UMUNARA W’INDERETSI Kigarama 2014 | Urashobora kuba umugenzi w’Imana

Woba wumva umengo Imana iri kure yawe? Woba urigera wibaza ko bishoboka kuba umugenzi w’Imana?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Woba wumva ko Imana ari umugenzi wawe?

Abantu benshi bo hirya no hino kw’isi, baremera badakeka ko Imana ibafata nk’abagenzi bayo.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Woba uzi izina ry’Imana? Woba urikoresha?

Imana irakwidondora iti: “Ndi Yehova. Iryo ni ryo zina ryanje.”

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Woba uyaga n’Imana?

Tuyagira Imana biciye kw’isengesho. None twoyitega yompi gute?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Woba ukora ivyo Imana igusaba?

Kugamburukira Imana birahambaye, ariko si vyo vyonyene bikenewe kugira ube umugenzi wayo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Nta coza kiruta ico mu buzima!

Raba ibintu bitatu vyogufasha kuba umugenzi w’Imana.

Timgad—Igisagara cari carazimanganye

Abaroma ba kera baragize umugambi wihishije kugira babane mu mahoro n’imigwi y’abantu yabaho yimukanga yo muri Afrika yo mu Buraruko.

IBIBAZO VY'ABASOMYI

Ni ibiki ukwiye kumenya ku vyerekeye Noweli?

Woshobora gutangara umenye inkomoko y’imigenzo igirwa kuri Noweli.

“Ugutahura kwimbitse kw’umuntu ntikubura guhwamika ishavu ryiwe”

Ivyashikiye Dawidi umwami wa Isirayeli, birashobora kugufasha gucungera ishavu igihe hagize uwugushavuza canke uwugusomborotsa.

Noba nkwiye gufata ideni?

Impanuro nziza Bibiliya itanga zirashobora kugufasha gufata ingingo.

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Woshikira gute umutima w’umwana wawe ukoresheje Bibiliya?

Ibindi usanga kuri internet

Imana yoba ari inguvu itagira ubwenge?

Bibiliya ivuga yuko Imana yaremye ibintu vyose, mugabo yoba itubabara?