Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | BIBILIYA IVUGA IKI MURI MAKE?

“Twabonye Mesiya”!

“Twabonye Mesiya”!

Inyuma y’ibinjana nka bine igitabu ca nyuma ca Bibiliya c’Ivyanditswe vy’igiheburayo canditswe, ubuhanuzi Mika yari yaravuze kuri Mesiya bwararangutse: Yezu yavukiye i Betelehemu. Haciye imyaka nka 30 avutse, ni ukuvuga mu mwaka wa 29 mu gihe cacu, igice ca mbere c’ubuhanuzi bwa Daniyeli buvuga ivyerekeye ukuza kwa Mesiya cararangutse. Yezu yarabatijwe, Imana ica imurobanuza impwemu nyeranda. Mesiya, ari we rwa Ruvyaro rwari rumaze igihe kirekire rurindiriwe, yari ashitse, ku gihe nyene cari caravuzwe!

Yezu yaciye atangura igikorwa ciwe co “[ku]menyesha inkuru nziza y’ubwami bw’Imana.” (Luka 8:1) Nk’uko abahanuzi bari barabivuze, Yezu yari afise umutima mwiza, yaritonda kandi yaritaho abandi vy’ukuri. Inyigisho ziwe zari kirumara kandi zarangwa n’urukundo. Vyongeye, yarakijije abantu “ubumuga bw’ubwoko bwose,” ivyo bikaba vyerekana ko Imana yari kumwe na we. (Matayo 4:23) Abantu b’imyaka itandukanye barisukiriye baza kuri Yezu kandi barashobora kuvuga nk’umwe mu bigishwa ba Yezu, uwavuze ati: “Twabonye Mesiya”!Yohani 1:41.

Yezu yaramenyesheje yuko imbere y’uko Ubwami bwiwe bwifatira ibintu mu minwe, isi yoranzwe n’intambara, vya nyamugigima, be n’iyindi mivurungano myinshi. Yahimirije abantu bose ati: “Mugume muri maso.”Mariko 13:37.

Naho Yezu yari umuntu atunganye kandi aguma agamburukira Imana, yari afise abansi kandi baruhiye kumwica. Urupfu rwiwe rero rwaratumye haboneka ikimazi kitagira akanenge co kugaruza ico Adamu na Eva bari batakaje, ni ukuvuga icizigiro co kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo.

Urupfu rwa Yezu be n’ukuba inyuma y’imisi itatu Imana yaciye imuzura ari ikiremwa c’impwemu c’ububasha, vyarashikije ubuhanuzi. Yezu amaze kuzuka, yarabonekeye abigishwa biwe barenga 500. Imbere y’uko Yezu aduga mw’ijuru, yarashinze igikorwa abayoboke biwe co kuja kubwira “abantu bo mu mahanga yose” inkuru nziza ivuga ibimwerekeye n’Ubwami bwiwe. (Matayo 28:19) None ico gikorwa bagikoze ku rugero rungana gute?

Iki kiganiro gishingiye kuri Matayo, Mariko, Luka, Yohani, 1 Abakorinto.