Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

URURIRIMBO RWA 125

“Hahiriwe abanyembabazi!”

“Hahiriwe abanyembabazi!”

(Matayo 5:7)

  1. 1. Yehov’Imana turazi

    Yukw’ar’umunyembabazi.

    Agira neza kubera

    Aduh’ivyo dukenera.

    Kwigaya ni ’kintu ciza

    Ni h’Iman’itwumviriza,

    Imbabaz’itugirira

    Zigaca zidukingira.

  2. 2. Hamwe twoba ducumuye

    Iyo Man’iriteguye

    Kuduharira tugize

    Nk’uko Yezu yatwigije

    Duti: “Duharir’imyenda,

    Natwe ni ko tubigenza.”

    Nta we tubikir’inzika

    Amahor’akadushika.

  3. 3. Imbabazi zituranga

    Zituma twama dutanga.

    S’ugushaka kuvugangwa;

    Biratuma duhimbarwa.

    Yehova kw’avyibonera

    Ni w’azobiduhembera.

    Egome, barahiriwe

    Abanyembabazi biwe.

(Raba kandi Mat. 6:2-4, 12-14.)