Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Turi umuryango

Turi umuryango

Voma:

  1. 1. Tugeze iyo catawe;

    Ntiworab’iyo tuvuye.

    Kuva muhira,

    Nta bwoba namba,

    Yehov’aratubona.

    Nah’ar’akigoro ntitureka;

    Ni vyo Yehov’ashaka.

    Kubera urwo dukund’abukanyi,

    Tubabwira duti:

    (ICITABIRIZO)

    “Turi aba Yehova;

    Tur’umwe, tur’umuryango.

    Naho tuje tuva kure,

    Vy’ukuri

    Tur’umuryango.”

  2. 2. Dushitse twahaw’ikaze,

    Duca twumva turisanze.

    Maz’ihwaniro riratangura,

    Biratwez’umutima.

    Yamar’ivyo vyose ni Yehova

    Atuma bishoboka.

    Tuzama tumuninahaz’ibihe vyose,

    Aho turi hose.

    (ICITABIRIZO)

    “Turi aba Yehova;

    Tur’umwe, tur’umuryango.

    Naho tuje tuva kure,

    Vy’ukuri

    Tur’umuryango.”

  3. 3. Twarenze impinga ndende,

    Tuza ng’ah’iyo tutazi.

    Yamara rer’abo dutumira

    Badufata kigenzi.

    Duhuye n’abavukanyi bobo

    Twumva tur’imuhira.

    Aho turi hose, tubony’abavukanyi

    Turabakunda.

    (IKIRARO)

    Turazi ko

    Aho tuja hos’ari mu muryango.

    Va Kong’uje Kanada

    Burundi no mu Budagi.

    (ICITABIRIZO)

    “Turi aba Yehova;

    Tur’umwe, tur’umuryango.

    Naho tuje tuva kure,

    Vy’ukuri

    Tur’umuryango.

    Naho twoba tuva he;

    Tur’umwe, tur’umuryango.

    Urukundo ntiruseswa.

    Nanone turi mu muryango!

    Togo, Tanzaniya na Tayiwani

    Mali, Malawi na Megzike

    Bolivia, Bostwana be na Brezile

    Tur’umwe, tur’umuryango.”