaciye abagira ihanga, ni ukuvuga rya hanga rya Isirayeli ya kera. Biciye kuri Musa, Yehova yaragiraniye isezerano ridasanzwe n’iryo hanga mu kuriha rya Tegeko, kandi baremeye kwisunga iryo sezerano. Bibiliya yigana iti: “[Musa] afata igitabu c’isezerano, agisomera mu matwi y’abantu. Maze bavuga bati: ‘Ivyo Yehova avuze vyose turiteguriye kubikora no kubigamburuka.’ Nuko Musa afata ya maraso, ayamijagira ku bantu, avuga ati: ‘Ng’aya amaraso y’isezerano Yehova agiranye namwe ku bijanye n’aya majambo yose.’”Kuv. 24:3-8.

4 Isezerano ry’Itegeko ryatanguye gukora mu 1513 Imbere ya Kristu ku Musozi Sinayi. Biciye kuri iryo sezerano, ihanga rya kera rya Isirayeli ryarashizwe ku ruhande riba ihanga Imana yitoranirije. Ico gihe Yehova yari abaye ‘Umucamanza wabo, uwubashingira ivyagezwe n’Umwami wabo.’ (Yes. 33:22) Kahise ka Isirayeli karerekana ibishika igihe ingingo mfatirwako zigororotse z’Imana zikurikijwe canke zirengagijwe. Kubera ko rya Tegeko ryabuza ivyo kwabirana n’abapagani be no kugira uruhara mu gusenga kw’ikinyoma, ryari rigenewe gukingira abakomoka kuri Aburahamu kugira ntibanduzwe.Kuv. 20:4-6; 34:12-16.

5. (a) Isezerano ry’Itegeko ryatuma Isirayeli ironka akaryo akahe? (b) Ni kubera iki Imana yahevye Isirayeli?

5 Vyongeye, isezerano ry’Itegeko ryarashiraho indinganizo y’ubuherezi, ikaba yari igitutu c’indinganizo ihambaye kuruta yoshizweho mu nyuma. (Heb. 7:11; 10:1) Nkako biciye kuri iryo sezerano, Isirayeli yari ifise akaryo kadasanzwe ko kuba “ubwami bw’abaherezi,” mu gihe gusa yogamburutse amategeko ya Yehova nk’uko yabisabwa. (Soma Kuvayo 19:5, 6.) Ariko rero, Isirayeli ntiyashikije ico kintu yasabwa. Aho kwakiriza yompi ukuza kwa Mesiya, we gihimba nyamukuru c’uruvyaro rwa Aburahamu, iryo hanga ryaramuteye akagere. Imana na yo yaciye iriheba.

Kuba Isirayeli yaragambaraye ntivyasobanura ko isezerano ry’Itegeko ryananiwe (Raba ingingo ya 3-6)

6. Itegeko ryaranguye uruhara uruhe?

6 Kubera ko Isirayeli yahemukiye Yehova, ntiyabaye ubwami bw’abaherezi, mugabo ivyo ntivyasobanura ko Itegeko ryananiwe. Itegeko ryari rifise uruhara rwo gukingira rwa ruvyaro no gushikana abantu kuri Mesiya. Igihe Kristu yaza maze akamenyekana uwo ari we, Itegeko ryari riranguye uruhara rwaryo. Bibiliya ivuga ko “Kristu ari we herezo ry’Itegeko.” (Rom. 10:4) Ariko rero ikibazo gica kivyuka ni iki: Ni bande none baciye baronka akaryo ko kuba ubwami bw’abaherezi?  Yehova Imana yaragize irindi sezera- no ryemewe ryo gushiraho ihanga rishasha.

IHANGA RISHASHA RIBAHO

7. Ni ibiki Yehova yari yaravuze biciye kuri Yeremiya?

7 Hagisigaye igihe kirekire ngo iryo sezerano ry’Itegeko rikurweho, Yehova yari yaravuze biciye ku muhanuzi Yeremiya yuko yogiraniye “isezerano rishasha” n’ihanga rya Isirayeli. (Soma Yeremiya 31:31-33.) Iryo sezerano ryobaye ritandukanye na rya sezerano ry’Itegeko kubera ko ryotumye abantu bashobora guharirwa ibicumuro batarinze gutanga ibimazi vy’ibitungwa. None ivyo vyoshobotse gute?

8, 9. (a) Amaraso ya Yezu yasheshwe arangura uruhara uruhe? (b) Ni akaryo akahe abari mw’isezerano rishasha baronse? (Raba ishusho itangura.)

8 Haciye imyaka amajana, Yezu yaratanguje Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba ku wa 14 Nisani mu 33 Inyuma ya Kristu. Igihe yariko avuga ibijanye n’igikombe c’umuvinyu, yabwiye za ntumwa ziwe 11 z’intahemuka ati: “Iki gikombe gisobanura isezerano rishasha hishimikijwe amaraso yanje, ayagiye guseswa ku bwanyu.” (Luka 22:20) Inkuru ya Matayo yerekana ko Yezu yavuze ku bijanye n’umuvinyu, ati: “Iki gisobanura ‘amaraso yanje y’isezerano’ agiye guseswa ku bwa benshi ku bwo kubabarirwa ibicumuro.”Mat. 26:27, 28.

