Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA BW’ABANTU

Naramenye yuko Yehova ari Imana y’imbabazi n’ikigongwe

Naramenye yuko Yehova ari Imana y’imbabazi n’ikigongwe
  • YAVUTSE MU 1954

  • IGIHUGU AKOMOKAMWO: KANADA

  • KAHISE: UMUHANGITSI N’UMUKINYI W’AKAMARI

KAHISE KANJE:

Nakuriye mu gace gakenye ko mu gisagara ca Montréal. Maze amezi atandatu mvutse, dawe yarapfuye mawe aca asigara ari we araba vyose mu rugo. Nari umuhererezi mu bana umunani.

Uko nakura, kunywa ibiyayuramutwe, akamari, ubukazi no kwifatanya n’inkozi z’ikibi ni vyo vyaranga ubuzima bwanje. Nshikanye imyaka cumi, naciye ntangura gukorana n’abamaraya nkaza ndaja kubagurira ivyo bantumye, ntangura no gukorera abantu batanga ingurane ku nyungu y’umurengera. Narabesha kenshi nkongera nkaryoherwa no guhangika abantu mu buryo bwose bushoboka. Vyari vyaranyifatiye nk’urumogi.

Maze gushikana imyaka 14, nari nsigaye ndi umuhinga wo guhangika abantu. Narashobora nko kugura umuyoro w’amasaha, ibikomo, n’impeta bisa n’inzahabu nkaca ndabishirako akamenyetso kerekana ko birimwo hafi igarama zitatu z’inzahabu kandi atari vyo. Naca nja kubigurisha mu mabarabara no ku maparikingi y’amaduka. Narakunda cane ivyo kuronka amahera ntarushe. Igihe kimwe nararonse amadolari 10.000 yo muri Kanada (amarundi arenga gatoyi imiliyoni 13) ku musi umwe gusa!

Mfise imyaka 15, narirukanywe mu kigo kigorora inkozi z’ikibi ndabura aho mba. Narara mu mabarabara, mu busitani abantu basamiramwo akayaga canke rimwe na rimwe nkarara ku bantu tuzinanye.

Kubera uguhangika abantu, kenshi abapolisi baransambisha. Mugabo sinigeze mpfungwa kubera ko ivyo nagurisha bitari ivyibano. Ariko rero nararishe amande menshi kubera forode, guhangika abantu no kugira urudandaza ntafitiye uruhusha. Kubera ko ata muntu n’umwe natinya, naraja mbere kwishuriza ba bantu nakorera batanga ingurane ku nyungu y’umurengera. Vyarimwo akaga ku buryo rimwe na rimwe nagenda nitwaje inkoho. Vyarashika nkakorana n’imigwi y’inkozi z’ikibi.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE:

Natanguye kwumva ivyerekeye Bibiliya igihe nari mfise imyaka 17. Umukobwa twabana yaratanguye kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Ariko rero, naciye ndamuheba nja kubana n’uwundi mukobwa twagendana kubera nabona ko amategeko ya Bibiliya agoye.

Ibintu vyagiye guhinduka igihe wa mukobwa agira kabiri twagendana na we nyene yatangura kwiga n’Ivyabona vya Yehova! Yaragize amahinduka mu buzima bwiwe, asigara ari umuntu yitonda kandi yihangana cane, ivyo bikaba vyarantangaza. Ivyabona vya Yehova barantumiye kw’ikoraniro ryabera ku Ngoro y’Ubwami yabo ndemera. Nakiriwe n’abantu bisoneye kandi b’umutima mwiza. Ese ukuntu bari batandukanye n’abandi bantu! Mu muryango wacu sinigeze numva ko bankunda. Kuva mu bwana narumva ko mbuze urukundo n’igishika. Igishika Ivyabona vya Yehova bangaragarije ni co kintu nyene nari nyotewe. Igihe rero bansaba ngo twigane Bibiliya, naciye nemera ubwo nyene.

Ivyo nariko ndiga muri Bibiliya novuga yuko vyarokoye ubuzima bwanje. Je na bagenzanje babiri twari twateguye igitero co kwiba kugira ngo nshobore kuriha amadeni nari mfise kubera akamari. Ryari ideni ry’amadolari yo muri Kanada arenga 50.000 (nk’amarundi arenga imiliyoni 67). Ese ukuntu nezerewe kuba narabivuyemwo! Ba bagenzi banje baragiye kwiba, umwe arafatwa uwundi na we aricwa.

Uko nabandanya kwiga Bibiliya ni ko nabona ko hari ibintu vyinshi nkeneye guhindura. Nk’akarorero, naratahuye ivyo Bibiliya ivuga mu 1 Abakorinto 6:10. Havuga hati: “Ibisuma, canke abanyamunoho, canke imborerwa, canke abatukana, canke abanyazi [nti]bazotorana ubwami bw’Imana.” Igihe nasoma ico canditswe naciye mbona uko ivyanje vyifashe bituma nkorora amosozi. Naciye mbona yuko nkeneye guhinduka rwose mu buzima bwanje. (Abaroma 12:2) Nari umuntu akora ikibi kandi akara. Ubuzima bwanje bwari bushingiye ku bubeshi.

Ariko rero naramenye kandi yuko Yehova ari Imana y’imbabazi n’ikigongwe. (Yesaya 1:18) Narasenze cane Yehova ndamusaba ko yomfasha kuvavanura n’ingeso zanje za kera. Yaramfashije kugenda ndahindura buhorobuhoro kamere yanje. Imwe mu ntambwe zihambaye nateye ni ukwandikisha umubano.

Kuba nkiriho ndabikesha gushira mu ngiro impanuro zo muri Bibiliya

Ico gihe nari mfise imyaka 24 n’abana batatu. Nategerezwa kurondera akazi kemewe n’amategeko. Ariko rero, nari mfise amashure make kandi nta n’umwe nari bwakorere yomvugiye neza. Narasubiye gutakambira Yehova nca nja kurondera akazi. Narabwiye abashobora kumpa akazi yuko nipfuza guhindura ubuzima nkakorana umwete. Vyarashika nkasigura yuko ndiko ndiga Bibiliya be n’uko nipfuza kuba umunyagihugu mwiza. Benshi baranyimye akazi. Amaherezo hari umukoresha nabwiye kahise kanje kose na we aca ambwira ati: “Sinzi vy’ukuri igituma, ariko numva umutima umbwira ko nkwiye kuguha akazi.” Nabonye ko iyo ari inyishu y’amasengesho yanje. Jewe n’umukenyezi wanje twahavuye tubatizwa turaba Ivyabona vya Yehova.

IVYIZA NAHAKUYE:

Kuba nkiriho ndabikesha gushira mu ngiro impanuro zo muri Bibiliya nkabaho rukirisu. Nifitiye umuryango umeze neza. Vyongeye, kubera ko nzi neza yuko Yehova yambabariye, mfise ijwi ryo mu mutima ritanyagiriza ikibi.

Haheze imyaka 14 nza ndamara amasaha 70 ku kwezi mfasha abandi kwiga Bibiliya kandi umukenyezi wanje aherutse kwifatanya nanje muri ico gikorwa. Mu myaka 30 iheze, narahimbawe no gufasha 22 mu bo twagiye turakorana baraba abasavyi ba Yehova. Ndacaja ku maduka ariko ubu hoho sinjayo ngiye guhangika abantu nk’uko nabigira kera. Kenshi mba ngiye kubwira abandi ivyo nemera. Nipfuza kubaha icizigiro co kuzobaho mw’isi nshasha izira ubusuma.Zaburi 37:10, 11.