Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Twoba vy’ukuri dushobora kumenya Imana?

Twoba vy’ukuri dushobora kumenya Imana?

“Imana irasiga ubwenge.”—Vyavuzwe na Filo w’i Alegizandiriya, akaba yari umufilozofe wo mu kinjana ca mbere.

“[Imana ntiri] kure y’umwe wese muri twebwe.”—Vyavuzwe na Sauli w’i Taruso abwira abafilozofe bo mu kinjana ca mbere baba i Atene.

MURI ivyo vyiyumviro bibiri, ni ikihe wemera? Abantu benshi babona ko amajambo yavuzwe na Sauli w’i Taruso, uwitwa kandi intumwa Paulo, ari meza kandi ko ahumuriza. (Ivyakozwe 17:26, 27) Vyongeye, Bibiliya irimwo ibindi vyiyumviro bihumuriza cokimwe n’ico. Nk’akarorero, Yezu yaratuye isengesho ryerekana ko abayoboke biwe bashobora kumenya Imana maze bagahezagirwa na yo.Yohani 17:3.

Abafilozofe nka Filo bobo babona ibintu mu bundi buryo. Berekanye ko tudashobora kumenya Imana na gato kubera isiga ubwenge. None ni nde avuga ukuri?

Bibiliya iremera ko hariho ibintu vyerekeye Imana bigoye gutahura. Nk’akarorero, ikiringo Umuremyi amaze abayeho be n’ubwenge bwiwe nta wushobora kubitahura. Ivyo biraturengeye ariko ntivyotubuza kuyimenya. Nkako, kuzirikana kuri ivyo bintu birashobora kudufasha ‘kwiyegereza Imana.’ (Yakobo 4:8) Reka turabe uturorero tumwetumwe tw’ivyo bintu bigoye gutahura. Turaza no kuraba ibintu vyerekeye Imana dushobora gutahura.

Ni ibintu ibihe bigoye gutahura?

IMANA YAMYEHO: Bibiliya ivuga ko Imana yamyeho “kuva igihe kitagira urugero gushika igihe kitagira urugero.” (Zaburi 90:2) Ivyo bisobanura ko Imana itagira intango n’iherezo. Ku bantu, “igitigiri c’imyaka yayo ntigiserangurika.”Yobu 36:26.

Ivyiza wohakura: Imana isezerana kuguha ubuzima budahera hamwe woyimenya vy’ukuri. (Yohani 17:3) Wumva uwo muhango wowizigira hamwe Imana ubwayo yoba itabaho ibihe bidahera? “Wa Mwami w’ibihe bidahera” ni we wenyene ashoboye gushitsa iryo sezerano.1 Timoteyo 1:17.

UBWENGE BW’IMANA: Bibiliya ivuga ko ‘ugutegera kw’Imana kudaserangurwa’ kubera ko ivyiyumviro vyayo biruta cane ivyacu. (Yesaya 40:28; 55:9) Ntibitangaje rero kubona Bibiliya ibaza iti: “Ni nde yamenye umuzirikanyi wa Yehova, ngo amwigishe?”1 Abakorinto 2:16.

Ivyiza wohakura: Imana irashobora kwumviriza icarimwe amasengesho y’abantu amamiliyoni. (Zaburi 65:2) Irabona mbere n’akajuri kamwe kaguye hasi. Wibaza ko Imana izokwigera irengerwa ku buryo idashobora kukwitaho canke kwumviriza amasengesho uyitura? Habe namba, kubera ko ubwenge bwayo butagira akarimbi. Vyongeye, ibona ko “[uri] n’agaciro kuruta utujuri twinshi.”Matayo 10:29, 31.

IBIKORWA VY’IMANA: Bibiliya ivuga ko abantu badashobora “[kwigera] bubura igikorwa Imana y’ukuri yakoze kuva ku ntango gushika kw’iherezo.” (Umusiguzi 3:11) Ku bw’ivyo, ntituzokwigera tumenya akantu kose kerekeye Imana. Ubukerebutsi dusanga mu bikorwa vy’Imana ‘nta wushobora kubutegera.’ (Abaroma 11:33, Ubwuzure Bushasha.) Naho ari ukwo, Imana iripfuza guhishurira ibikorwa vyayo abo bose bashaka kuyihimbara.Amosi 3:7.

Ikiringo Umuremyi amaze abayeho n’ubwenge bwiwe nta wushobora kubitahura

Ivyiza wohakura: Niwasoma ukongera ukiga Bibiliya, uzoguma umenya ibintu bishasha vyerekeye Imana n’ibikorwa vyayo. Ivyo bisobanura ko tuzokwama twiyegereza Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru ibihe vyose.

