Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

RÉPUBLIQUE DOMINICAINE

Hakenerwa abandi bamamaji

Hakenerwa abandi bamamaji

Inkuru nziza ishika mu turere turi kure y’ibisagara

Mu nyuma, haraje abandi bamisiyonari. Muri bo harimwo Pete Paschal, Amos Parker n’umukenyezi wiwe Barbara, Richard Stoddard n’umukenyezi wiwe Belva, bakaba bahoze bakorera muri Boliviya, hamwe na Jesse Cantwell n’umukenyezi wiwe Lynn bo muri Kolombiya. Abo bamisiyonari barashigikiye igikorwa co kwamamaza baratuma kirushiriza gutera imbere. Mu 1973 igikorwa co kwigisha Bibiliya cararangurwa cane mu bisagara vyo muri République dominicaine, ariko inkuru nziza ntiyari bwashikire abantu bo mu turere twari kure y’ibisagara. Ku bw’ivyo, haratunganijwe ivy’uko abantu bo mu gihugu hagati bitwararikwa mu vy’impwemu. Igihe basaba ko hogira abitanga bakaja kumara amezi abiri bamamaza hagati mu gihugu, abatsimvyi basanzwe 19 baritanze. Hagati ya Kigarama 1973 na Nzero 1977, hari imigwi y’abatsimvyi yagiye irarungikwa gukorera ahantu inkuru nziza itari bwamamazwe cane canke itari bwigere ihamamazwa.

“Tubahaye ibisohokayandikiro baca baduha inkoko, amagi n’ivyamwa”

Umutsimvyi umwe yagize uruhara muri ico gikorwa kidasanzwe yiganye ati: “Ku musi wa mbere twirirwa turabwira abantu ubutumwa bwo muri Bibiliya tukongera tukabasigira ibisohokayandikiro; ku musi ukurikira twirirwa turagendera abashimishijwe. Kubera ko abanyagihugu ata mahera bari bafise, tubahaye ibisohokayandikiro baca baduha inkoko, amagi n’ivyamwa. Yehova yaradufashije, ntitwigeze tubura ivyo dufungura.” Benshi ryari ryo rya mbere basomerwa Bibiliya mu buzima bwabo. Hari abakuru b’amadini bari barabwiye abantu ko Yehova ari Shetani. Urazi ukuntu bumiwe bisomeye muri Bibiliya ivyanditswe nka Zaburi 83:18, ahavuga ngo “Wewe, uwitwa Yehova, [ni] wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose”! Mu turere tumwetumwe abantu benshi barashimishijwe ku buryo haciye hatunganywa amakoraniro.

Haza abandi bamisiyonari, hubakwa ishami rishasha

Muri Nyakanga 1979, abamisiyonari Abigail Pérez n’umukenyezi wiwe Georgina, barashitse. Bashinzwe igikorwa co kugendera amashengero. Mu nyuma, mu 1987, Tom Dean n’umukenyezi wiwe Shirley, abari barasohotse Ishure rya Gileyadi, baraje gushigikira igikorwa co kwamamaza. Muri République dominicaine bararonse kandi abasuku b’igihe cose badasanzwe benshi cane bavuye muri Porto Riko. Muri Myandagaro 1988, Reiner Thompson n’umukenyezi wiwe Jeanne bararungitswe gukorera muri République dominicaine, aho hakaba hari ahantu hagira gatanu barungitswe gukorera ubumisiyonari.

Mu 1989 igitigiri c’abamamaji cari cariyongereye gushika ku 11.081, kandi vyaragaragara ko iterambere ryobandanije, kuko hari inyigisho za Bibiliya 20.494. Iryo terambere ryaratumye haba ingorane. Nk’akarorero, inyubakwa y’ishami yari ihasanzwe yari ikwiye, ariko kuva mu mpera zo mu myaka ya 1980, yari isigaye ari ntoyi. Reiner Thompson yigana ati: “Yari yarengewe, ku buryo vyabaye ngombwa ko turondera iyindi nzu be n’amadepo mu bibanza bitandukanye vyo mu gisagara.”

