Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA MIRONGO IBIRI NA KABIRI

Yari intahemuka mu bigeragezo

Yari intahemuka mu bigeragezo

1, 2. Ni igiki Petero ashobora kuba yari yizigiye igihe Yezu yariko arigisha i Kaperinawumu, ariko ni igiki caciye kiba?

PETERO yaritegereje hirya no hino ahagaritse umutima, araba mu maso abantu bariko barumviriza Yezu. Bari mw’isinagogi i Kaperinawumu. Petero yaba muri ico gisagara, akaba ari ho yarangurira igikorwa ciwe co kuroba, ku nkengera yo mu buraruko y’Ikiyaga c’i Galilaya, kandi benshi mu bagenzi biwe, mu ncuti ziwe be no mu bo bakorana ni ho baba. Nta gukeka ko Petero yari yizigiye ko abantu bo mu gisagara c’iwabo bobonye Yezu nk’uko na we yari yaramubonye, bakagira umunezero nk’uwo yagize wo kwiga ivyerekeye Ubwami bw’Imana bavyigishijwe n’umwigisha ahambaye kuruta abandi bose. Ikintu nk’ico casa n’ikitaza gushoboka kuri uwo musi.

2 Benshi bari baretse gutega yompi. Bamwe bariko baridoga n’ijwi ryumvikana baharira ivyo Yezu ariko aravuga. Ariko rero, icababaza Petero kuruta ibindi vyose, kwari ukuntu bamwebamwe mu bigishwa ba Yezu bwite bariko baravyifatamwo. Mu maso habo ntihari hakigaragaza ka gahimbare ko kumenya ibintu bihambaye, ka kamwemwe ko kwubura ibintu bishasha be na wa munezero wo kwiga ukuri. Ico gihe ho basa n’abashavuye, eka mbere bashangashiwe. Hari abaseruye ivyiyumviro bavuga yuko ijambo Yezu yariko aravuga rigoye. Baranse gusubira gutega yompi, barava mw’isinagogi maze baraheba no gukurikira Yezu.​—Soma Yohani 6:60, 66.

3. Ni igiki ukwizera kwa Petero kwamufashije gukora akatari gake?

3 Cari igihe kitoroshe kuri Petero no ku zindi ntumwa. Petero ntiyatahuye neza ivyo Yezu yavuze kuri uwo musi. Nta gukeka ko yashobora kubona igituma amajambo Yezu yavuze yashobora gusa n’ayashavuza umuntu ayafashe uko ari. Ariko, Petero yokoze iki? Ntiryari ryo rya mbere ageragezwa mu bijanye no kudahemukira Shebuja wiwe; eka kandi ntiryobaye n’irya nyuma. Reka turabe ukuntu ukwizera kwa Petero kwamufashije kwihanganira bene ivyo bintu bigoye maze akaguma ari intahemuka.

Yagumye ari intahemuka igihe abandi bari bahemutse

4, 5. Ni gute Yezu yakoze mu buryo butandukanye n’ivyo abantu bari bamwitezeko?

4 Akenshi Petero yaratangazwa na Yezu. Incuro n’izindi, Shebuja wiwe yarakoze yongera aravuga mu buryo bwari butandukanye n’ivyo abantu baba bamwitezeko. Umusi umwe gusa imbere y’aho, Yezu yari yagaburiye ku gitangaro isinzi ry’abantu ibihumbi. Ivyo vyatumye baca barondera kumugira umwami. Yamara, yaratangaje benshi mu guca ava muri bo maze agategeka abigishwa biwe kwurira ubwato ngo baje i Kaperinawumu. Igihe abigishwa bari mu mazi bariko baragenda mw’ijoro, Yezu yarasubiriye kubatangaza mu kugendera ku Kiyaga c’i Galilaya cariko kirasuriranya, araha Petero icigwa gihambaye mu bijanye n’ukugira ukwizera.

