Ja ku birimwo

Ni ibiki Imana igomba ku binyerekeye?

Ni ibiki Imana igomba ku binyerekeye?

Inyishu Bibiliya itanga

 Imana igomba ko uyimenya, ukamenya ko iriho, ukayiyegereza maze ukayikunda kandi ukayikorera n’umutima wawe wose. (Matayo 22:37, 38; Yakobo 4:8) Urashobora kumenya ingene wokora ivyo Imana igomba mu kwigira ku buzima bwa Yezu n’inyigisho ziwe. (Yohani 7:16, 17) Yezu ntiyavuga gusa ivyo Imana igomba, ariko kandi yarabikora. Nkako yavuze ko intumbero yiwe mu buzima ‘atari ukugira ngo akore ukugomba kwiwe, mugabo kugira ngo akore ukugomba kw’uwamurungitse.’—Yohani 6:38.

Vyoba ari nkenerwa ko mbanza kuronka ikimenyetso kidasanzwe, uguhishurirwa canke umuhamagaro kugira menye ivyo Imana igomba ku binyerekeye?

 Oya, kuko Bibiliya irimwo ubutumwa Imana yarungikiye abantu. Irimwo ivyo ukeneye kugira ngo ube uwufise “ibikenewe vyose ku bw’igikorwa ciza cose.” (2 Timoteyo 3:16, 17) Imana ishaka ko ukoresha Bibiliya n’‘ububasha bwawe bwo kwiyumvira’ kugira umenye ivyo ikugombako.—Abaroma 12:1, 2; Abanyefeso 5:17.

Noba koko nshobora gukora ivyo Imana igomba?

 Ego, urashobora kubikora, kuko Bibiliya ivuga iti: “Ivyagezwe vyayo ntibigora.” (1 Yohani 5:3, Bibiliya Yera) Ivyo ntibisobanura ko kugamburuka amategeko y’Imana vyama vyoroshe. Ariko ivyiza uzohungukira biraruta kure n’iyo akigoro uzogira. Yezu ubwiwe yavuze ati: “Ese ukuntu bahiriwe abumva ijambo ry’Imana kandi bakarigamburuka!”—Luka 11:28, Good News Translation.