Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibintu nyamukuru vyotuma mu rugo haba agahimbare

Gutegura imiyabaga kugira ngo bazokwererwe bageze mu bigero

Gutegura imiyabaga kugira ngo bazokwererwe bageze mu bigero

“Kuganira n’abahungu banje vyahoze ari ibintu bihimbaye. Baratega ugutwi bitonze ivyo naba ndiko ndababwira, kandi ntibateba kubishira mu ngiro. Yamara ubu bageze mu buyabaga, nta kintu na kimwe duhurizako. Mbere basigaye bavyura n’inkeka ku vyerekeye imirimo dusanzwe dukora ijanye n’ugusenga. Bahora babaza bati: ‘Ubwo vy’ukuri ni ngombwa ngo twame tuganira ku bijanye na Bibiliya?’ Imbere yuko abahungu banje bashika mu buyabaga, sinigera nibaza ko ivyo vyoshikiye umuryango wanje, naho nyene nabona bishikira abandi.”​—Vyavuzwe na Reggie. a

WOBA ureze umwana w’umuyabaga? Nimba ari ukwo, uriko uribonera kimwe mu biringo bihimbaye kuruta ibindi mu bijanye n’ikura ry’umwana wawe. Ico kiringo kirashobora kandi kuba kimwe mu bitesha umutwe kuruta ibindi vyose. Woba umenyereye kubona ibintu bisa n’ibi bikurikira?

  • Igihe umuhungu wawe yari akiri muto, ntiyashaka ko muvana nka kurya kw’ubwato buzirikiye ku kivuko. Ubu amaze kuba umuyabaga, ariko ararondera guca ikiziriko ashashaye cane kwifatira urugendo n’ubwo bwato, kandi urabona ko adakeneye ko mujana.

  • Igihe umukobwa wawe yari akiri umwana, yarakubwira ibintu vyose. Ubu amaze kuba umuyabaga, yarashinze ico twokwita agashirahamwe k’abagenzi biwe, kandi ubona umenga ntiwemerewe kuba umwe mu bakagize.

Nimba ibintu nk’ivyo biriko birashika mu muryango wawe, ntiwihutire gushika ku ciyumviro c’uko umwana wawe yoba ariko araba umugarariji atakivayo. None ni igiki kiriko kiramushikira? Kugira ngo twishure ico kibazo, reka twihweze uruhara ruhambaye ikiringo c’ubuyabaga kigira mw’ikura ry’umwana wawe.

Ubuyabaga ni intambwe ihambaye

Kuva umwana akivuka no kubandanya, ubuzima bwiwe usanga bugizwe n’ukuza arakora ibintu ari bwo bwa mbere, nko gutangura gutambuka, gutangura kuvuga, gutangura kuja kw’ishure, n’ibindi vyinshi. Abavyeyi baranezerwa igihe umwana wabo ateye intambwe ihambaye. Iyo ntambwe iratanga ikimenyamenya c’ikintu abo bavyeyi baba bashashaye cane kubona, ni ukuvuga ikura ry’umwana.

Ubuyabaga na bwo nyene ni intambwe ihambaye, naho abavyeyi bamwebamwe boshobora kubona ko ari ikiringo kigoye. Ubwo bwoba bagira burumvikana. Nakare, ni sebibondo canke inabibondo uwuhe yohimbarwa no kubona umwana yahora agamburuka acika umuyabaga asaragurika? Naho ari ukwo, ubuyabaga ni ikiringo gihambaye mu bijanye n’ikura ry’umwana. Mu buryo ubuhe?

Bibiliya ivuga yuko hazogera igihe “umuntu a[ga]siga se na nyina.” (Itanguriro 2:24) Ikintu nyamukuru ubuyabaga bumarira umuhungu wawe canke umukobwa wawe, ni ukumufasha kwitegurira ico gihe usanga kirangwamwo ivyiza n’ibibi. Muri ico gihe, umwana wawe akwiye kuzoba ashoboye kuvuga nk’uko intumwa Paulo yavuze, ati: “Igihe nari uruyoya, navuga nk’uruyoya, nkiyumvira nk’uruyoya, nkazirikana nk’uruyoya; mugabo ubu ko nacitse umugabo, narakuyeho uturanga tw’uruyoya.”​—1 Abakorinto 13:11.

