Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bibiliya yoba yogufasha guhangana n’ihinduka rikomeye ry’ikirere?

Bibiliya yoba yogufasha guhangana n’ihinduka rikomeye ry’ikirere?

 Woba uri umwe mu bantu amamiliyoni bamaze gushikirwa n’ingaruka ziva kw’ihindagurika ry’ikirere? Ukwo guhinduka kw’ikirere kuba mu buryo butandukanye kandi kurateza ingorane nyinshi. Ibivumbuzi n’ibihuhusi bikomeye bironona ibintu canke bigatuma haba ibisebuzi bidasanzwe mu kiyaga be n’imyuzure. Imvura y’isegenya irashobora gutuma imisozi isenyuka. Ibihuhusi birashobora gutuma haduka imiriro itema igatongora. Vyongeye, ibintu vyinshi birashobora kwononekara igihe hadutse uruzuba, ubushuhe budasanzwe canke ubukanye burenze.

 Mu turere twinshi kw’isi, ingaruka ziva kw’ihindagurika ry’ikirere ziriko zirarushiriza kwongerekana kuruta uko vyahora. Ishirahamwe rimwe rifasha mu vyo gutabara abantu (Mouvement international de la Croix-Rouge et du Croissant-Rouge) rivuga riti: “Igitigiri c’abantu bashikirwa n’ivyago vy’ivyaduka kiguma ciyongera bivuye kw’iyongerekana ry’imyuzure, ibihuhusi n’uruzuba. Ivyo bituma abantu benshi bahasiga ubuzima, abandi bikabagora kwironsa ikibabeshaho, abandi na bo bagatakaza izabo.”

 Igihe ivyago nk’ivyo biteye biragira ingaruka ku bantu, haba ku mubiri canke mu nyiyumvo. Boshobora kugira intuntu kubera baba bahatakarije ivyabo, amazu yabo canke mbere abo bikundira.

 Nimba warashikiwe n’ingaruka ziva kw’ihindagurika ry’ikirere, Bibiliya irashobora kugufasha kwihangana. Irimwo impumurizo, icizigiro hamwe n’impanuro ngirakamaro ziriko zirafasha abantu benshi bashikiwe n’ivyago vy’ivyaduka. (Abaroma 15:4) Vyongeye, Bibiliya iratanga inyishu z’ibibazo bihambaye abantu benshi bakunda kwibaza: Kubera iki Imana ireka ivyo bintu bigashika? Coba ari igihano kiva kuri yo?

Ihinduka rikomeye ry’ikirere si igihano kiva ku Mana

 Bibiliya yigisha ko Imana atari yo iteza ingorane ziriko zirashikira abantu. Itubwira ko “Imana idashobora kugeragezwa n’ibintu bibi, [kandi] na yo ubwayo nta we ibigerageresha.” (Yakobo 1:13) Ivyo bisobanura ko atari yo iteza ingorane zishikira abantu muri iki gihe ziva kw’ihindagurika ry’ikirere.

 Bibiliya irimwo uburorero bwerekana ukuntu Imana yahanye abanyakibi ikoresheje inguvu zo mu bidukikije. Ariko ivyo bintu vyari bitandukanye n’ibishika muri iki gihe, aho usanga ikirere gihindutse bukwi na bukwi, bikagira ingaruka ku bantu beza na babi. Mu buryo butandukanye n’ivyo, Bibiliya yerekana ko Imana yakingira abantu beza, igatanga imburi imbere y’uko bishika kandi ikavuga igituma igira iteze ivyo vyago. Nk’akarorero, Imana yarasiguye igituma yagira izane Umwuzure wo mu misi ya Nowa, iraburira abantu imbere y’uko ushika yongera irakingira Nowa n’umuryango wiwe.​—Itanguriro 6:13; 2 Petero 2:5.

 Kugira umenye ibindi bintu vyerekana ko ivyago vy’ivyaduka bishika muri iki gihe atari igihano kiva ku Mana, raba ikiganiro kivuga ngo “Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ivyago vy’ivyaduka?

Imana iritwararika abashikirwa n’ivyago biva kw’ihinduka rikomeye ry’ikirere

 Bibiliya yerekana ko Yehova a ari Imana yitwararikana kandi ko ari Umunyempuhwe. Rimbura ibi vyanditswe biremesha:

  •   Yesaya 63:9: ‘Mu marushwa yabo yose, Imana vyarayiteye amarushwa.’

     Ico bisobanura: Igihe Yehova abonye abantu bariko barashikirwa n’imibabaro, biramubabaza cane.

  •   1 Petero 5:7: “I[ra]bababara.”

     Ico bisobanura: Yehova aritaho ineza yawe.

 Kuba Yehova ari Imana yitwararikana kandi akaba Umunyempuhwe bituma agira ico akoze. Araduha uruhoza biciye ku mpanuro ngirakamaro ziri muri Bibiliya hamwe n’icizigiro ntakekeranywa ca kazoza, igihe tuzobaho tudashikirwa n’ivyago biva kw’ihindagurika ry’ikirere.​—2 Abakorinto 1:3, 4.

