Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Amakete yarungikwa gute mu bihe vya Bibiliya?

Intwarabutumwa yo mu Buperesi

Muri Leta y’Ubuperesi, amakete ajanye n’ivy’intwaro yarungikwa biciye ku rwego rwa Leta rujejwe gutwara amakete. Igitabu co muri Bibiliya ca Esiteri kiravuga ukuntu Abaperesi babigenza giti: “[Morudekayi] yandika mw’izina ry’Umwami Ahasuwerusi, adomako ikidodo akoresheje impeta y’ikidodo y’umwami, araheza arungikana izo nzandiko intwarabutumwa zo ku mafarasi, ziri ku mafarasi atwara ivyete akoreshwa mu gikorwa c’umwami, yavyawe n’amafarasi y’ingore anyaruka.” (Esiteri 8:10) No mu Nganji y’Uburoma, harakoreshwa uburyo busa n’ubwo mu kurungika amakete yerekeye ivy’intwaro n’ivya gisirikare.

Amakete y’abantu ku giti cabo, nk’amakete yanditswe n’intumwa Paulo canke abandi, ntiyatwarwa muri ubwo buryo. Mu gihe umuntu yaba ari umutunzi, yarashobora kuyarungikana umushumba. Ariko rero, akenshi amakete bayarungikana abo baba bazi canke mbere batazi baba bafashe inzira ija iyo baba bipfuza kurungika nya makete. Barashobora kuyarungikana incuti, abagenzi, abasoda canke abadandaza. Ariko rero, ikintu nyamukuru bitwararika kwari ukwiyemeza ko nyene kuyatwara yaba ari umwizigirwa be n’uko yorishikanye impundu amarembe. Bibiliya isa n’iyerekana yuko n’imiburiburi amwamwe mu makete Paulo yanditse yayarungikanye abakirisu bagenziwe baba bafashe urugendo.​—Abanyefeso 6:21, 22; Abakolosayi 4:7.

Ivyo kugura no kugurisha vyagirwa gute muri Isirayeli ya kera?

Ibishushanyo vyerekana akaguriro k’ivyamwa

Ubutunzi bw’ico gihugu wasanga buhagaze ahanini ku burimyi, ubworozi n’ugukaba ibidandazwa. Bibiliya iravuga ibijanye n’utuguriro wasanga turi ku marembo y’igisagara, nko kw’“Irembo ry’Intama,” “Irembo ry’Amafi” n’“Irembo ry’Injo.” (Nehemiya 3:1, 3; Yeremiya 19:2) Izina ry’irembo rimwerimwe ryose muri ayo risa n’iryerekana ivyahadandarizwa. Bibiliya iravuga kandi “ibarabara ry’abakora igikorwa co kwotsa” imikate ryari i Yeruzalemu, ikavuga n’ibidandazwa bitari bike.​—Yeremiya 37:21.

Tuvuge iki ku biciro? Igitabu kimwe gisigura ivya Bibiliya kigira giti: “Mu bisanzwe, ibiciro vyagiye birahindagurika mu binjana n’ibindi, bikaba rero bigoye kumenya neza igiciro ikidandazwa kanaka cari gifise mu gihe kanaka canke ahantu hanaka.” Naho ari ukwo, amakuru dusanga mu vyandikano vya kera, ushizemwo na Bibiliya, arerekana ko n’aho ha mbere ibiciro vyaza biraduga. Nk’akarorero, kera abashumba barakunda kugurishwa. Yozefu yagurishijwe ibice 20 vy’ifeza, bikaba bishoboka ko zari shekeli. Mu kinjana ca 18 B.G.C. (B.G.C. bisobanura “imbere y’igihe cacu”), ico giciro gishobora kuba ari co umushumba yagurwa muri rusangi. (Itanguriro 37:28) Haciye imyaka amajana atatu, ico kiguzi cari kigeze kuri shekeli 30. (Kuvayo 21:32) Mu kinjana c’umunani B.G.C., ico kiguzi cari kigeze kuri shekeli 50. (2 Abami 15:20) Ibinjana bibiri inyuma y’aho, ni ukuvuga mu gihe c’intwaro y’Ubuperesi, ico kiguzi caraduze kugera kuri shekeli 90 canke zirenga. Biboneka rero ko ukuduga kw’ibiciro atari ingorane yo muri iki gihe gusa.