5 Mu gitondo, ntibatevye kubona ko ya masinzi yari yabakurikiye ajanye inkengera y’ikiyaga. Ariko rero, biboneka ko abo bantu bari babitumwe n’icipfuzo co kubona Yezu abaronsa izindi mfungurwa ku gitangaro, batari babitumwe na gato n’icipfuzo co kumenya ukuri kwerekeye Imana. Yezu yarabahambariye kubera ako gatima bari bafise ko gukunda amaronko. (Yoh. 6:25-27) Ico kiganiro carabandanije kw’isinagogi i Kaperinawumu, aho Yezu yasubiriye kuvuga ibintu abantu batari biteze mu kugerageza kwigisha ukuri guhambaye mugabo kutoroshe.

6. Ni ikigereranyo ikihe Yezu yatanze, kandi abariko bamwumviriza baciye bakora iki?

6 Yezu yashaka ko abo bantu bamubona, atari nk’umuntu gusa atanga ibifungurwa vy’umubiri, ariko nk’uwarungitswe n’Imana kugira ngo abantu bagiranire ubucuti na yo, bakamubona nk’umuntu yatumye bishoboka ko abandi baronka ubuzima budahera biciye ku kubaho kwiwe no ku rupfu rwiwe. Yaciye rero atanga ikigereranyo, yigereranya na mana, wa mukate wakoroka uva mw’ijuru mu gihe ca Musa. Igihe bamwebamwe baharira, yaciye akoresha ikigereranyo gikomeye, arasigura yuko vyari ngombwa ko umuntu arya umubiri wiwe akanywa n’amaraso yiwe kugira ngo aronke ubuzima. Ico gihe ni ho abantu baciye baharira bashimitse. Bamwe bavuze bati: “Iryo jambo rirababaza; ni nde yoryumviriza?” Benshi mu bigishwa bwite ba Yezu baciye bafata ingingo yo kureka kumukurikira. *​—Yoh. 6:48-60, 66.

7, 8. (a) Ni igiki Petero atari bwatahure ku bijanye n’uruhara rwa Yezu? (b) Petero yishuye gute ikibazo Yezu yabajije intumwa?

7 None Petero yokoze iki? Na we nyene ategerezwa kuba yarazazaniwe n’amajambo Yezu yavuze. Ntiyari bwatahure neza yuko Yezu yategerezwa gupfa kugira ngo ashitse ivyo Imana igomba. Petero yoba yaragerageje kureka gukurikira Yezu nk’uko abo bigishwa ba ntahomfatwa babigize uwo musi? Uwokubesha; hari ikintu gihambaye catumye Petero aba uwutandukanye n’abo bantu. Uti cari igiki?

8 Yezu yarahindukiye araba za ntumwa ziwe aca avuga ati: “Mbega murashaka kugenda namwe?” (Yoh. 6:67) Yariko abwira bamwe 12, ariko Petero ni we yagize ico avuze. Akenshi ni ko vyagenda. Petero ashobora kuba ari we yari akuze kuruta abandi. Ukwo biri kwose, nta gukeka ko muri uwo mugwi ari we yarusha abandi kuvuga atarya umunwa, bikaba bisa n’uko ari gake cane Petero yatinya kuvuga ivyo yiyumvira. Muri ico gihe, ivyari mu bwenge bwiwe yari aya majambo meza kandi y’intibagirwa agira ati: “Mukama, tuje kwa nde? Wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera.”​—Yoh. 6:68.

9. Petero yerekanye gute ko yari intahemuka kuri Yezu?

9 None ayo majambo ntagukora ku mutima? Ukuba Petero yarizera Yezu vyaramufashije gutsimbataza kamere ihambaye cane, iyo na yo ikaba ari ukudahemuka. Petero yarabona neza ko Yezu ari we Mukiza wenyene Yehova yari yaratanze be n’uko Yezu yakiza biciye ku majambo yavuga, ni ukuvuga inyigisho yatanga zerekeye Ubwami bw’Imana. Petero yari azi yuko naho nyene hariho ibintu bimwebimwe vyamuzazanira, ata handi hantu yari kuja nimba yaripfuza gutoneshwa n’Imana be no kuronka umuhezagiro w’ubuzima budahera.

