URURIRIMBO RWA 125
“Hahiriwe abanyembabazi!”
-
1. Yehov’Imana turazi
Yukw’ar’umunyembabazi.
Agira neza kubera
Aduh’ivyo dukenera.
Kwigaya ni ’kintu ciza
Ni h’Iman’itwumviriza,
Imbabaz’itugirira
Zigaca zidukingira.
-
2. Hamwe twoba ducumuye
Iyo Man’iriteguye
Kuduharira tugize
Nk’uko Yezu yatwigije
Duti: “Duharir’imyenda,
Natwe ni ko tubigenza.”
Nta we tubikir’inzika
Amahor’akadushika.
-
3. Imbabazi zituranga
Zituma twama dutanga.
S’ugushaka kuvugangwa;
Biratuma duhimbarwa.
Yehova kw’avyibonera
Ni w’azobiduhembera.
Egome, barahiriwe
Abanyembabazi biwe.
(Raba kandi Mat. 6:2-4, 12-14.)