Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Twoba tuzoteba tukaronka intwaro imwe iganza isi yose?

Intwaro iganza isi yose ishobora gute gutuma abantu bo mu mahanga yose bunga ubumwe? Yesaya 32:1, 17; 54:13

Iyumvire ukuntu abantu bohungukira mu gihe isi yose yoba iganzwa n’intwaro imwe! Muri iki gihe, abantu benshi bararembejwe n’ubukene mu gihe usanga abandi batunze cane. Ariko intwaro iganza isi yose itahura ivyo abanyagihugu bayo bakeneye, irashobora kwitwararika kuronsa abantu bose ivyo bakeneye. Woba wibaza ko abantu bazoshobora gushinga intwaro nk’iyo?—Soma Yeremiya 10:23.

Kuva kera na rindi, intwaro ntizashoboye kuronsa abanyagihugu bazo ivyo bakeneye, na canecane abakene. Intwaro zimwezimwe usanga zikandamiza. (Umusiguzi 4:1; 8:9) Ariko Imana Mushoboravyose yarasezeranye kuzana intwaro izosubirira izindi ntwaro zose. Umutegetsi w’iyo ntwaro azokwitwararika vy’ukuri abantu atwara.Soma Yesaya 11:4; Daniyeli 2:44.

Ni igiki Ubwami bw’Imana buzokora?

Yehova Imana yaratoye Umutegetsi w’isi abikwiye, na we akaba ari Yezu Umwana wayo. (Luka 1:31-33) Igihe Yezu yari kw’isi, yaritwararika gufasha abantu. Niyaganza isi, azotuma abantu bo mu mahanga yose bunga ubumwe yongere abakureko imibabaro yose.Soma Zaburi 72:8, 12-14.

Abantu bose boba bazokwemera ko Yezu ababera Umutegetsi? Oya. Ariko Yehova arihangana. (2 Petero 3:9) Ariko araha abantu akaryo ko kwemera ko Yezu ababera Umutegetsi. Vuba, Yezu agiye gukuraho abantu bose babi maze atume kw’isi yose haba amahoro n’umutekano.Soma Mika 4:3, 4.