Turakeneye kuba intahemuka ku nyigisho za Yezu, n’igihe ziba zitandukanye n’ivyo twari twiteze canke ivyo twebwe ubwacu dushima

10. Muri iki gihe dushobora gute kwigana ukudahemuka kwa Petero?

10 Ukwo kwoba ari kwo nawe ubona ibintu? Ikibabaje ni uko abantu benshi bo mw’isi ya kino gihe bivugisha yuko bakunda Yezu mugabo bagaca bahemuka igihe bageragejwe. Ukudahemukira Kristu mu buryo nyakuri bisaba ko tubona inyigisho za Yezu nk’uko Petero yazibona. Turakeneye kuziga, gutahura insobanuro yazo be no kubaho tuzisunga, mbere n’igihe ziba zitandukanye n’ivyo twari twiteze canke ivyo twebwe ubwacu dushima. Biciye ku kugaragaza ko turi intahemuka ni ho gusa dushobora kwizigira kuzoronka ubuzima budahera Yezu atwipfuriza.​Soma  Zaburi 97:10.

Yagumye ari intahemuka igihe yakosorwa

11. Yezu yajanye he abayoboke biwe? (Raba kandi akajambo k’epfo.)

11 Ata gihe kinini kihaciye inyuma y’ico kiringo caranguwemwo ibintu vyinshi, Yezu yarafashe urugendo rurerure rutoroshe yerekeza mu buraruko ari kumwe n’intumwa ziwe be na bamwebamwe mu bigishwa biwe. Isonga ry’Umusozi Herumoni ryari ripfutswe na shelegi, uno ukaba wari ku rubibe rwa kure cane mu buraruko bw’Igihugu c’isezerano, rimwe na rimwe umuntu akaba yararibona mbere n’igihe yaba ari mu mazi asa n’ubururu y’Ikiyaga c’i Galilaya. Buhorobuhoro, uwo musozi wagenda urarushiriza kuboneka ko ari muremure uko uwo mugwi w’abantu wegereza ujana akarere gakirurutse gashika mu bisagara biri hafi y’i Sezariya ya Filipo. * Bari muri ako karere gateye igomwe, aho bashobora kubona igice kinini c’Igihugu c’isezerano cari mu bumanuko, Yezu yarabajije abayoboke biwe ikibazo gihambaye.

12, 13. (a) Ni kubera iki Yezu yarondeye kumenya uwo amasinzi yibaza ko ari? (b) Mu majambo Petero yishuye Yezu, ni gute yerekana ukwizera nyakuri yari afise?

12 Yabajije ati: “Amasinzi avuga ko ndi nde?” Turashobora kwiha ishusho Petero ariko aritegereza mu maso ha Yezu herekana ko afise ugutahura, agasubira kubona umutima mwiza wa Shebuja be n’ubwenge bwiwe buhambaye kandi butomoye. Yezu yaritaho ibijanye n’ivyiyumviro abamwumviriza bashikako bafatiye ku vyo babona no ku vyo bumva. Abigishwa ba Yezu barishuye ikibazo yababajije, basubiramwo bimwebimwe mu vyiyumviro bitari vyo abantu benshi bari bafise ku bijanye na Yezu uwo ari we. Ariko rero Yezu yaripfuza kumenya n’ibindi. Abo bayoboke biwe b’abishikira boba barihenda muri ubwo buryo nyene? Yaciye abaza ati: “Mweho none muvuga ko ndi nde?”​—Luka 9:18-20.