9 Amaraso ya Yezu yasheshwe aremeza iryo sezerano rishasha. Ayo maraso atuma kandi dushobora guharirwa ibicumuro rimwe rizima. Yezu ntari mu bagiraniye iryo sezerano rishasha. Kubera ko atagira igicumuro, ntakeneye guharirwa. Mugabo Imana irashobora gukoresha agaciro k’amaraso ya Yezu yasheshwe ku bw’ineza y’abakomoka kuri Adamu. Irashobora kandi gukoresha impwemu nyeranda yayo kugira irobanure abantu bamwebamwe bayiyeguriye maze ikabagira “abana” bayo. (Soma Abaroma 8:14-17.) Kubera ko Imana ibona yuko batagira igicumuro, ni nk’aho bameze nka Yezu, Umwana w’Imana atagira igicumuro. Abo barobanuwe bazoba “abaraganwa na Kristu,” gutyo baronke akaryo ko kuba “ubwami bw’abaherezi.” Ako ni agateka ihanga rya Isirayeli ryagengwa n’Itegeko ryari kuronka.Ku vyerekeye “abaraganwa na Kristu,” intumwa Petero yavuze ati: “Muri ‘ubwoko bwatowe, ubuherezi bwa cami, ihanga ryeranda, igisata c’inyegu yiharijwe, kugira ngo mumenyeshe hose kamere z’agahebuza’ z’umwe yabahamagara abakuye mu mwiza akabinjiza mu muco wayo w’agatangaza.” (1 Pet. 2:9) Isezerano rishasha rirahambaye cane vy’ukuri. Riratuma abigishwa ba Yezu baba igihimba c’inyongera c’uruvyaro rwa Aburahamu.

ISEZERANO RISHASHA RITANGURA GUKORA

10. Isezerano rishasha ryatanguye gukora ryari, kandi ni kubera iki ritari bwemezwe imbere y’aho?

10 Isezerano rishasha ntiryatanguye gukora igihe Yezu yarivuga mw’ijoro rya nyuma yamaze ng’aha kw’isi. Uti kubera iki? Kugira ritangure gukora, amaraso ya Yezu yategerezwa guseswa, agaciro kayo na ko kagashikanirwa Yehova mw’ijuru. Vyongeye, impwemu nyeranda yabwirizwa gusukwa ku bobaye “abaraganwa na Kristu.” Isezerano rishasha rero ryatanguye gukora kuri Pentekoti yo mu 33 Inyuma ya Kristu, igihe abigishwa ba Yezu b’intahemuka barobanuzwa impwemu nyeranda.

11. Ni gute isezerano rishasha ryatumye Abayuda n’Abanyamahanga bashobora kuba mu bagize Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu, kandi ni bangahe bari muri ryo?

11 Naho rya sezerano ry’Itegeko hari ukuntu ryagizwe “iryataye igihe” hamwe Yehova yamenyesha biciye kuri Yeremiya yuko yogiraniye na Isirayeli isezerano  rishasha, mu vy’ukuri ryahagaze igihe isezerano rishasha ryatangura gukora. (Heb. 8:13) Igihe ryahagarara, Imana yaciye ibona kumwe Abayuda n’Abanyamahanga batagenyerewe mugabo bizera, kubera ko “ukugenyerwa [kwabo ari] ukw’umutima biciye ku mpwemu, bidaciye ku mategeko yanditse.” (Rom. 2:29) Igihe Imana yagiranira na bo isezerano rishasha, yarashize amategeko yayo “mu muzirikanyi wabo, kandi [yarayanditse] mu mitima yabo.” (Heb. 8:10) Abari mw’isezerano rishasha bose hamwe ni 144.000, bakaba bagize ihanga rishasha ari ryo “Isirayeli y’Imana,” ni ukuvuga Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu.Gal. 6:16; Ivyah. 14:1, 4.

12. Isezerano ry’Itegeko n’isezerano rishasha bitandukaniye he?

12 None isezerano ry’Itegeko n’isezerano rishasha bitandukaniye he? Isezerano ry’Itegeko ryagizwe hagati ya Yehova na Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri, isezerano rishasha na ryo rigirwa hagati ya Yehova na Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu. Musa ni we yari umuhuza mw’isezerano ry’Itegeko, ariko mw’isezerano rishasha Yezu ni we ari Umuhuza. Isezerano ry’Itegeko ryemejwe biciye ku maraso y’ibitungwa, isezerano rishasha na ryo ryemezwa biciye ku maraso ya Yezu yasheshwe. N’ikindi kandi, ihanga rya Isirayeli ryatunganijwe hisunzwe isezerano ry’Itegeko biciye kuri Musa, ariko abari mw’isezerano rishasha batunganywa biciye kuri Yezu, we Mutwe w’ishengero.Ef. 1:22.