Ivyo nyene ni vyo umuhungu wawe canke umukobwa wawe agira mu myaka y’ubuyabaga, ni ukuvuga ko asezera uturanga tw’ubwana maze akiga kuba umuntu ageze mu bigero yitwararika ibintu, ashobora kwirwanako kandi ahumuye bihagije ku buryo yoshobora kuva iwabo. Nkako, igitabu kimwe kidondora ubuyabaga mu buryo bubabaje ko ari nko “gusezera umuntu utashaka ko mutandukana.”

Mu vy’ukuri gushika aha, iciyumviro conyene c’uko uwo ucita ngo ni agahungu kawe canke agakobwa kawe bizoshika akigenga coshobora gutuma ugira amakenga. Woshobora kwibaza uti:

  • “Nimba umuhungu wanje adashoboye gutunganya icumba ciwe, azoshobora ate kubungabunga inyubakwa yose?”

  • “Nimba umukobwa wanje adashoboye kwubahiriza amasaha yo gutahirako mu rugo, azoshobora gute kurambira mu kazi?”

Nimba ufise imyitwarariko nk’iyo, niwibuke ibi: Umwidegemvyo si urugi umwana wawe apfa gucamwo bikaba biheze; ahubwo ni ibarabara agenderamwo, kandi bisaba imyaka kugira ngo arangize urwo rugendo. Ubu, ufatiye ku vyo umaze kwibonera, urazi yuko “ubupfu buba buhambiriwe ku mutima w’umwana.”​—Imigani 22:15.

Ariko rero, umwana wawe aronkejwe ubuyobozi bubereye, birashoboka ko azova mu buyabaga agacika umuntu ageze mu bigero yitwararika ibintu, afise ‘ububasha bwo gutegera bwamenyerejwe gutandukanya iciza n’ikibi.’​—Abaheburayo 5:14.

Ibintu nyamukuru vyotuma uroranirwa

Kugira utegure umwana wawe w’umuyabaga ngo azokwererwe ageze mu bigero, urakeneye kumufasha gutsimbataza “ububasha [bwiwe] bwo kwiyumvira” kugira ngo azoshobore kwifatira ingingo zibereye. (Abaroma 12:1, 2) Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zikurikira zizogufasha kubigira.

Abafilipi 4:5: “Ukugira ibitegereka kwanyu kumenyekane.” Dufate ko umwana wawe w’umuyabaga agusavye ikintu kinaka, kumbure nko kuza arataha inyuma y’isaha yashingiwe gutahirako. Ubwo nyene uciye uvyanka. Uwo mwana wawe w’umuyabaga aciye yidoga ati: “Jewe mumfata nk’umwana!” Imbere y’uko uca usubizayo uti: “Uriko ukora nk’ivy’abana nyene,” nubanze urimbure ibi bikurikira: Abana b’imiyabaga bafise impengamiro yo gusaba umwidegemvyo urengeye uwo bashobora gukoresha mu buryo bwiza, ariko abavyeyi na bo boshobora kugira impengamiro yo gutanga umwidegemvyo muke cane kuruta uwo bari bakwiye gutanga. Vyoba bishoboka ko rimwe na rimwe wogira ivyo uza uramuhebera? Ubona gute n’imiburiburi uzirikanye ku ciyumviro umwana wawe w’umuyabaga aba aseruye?

GERAGEZA IKI KINTU: Niwandike umuce umwe canke ibiri ubona ko wokwongerezamwo kandi gato umwidegemvyo uha umwana wawe w’umuyabaga. Numusigurire yuko umuhaye uwo mwidegemvyo mu buryo bwo kumugeza. Niyawukoresha mu buryo bwiza, urashobora kuzomwongera uwundi mu nyuma. Atabigize na ho, uwo mwidegemvyo wari waramwongeye uzoca uwumwaka.​—Matayo 25:21.

Abakolosayi 3:21: “Yemwe ba se, ntimuturubike abana banyu, kugira ngo ntibavunike umutima.” Hari abavyeyi usanga bagerageza gucunga cane umwana wabo. Kugira ngo bagume bakontorora akantu kose akora, baguma bamushinze ijisho. Usanga ari bo bamuhitiramwo abagenzi kandi bakamwumviriza mu mpisho igihe haba hari umuntu amuterefonye. Mugabo ayo mayeri nta kindi ashikako atari ukwunyura ibintu. Kumucungera cane nta kindi vyoshikako atari ugutuma yumva ko yotoroka; kwama unebagura abagenzi biwe nta kindi vyoshikako atari ugutuma arushiriza kubakunda; kwumviriza mu mpisho ivyo aganira n’abagenzi biwe vyotuma ahubwo arondera ukuntu yoganira na bo mu buryo udashobora guca n’ikanda. Uko urushiriza kugerageza kumucungera, ni ko birushiriza kuba impfagusa. Vy’ukuri, niba umwana wawe w’umuyabaga atigera yiga kwifatira ingingo igihe akiri i muhira, azoshobora ate kuzifata amaze kuhava?