Igihe ata ngorane ziva kw’ihinduka rikomeye ry’ikirere zizoba zikiriho

 Bibiliya itubwira ko Yehova yasezeranye “[kuduha] kazoza n’icizigiro.” (Yeremiya 29:11) Ashaka ko abantu baba mw’iparadizo kw’isi bahimbawe kandi badatinya ko bohava bashikirwa n’ivyago biterwa n’ihinduka ry’ikirere.​—Itanguriro 1:28; 2:15; Yesaya 32:18.

 Kugira ivyo bishoboke, Imana izokoresha Ubwami bwayo, ni ukuvuga intwaro yo mw’ijuru izoba irongowe na Yezu. (Matayo 6:10) Yezu arazi ingene yokinga ingaruka zose ziva kw’ihinduka ry’ikirere kandi arafise ububasha bwo kubikora. Igihe yari kw’isi, yarerekanye ko afise ububasha ku bidukikije. (Mariko 4:37-41) Kubera ari Umwami afise ugutahura n’ubukerebutsi, azokwigisha abantu kwitwararika ibidukikije ku buryo batavyonona. (Yesaya 11:2) Igihe Yezu azoba aganza, nta muntu azosubira gushikirwa n’ivyago biva kw’ihinduka rikomeye ry’ikirere.

 Woshobora kwibaza uti: ‘Yezu azokoresha ryari ububasha afise mu guhagarika ingorane ziterwa n’ihindagurika ry’ikirere?’ Kugira uronke inyishu y’ico kibazo, raba ikiganiro kivuga ngo “Ubwami bw’Imana buzoganza isi ryari?

Ukuntu wohangana n’ihinduka rikomeye ry’ikirere

 Impanuro Bibiliya itanga zirashobora kugufasha imbere y’uko ivyago bishika, igihe biriko biraba n’inyuma y’aho.

  •   Imbere y’uko ivyago bishika: Niwitegurire kugira ico ukoze udatebaganye.

     Ico Bibiliya ivuga: “Umunyabwenge ni uwubonye ivyago akihisha, mugabo abantu batazi utuntu n’utundi bararengana bakabwirizwa kwibonerako.”​—Imigani 22:3.

     Ico bisobanura: Niwitegurire ivyago bishobora gutera mu karere ubamwo gutyo bikunde ko ugira ico ukoze udatebaganye ngo ukingire umuryango wawe.

     Ikintu cabaye: “Igihe hatera umuriro, twari twiteguye. Twari dufise amasakoshi arimwo ivya nkenerwa nk’imiti n’impuzu. Abandi bantu bari bataye umutwe, babuze ico bafata n’ico bareka. Ariko twebwe twari dufise ivya nkenerwa vyose kandi turakenguruka cane kuba twari twiteguye!”​—Tamara wo muri Kaliforniya muri Amerika.

  •   Igihe biriko biraba: Niwibande ku bihambaye kuruta.

     Ico Bibiliya ivuga: “No mu gihe umuntu afise umurengera, ubuzima bwiwe ntibuva ku bintu atunze.”​—Luka 12:15.

     Ico bisobanura: Ubuzima burahambaye cane kuruta ivyo dutunze.

     Ikintu cabaye: “Igihe igihuhusi cataziriwe Lawin b cabomora inzu yacu, sinabona neza ico nokora. Ikintu kimwe gusa nakoze, naciye nsega Yehova Imana ndamubwira ibiri ku mutima vyose. Mu vy’ukuri, twakaje ivyo twari dutunze gusa ariko twebwe twararokotse.”​—Leslie wo muri Filipine.

  •   Inyuma y’ivyago: Ntiwiganyire cane ku bitaraba.

     Ico Bibiliya ivuga: “Ntimukigere mwiganyira ku vy’ejo, kuko umusi w’ejo uzoba ufise amaganya yawo.”​—Matayo 6:34.

     Ico bisobanura: Nturazwe ishinga cane n’ibishobora gushika muri kazoza.

     Ikintu cabaye: Inyuma y’aho inzu yanje irengerewe n’amazi bivuye ku gihuhusi gikomeye cataziriwe Irma, nategerezwa gufata ingingo nyinshi kandi nari nataye umutwe bidasanzwe. Naragerageje gukurikiza impanuro yo muri Bibiliya idusaba kutiganyira cane ku bitaraba. Nahavuye mbona ko mfashijwe na Yehova, nshobora kwihanganira ibintu vyinshi kuruta uko nahora ndavyibaza.”​—Sally wo muri Florida muri Amerika.

 Kugira urabe ibindi bintu vyogufasha, raba ikiganiro kivuga ngo “Ivyodufasha kurusimba hateye icago.

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana.​—Zaburi 83:18.

b Cataziriwe kandi ngo Haima.