Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

JW LIBRARY

Support for iPad, iPhone, and iPod touch

Support for iPad, iPhone, and iPod touch

JW Library ni agaporogarama kateguwe n’Ivyabona vya Yehova. Karimwo Bibiliya zitandukanye, ibitabu n’udutabu bidufasha kwiga Bibiliya.

 

Ibishasha

Mukakaro 2023 (Version 14)

  • Tunganya urutonde rw’amavidewo, ama odio n’amafoto. Yakoreshe canke uyahindure uciye mu gice kivuga ngo Kwiyigisha.

  • Ivyo wiyandikiye mu bibazo vyo mu biganiro no ku majambo asigura amafoto ubu biboneka vyisunze uko bikurikirana mu kiganiro wabikuyemwo.

  • Kugira JW Library ije mu kuma kawe ka iOS, bisaba ko aba ari iOS 15.0 kuduga.

Ndamukiza 2023 (Version 13.5)

  • Ingorane nyinshi zijanye na JW Library zaratorewe umuti, harimwo n’izituma ako gaprograma kiyugara.

TURAGUSAVYE UMENYE IBI: Iyi ni yo version ya nyuma ija mu kuma ka iOS 12, 13 na 14. Kugira uzovome versions zikurikira za JW Library, uzokenera gushira ku gihe akuma kawe.

Nzero 2023 (Version 13.4)

  • Amategeko agenga ikoreshwa hamwe n’Ibijanye no kugumya ibanga vyarashizwe ku gihe.

  • Ibiri ahavuga ngo Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga birafasha kwihitiramwo amakuru worungika ku bijanye n’ukuntu iyo programa ikora.