13 N’ico gihe nyene, Petero ntiyatevye kwishura. Yaravuze mu majambo atomoye kandi ashimitse iciyumviro benshi mu bari ng’aho bari barashitseko mu mitima yabo. Yavuze ati: “Uri Kristu, Umwana w’Imana nzima.” Turashobora kwiha ishusho Yezu ariko aramwenyurira Petero mu kumwereka ko avyemeye igihe yamukeza abigiranye igishika. Yezu yaribukije Petero yuko Yehova Imana ari we yari yatumye ukwo kuri guhambaye gutomokera abantu bafise ukwizera nyakuri, ko atari umuntu yabitumye. Petero yari yarashoboye gutahura kimwe mu bintu vyerekeye ukuri bihambaye kuruta ibindi vyose Yehova yari yarahishuye, ico na co kikaba ari icerekeye akaranga ka Mesiya, ari we Kristu yari amaze igihe kinini yarasezeranywe!​—Soma Matayo 16:16, 17.

14. Yezu yateye Petero uduteka utuhe tudasanzwe?

14 Uwo Kristu yari umwe ubuhanuzi bwa kera bwise ko ari ibuye abubatsi botaye. (Zab. 118:22; Luka 20:17) Yezu afise ubwo buhanuzi mu muzirikanyi, yarahishuye yuko Yehova yoshinze ishengero kuri iryo buye nyene, canke igitandara, Petero yari ahejeje kwerekana. Yaciye aha Petero uduteka tumwetumwe duhambaye cane muri iryo shengero. Ntiyahaye Petero ubukuru ku zindi ntumwa nk’uko abantu bamwebamwe bavyiyumvira, ahubwo yamushinze amabanga. Yahaye Petero “impfunguruzo z’ubwami.” (Mat. 16:19) Petero ni we yotewe agateka ko gutuma abantu bari mu mice itatu bagira icizigiro co kwinjira mu Bwami bw’Imana, aba mbere bakaba bobaye Abayuda, hanyuma Abasamariya, amaherezo na ho abanyamahanga, ni ukuvuga abatari Abayuda.

15. Ni igiki catumye Petero ahambarira Yezu, kandi yakoresheje amajambo ayahe?

15 Ariko rero, mu nyuma Yezu yavuze yuko abahawe vyinshi bobajijwe vyinshi, kandi ukuri kw’ayo majambo kurabonekera mu vyashikiye Petero. (Luka 12:48) Yezu yarabandanije guhishura ukuri guhambaye ku bijanye na Mesiya, harimwo no kuba imibabaro be n’urupfu rwiwe vyari vyimirije kumushikira i Yeruzalemu vyari ntakekeranywa. Petero yaravuruzwe ubwenge no kwumva ibintu nk’ivyo. Yaciye yikebukanya Yezu aramuhambarira, ati: “Ibabarire, Mukama; ntuzogenda ushikiwe n’ivyo bintu.”​—Mat. 16:21, 22.

16. Yezu yakosoye gute Petero, kandi ni impamuro ngirakamaro iyihe twese dusanga mu majambo ya Yezu?

16 Nta gukeka ko Petero yabigiranye imvo nziza, akaba ari co gituma inyishu Yezu yamuhaye itegerezwa kuba yaramutangaje. Yarahaye umugongo Petero, yitegereza abandi bigishwa, abo bishoboka ko biyumvira nk’ukwo nyene, maze avuga ati: “Herera inyuma yanje, Shetani! Uri igitsitaza kuri jewe, kuko utiyumvira ivyiyumviro vy’Imana, ariko wiyumvira ivy’abantu.” (Mat. 16:23; Mrk. 8:32, 33) Amajambo Yezu yavuze arimwo impanuro ishobora kutugirira akamaro twese. Biroroshe cane kureka ivyiyumviro vy’abantu bikaja imbere y’ivyiyumviro vy’Imana. Tubigize gutyo, n’igihe nyene tuba twibaza ko tugira dufashe abandi, twoshobora gusanga ducitse abashigikira umugambi wa Shetani tutanabizi aho gushigikira uw’Imana. Ariko none, Petero yavyifashemwo gute?