13, 14. (a) Isezerano rishasha rifitaniye isano gute n’Ubwami? (b) Ni igiki gikenewe kugira ngo Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu ishobore gufatanya na Kristu kuganza mw’ijuru?

13 Isezerano rishasha rirafitaniye isano n’Ubwami kubera ko rituma haboneka ihanga ryeranda rifise agateka ko kuba abami n’abaherezi muri ubwo Bwami bwo mw’ijuru. Iryo hanga ni igihimba c’inyongera c’uruvyaro rwa Aburahamu. (Gal. 3:29) Isezerano rishasha rero rirakomeza isezerano Imana yagiraniye na Aburahamu.

14 Hariho uwundi muce w’Ubwami utarashirwaho. Isezerano rishasha riratuma haboneka Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu, rikanatuma abari muri ryo baba “abaraganwa na Kristu.” Ariko rero, harakenewe intunganyo yemewe ituma bashobora kwifatanya na Yezu mu Bwami bwiwe ari abami n’abaherezi mw’ijuru.

ISEZERANO RYO GUTUMA ABANDI BAFATANYA NA KRISTU KUGANZA

15. Ni isezerano irihe Yezu ubwiwe yagiraniye n’intumwa ziwe z’intahemuka?

15 Yezu ahejeje gutanguza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba, yaciye agiranira isezerano n’abigishwa biwe b’abizigirwa, rikaba rikunze kwitwa isezerano ry’Ubwami. (Soma Luka 22:28-30.) Iryo sezerano riratandukanye n’ayandi masezerano aho usanga Yehova ari mu bayagiraniye, kuko ryoryo ari isezerano Yezu ubwiwe yagiraniye n’abayoboke biwe barobanuwe. Igihe yavuga ngo “nk’uko Dawe yagiraniye isezerano nanje,” biboneka ko yariko yerekeza kw’isezerano Yehova yagiraniye na we ryo kuba “umuherezi ibihe vyose mu buryo bwa Melekisedeki.”Heb. 5:5, 6.

16. Isezerano ry’Ubwami rituma abakirisu barobanuwe bashobora gukora iki?

16 Izo ntumwa za Yezu 11 z’intahemuka zari ‘zarumiye kuri we mu bigeragezo vyiwe.’ Isezerano ry’Ubwami ryarabakuye amazinda ko bobaye bari kumwe na we mw’ijuru maze bakicara ku ntebe z’ubwami ari abami n’abaherezi. Ariko rero, izo ntumwa 11 si zo zonyene zatewe ako gateka. Yezu, uwari yaninahajwe, yarabonekeye intumwa Yohani mw’iyerekwa, amubwira ati: “Uwutsinda nzomuha kwicarana nanje ku ntebe y’ubwami yanje, nk’uko nanje nyene natsinze nkicarana na Data ku ntebe y’ubwami.” (Ivyah. 3:21) Isezerano ry’Ubwami rero Yezu arigiranira n’abakirisu barobanuwe  144.000. (Ivyah. 5:9, 10; 7:4) Iryo sezerano ni ryo rituma bashobora gutegeka bari kumwe na Yezu mw’ijuru. Twobigereranya n’umugeni yacaguwe kugira yubakane n’umwami aganza, bigaca bishoboka ko basangira ubwo bubasha bwo kuganza. Nkako, Ivyanditswe bivuga yuko abakirisu barobanuwe ari “umugeni” wa Kristu, “umwigeme w’isugi atanduye” yasezeraniwe gushingirwa kuri Kristu.Ivyah. 19:7, 8; 21:9; 2 Kor. 11:2.

NIWIZERE UBWAMI BW’IMANA UTANYIGANYIGA

17, 18. (a) Sigura ibijanye n’amasezerano atandatu twarimbuye afitaniye isano n’Ubwami. (b) Kubera iki dukwiye kwizera Ubwami tutanyiganyiga?

17 Amasezerano yose twarimbuye muri ibi biganiro bibiri arafitaniye isano n’umuce umwe canke myinshi ihambaye cane y’Ubwami. (Raba igicapo kivuga ngo “Ingene Imana izorangura umugambi wayo” mu kiganiro c’imbere y’iki.) Ivyo birerekana ko intunganyo y’Ubwami ishingiye cane ku masezerano yemewe. Turafise rero imvo zikomeye zo kwizigira duherejeko yuko Ubwami bwa Mesiya ari bwo Imana iriko irakoresha kugira itume umugambi yari ifitiye isi n’abantu mu ntango uranguka.Ivyah. 11:15.

Biciye ku Bwami bwa Mesiya, Yehova azotuma umugambi afitiye isi uranguka (Raba ingingo ya 15-18)

18 Twoba none twokekeranya ko ivyo Ubwami bukora bizotuma abantu bironkera imihezagiro yamaho? Turashobora gutangaza dushikamye yuko Ubwami bw’Imana ari wo muti rudende wamaho w’ingorane zose z’abantu, ivyo tukabigira ata gukekeranya namba. Nimuze tubwire abandi ukwo kuri tubigiranye umwete!—Mat. 24:14.