Ivyo ushobora gutahura

Kuba hari ibintu vyerekeye Imana tudashobora gutahura ntibisobanura ko tudashobora kuyitahura na gato. Bibiliya irimwo amakuru menshi adufasha kumenya Imana neza. Raba uburorero bumwebumwe:

IZINA RY’IMANA: Bibiliya iratubwira ko Imana ifise izina. Igira iti: “Ndi Yehova. Iryo ni ryo zina ryanje.” Izina ry’Imana riraboneka muri Bibiliya incuro 7.000 kuruta ayandi mazina yose.Yesaya 42:8.

Ivyiza wohakura: Muri rya sengesho ry’akarorero, Yezu yasenze ati: “Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe.” (Matayo 6:9) Ubona gute nawe ukoresheje izina ry’Imana mu masengesho yawe? Yehova ariteguriye gukiza uwo wese yubaha izina ryiwe.Abaroma 10:13.

AHO IMANA IBA: Bibiliya iravuga ibijanye n’“uturere” tubiri two kubamwo: Amajuru abamwo Imana n’abamarayika be n’isi tubako. (Yohani 8:23; 1 Abakorinto 15:44) Umuremyi wacu rero aba muri ayo “majuru.”1 Abami 8:43.

Ivyiza wohakura: Biragufasha kumenya Imana neza. Umuremyi si inguvu idatahurika iri ahantu hose no mu kintu cose. Yehova ni Imana ibaho koko kandi aba ahantu hazwi. Naho ari ukwo, “nta kiremwa na kimwe kitibonekeza imbere yayo.”Abaheburayo 4:13.

UKUNTU IMANA IMEZE: Bibiliya ivuga yuko Yehova ameze neza cane. Itubwira yuko “Imana ari urukundo.” (1 Yohani 4:8) Ntiyigera abesha. (Tito 1:2) Ntagira nkunzi, ni umunyembabazi, ni umunyempuhwe kandi ateba gushavura. (Kuvayo 34:6; Ivyakozwe 10:34) Hari benshi botangazwa no kumenya ko uwo Muremyi wacu yipfuza kugiranira “ubugenzi somambike” n’abamwubaha.Zaburi 25:14.

Ivyiza wohakura: Urashobora kuba umugenzi wa Yehova. (Yakobo 2:23) Uko uzogenda uratahura rero ingene Yehova ameze bizogufasha gutahura neza inkuru zo muri Bibiliya.

‘MURONDERE’

Bibiliya irerekana neza ingene Yehova Imana ameze. Umuremyi wacu si ikintu gisiga ubwenge. Yipfuza nyabuna ko umumenya. Ijambo ryiwe Bibiliya risezerana ko “niwamurondera, azoreka umuronke.” (1 Ngoma 28:9) Ubona gute none urondeye kumenya Imana biciye ku gusoma inkuru zo muri Bibiliya no kuzizirikanako? Niwabigira, Bibiliya ivuga ko Imana “na yo izo[kw]iyegereza.”Yakobo 4:8.

Niwasoma ukongera ukiga Bibiliya, uzoguma umenya ibintu bishasha vyerekeye Imana n’ibikorwa vyayo

Hari aho wokwibaza uti: ‘None ko ntashobora gutahura ibintu vyose vyerekeye Umuremyi, vyoshoboka bite ngo mbe umugenzi wiwe?’ Iyumvire iki kintu: Burya, umugenzi somambike w’umuganga, ni ngombwa ngo na we abe azi ibijanye n’ubuvuzi? Habe namba! Uwo mugenzi wiwe ashobora kuba mbere akora akazi gatandukanye cane n’ak’uwo muganga. Naho ari ukwo barashobora kuba abagenzi somambike. Igihambaye ni uko uwo mugenzi azi ingene uwo muganga ameze akaba azi n’ivyo akunda be n’ivyo yanka. Muri ubwo buryo nyene, biciye kuri Bibiliya urashobora kumenya ingene Yehova ameze, ukamenya ibikenewe vyose vyotuma mugiranira ubucuti bukomeye.

Aho kuturonsa amakuru adashemeye, Bibiliya itekeye amakuru yodufasha kumenya Imana. Woba wipfuza kumenya vyinshi ku vyerekeye Yehova Imana? Ivyabona vya Yehova barigisha abantu Bibiliya ku buntu. Turagusavye urondere Ivyabona boba baba hafi y’aho uba canke uje ku muhora wacu ari wo www.mt711.com.