17. Yezu yashaka kuvuga iki igihe yabwira Petero ‘guherera inyuma’ yiwe?

17 Petero ashobora kuba yaratahuye ko Yezu atariko avuga ko ari neza na neza Shetani wa Mubesheranyi. Nakare, Yezu ntiyabwiye Petero nk’uko yari yabwiye Shetani. Yezu yari yabwiye Shetani ati: “Ja hiyo”; ariko yabwiye Petero ati: “Herera inyuma yanje.” (Mat. 4:10) Yezu ntiyaciriye umukenke iyo ntumwa yiwe yabonamwo ivyiza vyinshi, ahubwo yarakosoye gusa ivyiyumviro bitari vyo Petero yari afise ku bijanye n’ico kintu. Ntibigoye kubona yuko Petero yari akeneye kureka guhagarara imbere ya Shebuja nk’igitsitaza, kandi ko yari akeneye guherera inyuma yiwe ari umuyoboke wiwe amushigikira.

Twemeye twicishije bugufi gutozwa indero maze tukagira ico tukwigiyeko, ni ho gusa tuzobandanya kurushiriza kwiyegereza Yezu Kristu na Se wiwe Yehova Imana

18. Petero yerekanye gute ukudahemuka, kandi twomwigana gute?

18 None Petero yoba yarisiguye canke yarashavuye? Habe namba; yaremeye gukosorwa yicishije bugufi. Gutyo yarasubiye kugaragaza ukudahemuka. Abo bose bakurikira Kristu birashobora gushika bagakenera gukosorwa. Twemeye twicishije bugufi gutozwa indero maze tukagira ico tukwigiyeko, ni ho gusa tuzobandanya kurushiriza kwiyegereza Yezu Kristu na Se wiwe Yehova Imana.​—Soma Imigani 4:13.

Petero yaragaragaje ko ari intahemuka n’igihe mbere vyaba bibaye ngombwa ko akosorwa

Yararonse impera kubera ukudahemuka

19. Yezu yavuze ikintu ikihe gitangaje, kandi Petero ashobora kuba yibajije iki?

19 Haciye igihe gito, Yezu yaravuze ikindi kintu gitangaje ati: “Ni ukuri, ndababwiye yuko hariho bamwe mu bahagaze ng’aha batazohonja urupfu na gato batabanje kubona Umwana w’umuntu aza mu bwami bwiwe.” (Mat. 16:28) Nta gukeka ko ayo majambo yatumye Petero yumva ashaka kumenya ibindi. Yezu ashobora kuba yashaka kuvuga iki? Petero ashobora kuba yaribajije nimba ugukosorwa gukaze yari aherutse kuronka kwasigura ko atoshoboye guterwa agateka kadasanzwe nk’ako.

20, 21. (a) Dondora iyerekwa Petero yiboneye. (b) Ikiyago cabaye hagati y’ababonetse muri iryo yerekwa cafashije gute gukosora Petero?

20 Yamara rero, haciye nk’indwi imwe, Yezu yarajanye Yakobo, Yohani na Petero ku “musozi muremure,” bikaba bishoboka ko wari Umusozi Herumoni, uwari nko ku bilometero bingahe. Birashoboka ko hari mw’ijoro kubera yuko abo bagabo batatu bariko barwana n’itiro. Mugabo igihe Yezu yariko arasenga, harabaye ikintu catumye agatiro kose bari bafise kaguruka.​—Mat. 17:1; Luka 9:28, 29, 32.

21 Yezu yaratanguye guhinduka babona. Mu maso hiwe haratanguye gukayangana, haraca ibibatsi gushika naho hakaka nk’izuba. N’impuzu ziwe zarera zikakaka. Haciye haseruka abantu babiri bari kumwe na Yezu, umwe akaba yagereranya Musa uwundi na we Eliya. Baraganiriye na we ivyerekeye “ukugenda kwiwe yabwirizwa gushitsa i Yeruzalemu,” bikaba biboneka ko vyerekeza ku rupfu rwiwe n’izuka ryiwe. Ese ukuntu vyari bitomoye ko Petero yari yihenze mu kwanka ko Yezu yari agiye gushikirwa n’ico kintu kibabaje!​—Luka 9:30, 31.

