Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

JW LIBRARY

Ukuntu woshira JW Library mu kuma kawe udaciye muri App Store canke muri Play Store​—Android

Ukuntu woshira JW Library mu kuma kawe udaciye muri App Store canke muri Play Store​—Android

Nimba udashobora gushira JW Library mu kuma kawe uciye muri Google Play Store canke Amazon Appstore, urashobora kuyishiramwo ukoresheje umutekero wa JW Library ukora kuri Android (uwo bita APK).

Kugira ushire uwo mutekero wa JW Library mu kuma kawe, hari aho vyoba ngombwa ko wemera ko akuma kawe kavoma amaprograma avuye ku mihora itazwi. Kugira ngo umenye ingene ubigira, niwisunge ubuyobozi bujanye n’ikoreshwa rya telefone yawe.

Kugira uvome uwo mutekero wa JW Library (APK):

  1. Fyonda aho musi handitse Voma kugira uwo mutekero uje mu kuma kawe.

  2. Nurabe aho uwo mutekero uri mu kuma kawe, uce uwufyondako kugira uvome JW Library.

Umaze gushiramwo uwo mutekero wa JW Library (APK), nuze urasuzuma ko uhuje n’igihe. Nubigenze gutya:

  1. Ja muri Paramètres muri JW Library kugira ubone version ufise.

  2. Usanze version ufise iri musi y’iyo iri aho hepfo, nuce usubira kuvoma uwo mutekero nk’uko vyerekanywe aho haruguru.

 

Version: 14.3 (408605)