Reiner abandanya ati: “Kuronka ikibanza ciza co kwubakamwo ibiro vy’ishami bishasha ntivyari vyoroshe. Hari umudandaza umwe yumvise ko twariko turarondera ikibanza co kwubakamwo, aca araturondera. Yavuze ko afise ikibanza ciza yagomba kugurisha, ariko akaba yashaka ko kigura gusa Ivyabona vya Yehova. Yari yarigeze kuba afise ateliye yo gushona, kandi umunyamabanga wiwe be n’abandi bakozi batari bake bari Ivyabona vya Yehova. Yari yaramaze imyaka yibonera ukuntu ari abantu b’imvugakuri kandi bubaha, ivyo bikaba vyaramutangaje cane. Kubera ko yubaha cane Ivyabona vya Yehova, yaragabanije cane igiciro c’iryo tongo.” Iryo tongo ryaguzwe muri Kigarama 1988, kandi mu nyuma hahavuye hagurwa n’ibindi bibanza bitatu vyari bifatanye na ryo. Ibiro vy’ishami hamwe n’Ingoro y’amateraniro vyubatswe ahantu hangana n’amahegitari hafi 10.

Abavukanyi na bashiki bacu amajana bo hanze n’abo muri ico gihugu barafashije kwubaka iryo shami rishasha n’Ingoro y’amateraniro. Izo nyubakwa zeguriwe Imana muri Munyonyo 1996 igihe abavukanyi bo mu Nama Nyobozi Carey Barber, Theodore Jaracz, na Gerrit Lösch baza kugira uruhara mu kwegurira Imana izo nyubakwa. Porogarama idasanzwe yabaye bukeye yabereye ku bibuga vy’inkino bibiri binini kuruta ibindi vyo muri ico gihugu, kandi abashitsi barenga 10.000 baratemberejwe muri izo nyubakwa nshasha.

‘Barajabutse baja i Makedoniya’

Ntitworangiza inkuru y’abasavyi ba Yehova bo muri République dominicaine tutavuze ivyerekeye Ivyabona benshi bimukiye muri ico gihugu kugira bakorere ahari inkenero kuruta ahandi. Abamamaji benshi, baremeshejwe n’amaraporo yerekana ko ico gihugu cimbuka cane mu vy’impwemu, aho umuntu umwe yashobora kuyobora inyigisho za Bibiliya nyinshi cane, barimukiyeyo mu mpera z’imyaka ya 1980, baba nk’aho ‘bajabutse baja i Makedoniya.’ (Ivyak. 16:9) Abo bamamaji barabwira abandi umunezero bakura mu gikorwa c’iyimbura aho muri République dominicaine. Ivyo vyatumye abimukirayo barushiriza kwongerekana mu myaka ya 1990.

Nk’akarorero, Stevan Norager n’umukenyezi wiwe Miriam bo muri Danemarke bakoreye muri République dominicaine kuva mu 2001. Imbere y’aho, Miriam yari yaramaze umwaka n’igice akorera muri ico gihugu ari kumwe na mukuruwe. None ni igiki catumye uwo mugabo n’umugore wiwe bimukira mu gihugu ca kure, aho imico yaho n’ururimi rwaho bitandukanye n’ivy’iwabo? Miriam avuga ati: “Twempi twakuriye mu miryango ikomeye mu vy’impwemu; abavyeyi bacu barabaye abatsimvyi badasanzwe igihe bari bakiri bato, kandi aho bavyariye barakoze ubutsimvyi busanzwe. Abavyeyi bacu bama baturemesha kwama duha Yehova ivyo dufise vyose mu murimo w’igihe cose.”

