Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ikete rivuye muri Bénin

Ibi bintu nzobiva imbere ga yemwe?

Ibi bintu nzobiva imbere ga yemwe?

HARI mu gihugu kimwe co muri Afrika yo mu Burengero, muri ico gitondo ibintu bikaba vyariko bigenda nk’uko vyama. Aho uciye hose wumva akamoto k’isosi n’umuceri. Abagore bagenda bikoreye ibintu vyinshi ku mutwe. Harumvikana urwamo rw’abishwe n’agatwengo hamwe n’urw’abaharira cane ku biciro. Izuba ntiryatevye gukara.

Igihe abana baba babonye uwo bita Yovo, ni ukuvuga umuzungu, baca bamuririmbira akaririmbo kabo kandi bakamutambira. Nya karirimbo bagatanguza amajambo agira ati: “Yovo, Yovo, bon soir,” bakarangiza bavuga bati: “Ko twakuririmbiye kandi tukagutambira, nta co uduha?” Ariko hari umuhungu umwe ataririmvye. Abonye mbandanije urugendo, yaciye ankurikira, atangura kugira ibimenyetso n’amaboko. Nabonye umengo ni ururimi rw’ibimenyetso. Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, nari narize kwandika indome mu rurimi rw’ibimenyetso rw’Abanyamerika; ariko aho muri Bénin bavuga ururimi rw’igifaransa.

Narinanase ndamwereka indome umunani zigize izina ryanje nkoresheje ururimi rw’ibimenyetso. Nagiye mbona amwenyura n’akanyamuneza kenshi. Yaciye amfata ukuboko ancisha mu tuyira anshikana ku nzu iwabo, ikaba yari inzu y’ivyumba bibiri yubakishijwe ibirokosima. Abagize umuryango wiwe baciye bashwabaduka. Bose baciye batangura kuganira mu rurimi rw’ibimenyetso. None nabigenjeje gute? Naciye ndabereka izina ryanje nkoresheje ibimenyetso, hanyuma ndabandikira ku gakaratasi ko ndi umumisiyonari yigisha abantu Bibiliya nongera ndababwira ko nzogaruka. Haraje n’ababanyi babo atari abaragi, kandi bose barakomanze umutwe mu kwerekana ko bavyemeye. Naribajije nti: ‘Ibi bintu nzobiva imbere ga yemwe?’

Nsubiye i muhira nariyumviriye nti: ‘Hategerezwa kuba hariho uwoshobora gufasha aba bantu kumenya ivyerekeye umuhango Imana yatanze ugira uti: “Amatwi y’ibipfamatwi azozibuka.”’ (Yesaya 35:5) Naciye ngira ubushakashatsi maze ndamenya yuko urusansuma rwaheruka kugirwa aho muri Bénin rwari rwerekanye yuko muri ico gihugu hari hariho abantu batumva neza hamwe n’abaragi bashika 12.000. Naratangaye igihe namenya ko mu mashure y’abaragi yo muri ico gihugu bakoresha ururimi rw’ibimenyetso rw’Abanyamerika, batakoresha ururimi rw’ibimenyetso rw’Abafaransa. Ariko rero narababaye mbonye yuko ata Cabona ca Yehova n’umwe muri ico gihugu azi ururimi rw’ibimenyetso rw’Abanyamerika. Naciye mvugana akababaro mbwira Icabona ca Yehova w’imvukira nti: “Ese iyaba hoboneka umuntu azi ururimi rw’ibimenyetso rw’Abanyamerika yoza kudufasha!” Yaciye anyishura ati: “None wewe nturi ng’aha?” Kandi yavuze ukuri! Naciye ntumako igitabu cigisha urwo rurimi be n’utudisiki twa DVD two muri urwo rurimi twasohowe n’Ivyabona vya Yehova. Amasengesho natura Imana nsaba ko haboneka uwodufasha yarishuwe igihe Icabona ca Yehova umwe azi neza urwo rurimi yimukira muri Bénin avuye muri Kamerune.

Abantu benshi baramenye ko nariko ndiga ururimi rw’ibimenyetso. Baciye bansaba kuzogendera umuragi umwe yitwa Brice yakora akazi ko gucapa no gusiga amarangi ivyapa. Aho yakorera hari hubakishijwe amashami y’ibigazi abohanijwe, hakaba hari hapfutse naho hari mu gihe c’ubushuhe. Kubera ko hari haciye imyaka myinshi aza arahanaguza uburoso kuri nya kazu, kari gasigaye kuzuyeko amabara menshi. Yaciye ahanagura udutebe nka tungahe, hanyuma arandaba, arindiriye ko nduga kw’ijambo. Naciye mfata akadisiki ka DVD ndagashira mu kuma nagendana kerekana amasanamu. Yarakweze agatebe yari yicayeko aregera kugira ngo arabe neza ayo masanamu. Yaciye ambwira mu rurimi rw’ibimenyetso ati: “Ndabitahuye! Ndabitahuye!” Abana bo ng’aho mu kibano barakungereye hanyuma barasumburuka kugira ngo barabe ivyo ari vyo. Vyakabaye kera, umwe yaciye yaduka avuga ati: “Kubera iki baraba isenema itagira amajwi?”

Igihe cose naba nsubiye kuraba Brice, abaza gukungera kugira ngo barabe amashusho baza barongerekana. Brice hamwe n’abandi ntibatevye kuza ku makoraniro yacu ajanye no gusenga. Kuza ndabasigurira ibiriko biravugwa nkoresheje ururimi rw’ibimenyetso vyaramfashije kurumenyera. Uko bagenda baraba benshi, bamwebamwe mbere baraza kundondera. Nk’akarorero, umusi umwe umuduga wanje ushaje warajegeye igihe nariko ndagenda mw’ibarabara kubera ko nagiye ndaca mu binogo mu kugerageza gukwepa ngo singonge impene n’ingurube. Nagiye numva uruntu rukubise inyuma. Naciye nibwira nti: ‘Oya wa muduga we, ntunsubire!’ Nasanze ata ngorane umuduga wari ugize, ahubwo yari umuragi umwe yariko yiruka inyuma y’imodoka yanje, akaba rero yari yabonye ko uburyo bwiza bwo kumpagarika ari ugukubita inyuma!

Mu bindi bisagara haravutse imigwi ikoresha ururimi rw’ibimenyetso. Igihe kw’ihwaniro tugira buri mwaka hatunganywa ivyo gusobanura mu rurimi rw’ibimenyetso, nasanze ndi mu basabwe gukora ico gikorwa. Igihe naja ku mukiruruko, nkirindiriye ko uwutanga insiguro atangura kuvuga, naributse igihe natangura igikorwa c’ubumisiyonari. Nahora nibaza nti: ‘Ni ikindi kintu ikihe jewe umumisiyonari nokora ng’aha muri Afrika?’ Igihe naraba abari imbere yanje, naciye ntahura ko naronse inyishu y’ico kibazo: nari nkwiye kuba umumisiyonari afasha abaragi. Ubu sincibaza nti: ‘Ibi bintu nzobiva imbere ga yemwe?’