GERAGEZA IKI KINTU: Niwongera kuyaga n’umwana wawe w’umuyabaga ku bijanye n’ikibazo kinaka, uramufasha kuzirikana ku kuntu ingingo afata zigira ico zikoze kuri we. Nk’akarorero, aho kunebagura abagenzi biwe, numubwire uti: “Nka hamwe [vuga izina] yofatwa kubera yarenze amategeko, vyogenda gute? Vyotuma abantu bakubona gute?” Nufashe umwana wawe w’umuyabaga abone ukuntu amahitamwo agira ashobora gutuma arushiriza kuvugwa neza canke na ho agatuma avugwa nabi.​—Imigani 11:17, 22; 20:11.

Abanyefeso 6:4: “Ntimutere ishavu abana banyu, mugabo mubandanye kubarera mu kubatoza indero no mu kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze.” Imvugo ngo “kuyobora ivyiyumviro” ntiyerekeza gusa ku kuvuga ibintu bibaho koko. Isobanura kwereka umwana igituma bihambaye kugira inyifato runtu ku buryo bica bigira ico bikoze ku vyo akora. Ivyo birahambaye canecane igihe umwana wawe aba amaze kuba umuyabaga. Sebibondo umwe yitwa Andre avuga ati: “Uko abana bawe barushiriza gukura, ni ko ukwiye kurushiriza guhindura ukuntu ubatoza indero ukabafasha kuzirikana.”​—2 Timoteyo 3:14.

GERAGEZA IKI KINTU: Igihe havyutse ikibazo, nimugerageze kuguza uruhara murangura. Nubaze umwana wawe w’umuyabaga impanuro yoguha nka hamwe woba uri umwana wiwe. Numusabe agire ubushakashatsi kugira aronke imvo zishigikira canke zivuguruza iciyumviro aba atanze. Haciye indwi, nimusubire muganire ivy’ico kibazo.

Abagalatiya 6:7: “Ico umuntu abiba cose, ico ni co nyene azoshwabura.” Umwana akiri muto arashobora kwigishwa biciye ku gihano, kumbure nko mu kumurungika mu cumba ciwe canke mu kumwankira gukora ikintu akunda. Umuyabaga wewe, vyoba vyiza umufashije kubona ingaruka z’ivyo akora.​—Imigani 6:27.

GERAGEZA IKI KINTU: Ntumufashe mu kumurihira amadeni afise canke mu kumuvugira ku mwigisha wiwe kubera yuko yaronse amanuta mabi. Numureke yibonere ingaruka z’ivyo akora, maze icigwa azohigira kizomara igihe.

Kubera yuko uri umuvyeyi, ushobora kuba wipfuza ko ikiringo c’ubuyabaga coba igihe coroshe umwana wawe yocamwo ata ngorane kugira ngo ashike mu bigero. Ariko rero, ni gake cane ico kiringo kiba icoroshe muri ubwo buryo. Naho ari ukwo, ikiringo c’ubuyabaga umwana wawe acamwo kiraguha akaryo keza igitangaza ko “[ku]rera umwana wisunze inzira imubereye.” (Imigani 22:6, NW) Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ni umushinge ukomeye ushobora kwubakirako kugira ngo mu rugo harangwe agahimbare.

a Si ko yitwa.

NIWIBAZE UTI . . .

Umwana wanje w’umuyabaga niyamara kuva i muhira, yoba azoshobora gukora ibi bikurikira?

  • kugumana urutonde rudahorereza rwo kwiyigisha ivyerekeye Imana

  • kugira amahitamwo meza no gufata ingingo zibereye

  • kuyaga n’abandi mu buryo ngirakamaro

  • kwitwararika amagara yiwe

  • gukoresha neza amahera yiwe

  • gusukura no kubungabunga inzu canke inyubakwa

  • kwibwiriza gukora ibintu