Stevan na Miriam ni abatsimvyi badasanzwe kuva mu 2006 kandi barafashije abantu benshi kumenya ukuri. Stevan avuga ati: “Imihezagiro ni myinshi cane. Ingorane izo ari zo zose, naho zoba iz’amagara, nta co zivuze uzigereranije n’ibintu vyiza twiboneye hamwe n’umunezero tugira uva ku gufasha abantu b’imitima nziraburyarya kumenya Yehova no kumukunda. Twararonse kandi umuryango munini w’abagenzi badukunda cane. Gukorera muri République dominicaine vyaratwigishije kwicisha bugufi no kwihangana, kandi kubaho mu buryo buciye bugufi vyaratumye turushiriza vy’ukuri kwizera Yehova no kumwizigira.”

Jennifer Joy amaze hano imyaka irenga 20 afasha kwamamaza mu rurimi rw’ibimenyetso

Jennifer Joy ni umwe muri bashiki bacu b’abirebange benshi b’abanyamahanga bagiye kwamamaza muri République dominicaine. Igihe Jennifer yaza mu 1992 kuramutsa nyinabo, uwo akaba ari umumisiyonari abumazemwo igihe yitwa Edith White, yariboneye ibintu vyiza cane biva mu gikorwa co kwamamaza. Yarabonanye kandi n’abandi bashiki bacu b’abanyamahanga bari baje gukorera ahari inkenero kuruta. Jennifer avuga ati: “Nari umunyamasoni kandi siniyizigira. Ariko naribwiye nti: ‘Ko babishobora, ngira nanje nobishobora.’”

Mu ntango, Jennifer yari yategekanije kumarayo umwaka umwe gusa. Ariko umwaka umwe wacitse imyaka mirongo; ubu amaze muri République dominicaine imyaka irenga 20. Yarafashije benshi mu bo yigisha Bibiliya baracika abasavyi ba Yehova. Jennifer yaragize uruhara mu guteza imbere igikorwa co kwamamaza mu rurimi rw’ibimenyetso muri ico gihugu kandi yarafashije mu gutegura amayagwa yo gukoresha mu kwigisha urwo rurimi.

“Gushika n’uno musi Yehova yamye anyitwararika, none kubera iki ntokwizigira ko azonyitwararika no mu mwaka uza?”

None Jennifer aronka gute ikimubeshaho? Asigura ati: “Buri mwaka ndaja muri Kanada nkamara amezi nk’angahe nkora. Ndamaze imyaka itari mike nza ndakora ubuzi butandunye, nko kwoza amafoto, gufotora, gusiga irangi ku mazu, gusukura mu mabiro, guhingura amatara y’imiduga, no gukora amatapi. Narakoze kandi mu vyo kuyobora ingenzi, mw’ishirahamwe ryunguruza abantu, ndigisha icongereza, nongera ndaba umusobanuzi.” Jennifer ivyiwe abisanisha n’ivy’Abisirayeli ba kera igihe bari mu bugaragwa. Avuga ati: “Babeshwaho n’ijambo ryose ryava mu kanwa ka Yehova. Yari yabasezeraniye ko azobitwararika, kandi yarabigize. Buri musi bararonka imfungurwa, kandi impuzu zabo n’ibirato vyabo ntivyaheze. (Gus. 8:3-4) Na twebwe Yehova adusezeranira kutwitwararika. (Mat. 6:33) Gushika n’uno musi yamye anyitwararika, none kubera iki ntokwizigira ko azonyitwararika no mu mwaka uza?”

Abamamaji bashika ku 1.000 baritanze baraza bavuye mu bihugu bitandukanye nka Espanye, Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Otrishe, Polonye, Porto Riko, Suwede, Tayiwani, Uburusiya, n’Ubuyapani. Abaje gukorera ahari inkenero bavuye mu bihugu 30 bitandukanye barakoreye mu mashengero y’icongereza, igikrewole co muri Hayiti, igishinwa, igisupanyoli, igitaliyano, ikirusiya n’ururimi rw’ibimenyetso rw’Abanyamerika. Nka kumwe kw’intumwa Petero, bavuze bati: “Ehe twebwe twarasize vyose turagukurikira.”Mrk. 10:28.