Ja ku birimwo

Mbega umukirisu yokwemera kuvurwa?

Mbega umukirisu yokwemera kuvurwa?

Inyishu Bibiliya itanga

 Ego. Yezu yarerekanye ko abayoboke biwe bokwivujije igihe yavuga ati: “Abafise amagara meza ntibakenera umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera.” (Matayo 9:12) Naho Bibiliya atari igitabu c’ubuvuzi, irimwo ingingo ngenderwako zishobora kuyobora abashaka guhimbara Imana.

Ibibazo ukwiye kwibaza

 1. Noba ntahura uburyo bashaka kumvura? Bibiliya iduhanura kugira ubushakashatsi tukarondera amakuru yo kwizigirwa aho ‘kwizera ijambo ryose.’—Imigani 14:15.

 2. Noba nkwiye kubaza n’abandi baganga ku bijanye n’ubwo buryo bwo kuvurwa? ‘Abajanama benshi’ barashobora kuba ngirakamaro, na canecane igihe ufise ingorane ikomeye y’amagara.—Imigani 15:22.

 3. Ubwo buryo bwo kuvurwa bwoba buteye kubiri n’itegeko ryo muri Bibiliya ridusaba “kwirinda . . . amaraso”?—Ivyakozwe 15:20.

 4. Mu kungirira ibipimo canke mu kumvura hoba hazojamwo ivy’ubupfumu? Bibiliya iriyamiriza “gukora ivy’ubupfumu.” (Abagalatiya 5:19-21) Kugira umenye ko hazojamwo ivy’ubupfumu, niwibaze ibibazo nk’ibi:

  •   Uwo muntu yoba akoresha ivy’ubupfumu?

  •   Ubwo buryo bwo kumvura bwoba bushingiye ku ciyumviro c’uko indwara ziterwa n’imana ziba zashavujwe canke abarozi?

  •   Mu gutegura umuti canke mu kuwufata hoba harimwo ivyo gushikana ibimazi, gutongera, imihamuro canke ibindi bijanye n’ubupfumu?

 5. Amagara yanje yoba atanguye kundaza ishinga birenze urugero? Bibiliya iduhanura iti: “Ukugira ibitegereka kwanyu kumenyekane ku bantu bose.” (Abafilipi 4:5) Ukugira ibitegereka kuzogufasha gushira umutima ku “bihambaye kuruta ibindi,” nk’akarorero ivy’Imana.—Abafilipi 1:10; Matayo 5:3.