22, 23. (a) Ni gute Petero yagaragaje agatima k’urweze n’igishika? (b) Petero, Yakobo na Yohani baronse iyindi mpera iyihe muri iryo joro?

22 Petero yumvise abwirizwa kugira uruhara mu buryo bunaka muri iryo yerekwa ridasanzwe, kumbure atume rirushiriza kuba rirerire. Vyasa nk’aho Musa na Eliya bariko baratandukana na Yezu. Petero yaciye rero avuga ati: “Mwigisha, ni vyiza kuba turi ng’aha; reka rero dushinge amahema atatu, rimwe ryawe, irindi rya Musa, irindi rya Eliya.” Birumvikana ko abo bantu babiri babonetse muri iryo yerekwa, abagereranya abasavyi ba Yehova bari bamaze igihe kirekire barapfuye, batari bakeneye amahema. Petero mu vy’ukuri ntiyari azi ivyo ariko aravuga. Ariko none, ubwo ntiwumva ukwegerewe n’uwo mugabo kubera agatima yari afise k’urweze n’igishika?​—Luka 9:33.

Petero ari kumwe na Yakobo na Yohani yararonse impera yo kwerekwa ibintu biteye umunezero

23 Petero hamwe na Yakobo na Yohani bararonse iyindi mpera muri iryo joro. Haraje igicu cirema hejuru yabo kuri uwo musozi. Muri ico gicu harumvikanye ijwi, rino rikaba ryari ijwi rya Yehova Imana! Yavuze ati: “Uyu ni Umwana wanje, uwatowe. Nimumwumvirize.” Iryo yerekwa ryaciye rirangira maze basanga bari kumwe na Yezu gusa kuri uwo musozi.​—Luka 9:34-36.

24. (a) Petero yungukiye gute kuri rya yerekwa ryo guhinduka ukundi? (b) Muri iki gihe dushobora gute kwungukira kuri iryo yerekwa ryo guhinduka ukundi?

24 Ese ukuntu iryo yerekwa ryo guhinduka ukundi yari ingabirano kuri Petero no kuri twebwe! Haciye imyaka mirongo inyuma y’aho, yaranditse ibijanye n’agateka yatewe muri iryo joro ko kubona akarorero k’ubuninahazwa Yezu yogize ari Umwami mw’ijuru be n’ako kuba umwe mu “[bi]boneye ugukayangana kwiwe.” Iryo yerekwa ryaremeje ko ubuhanuzi bwinshi buvugwa mw’Ijambo ry’Imana ari ubw’ukuri kandi ryarakomeje ukwizera kwa Petero kugira ngo aze yihanganire ibigeragezo vyari vyimirije kumushikira. (Soma 2 Petero 1:16-19.) Rirashobora gukora ikintu nk’ico nyene kuri twebwe mu gihe, cokimwe na Petero, twoguma turi intahemuka kuri Databuja, uwo Yehova yagenye ngo atuyobore, tukamwigirako, tukemera gutozwa indero no gukosorwa na we, tukongera tukamukurikira twicishije bugufi ku musi ku musi.

^ ing. 6 Turashobora kubona ukuntu abari bagize iryo sinzi kw’isinagogi bari ba mahindagu tugereranije ingene bakiriye ayo majambo ya Yezu be n’ivyo bari baraye bavuze igihe batangaza n’umunezero mwinshi yuko yari umuhanuzi w’Imana.​—Yoh. 6:14.

^ ing. 11 Urwo rugendo rw’ibilometero 50 uvuye ku nkengera z’Ikiyaga c’i Galilaya, rwatumye uwo mugwi uva ahantu hari ku metero 210 munsi y’urugero rw’ikiyaga ushika ahantu hari ku metero 350 hejuru y’urwo rugero, uca mu turere twiza cane.