Ja ku birimwo

Ingeso n’inyifato runtu

Ingo n'imiryango

Bibiliya yoba yomfasha kuronka agahimbare mu muryango?

Impanuro ziranga ubukerebutsi Bibiliya itanga ziramaze gufasha abagabo n’abagore amamiliyoni kuronka agahimbare mu rugo.

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’umubano?

Impanuro zo muri Bibiliya zirashobora gufasha abubakanye kwirinda ingorane canke kuzitorera umuti.

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kubana mutanditswe?

Ubuyobozi Imana itanga burafasha kuroranirwa mu mibano y’abubatse, kandi abakurikiza impanuro itanga bama baroranirwa.

Bibiliya yoba ivuga ibijanye n’ukwabirana kw’abasangiye igitsina?

Uwatanguje umubano w’ababiranye ategerezwa kuba azi neza ukuntu hoba ubucuti burama kandi burangwa agahimbare.

Bibiliya yoba yemera ukwahukana?

Numenye ico Imana yemera be n’ico yanka.

Kugira abagabo benshi canke abagore benshi vyoba vyemewe?

Imana yoba ari yo yatanguje ivyo kugira abagabo benshi canke abagore benshi? Rimbura ico Bibiliya ivuga ku bijanye no kugira abagabo benshi canke abagore benshi.

Bibiliya ivuga iki ku kwubakana n’uwo mudahuje ubwoko canke ibara ry’urukoba?

Raba ico Bibiliya ivuga ku kungana kw’amoko no ku mubano w’abubatse.

‘Gutera iteka so na nyoko’ bisobanura iki?

Hari aho wotangara umenye ico iryo bwirizwa ridasobanura.

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kwitwararika abavyeyi bageze mu zabukuru?

Bibiliya irimwo uburorero bw’abagabo n’abagore bafise ukwizera babigize. Iratanga kandi impanuro ngirakamaro zofasha abitwararika abavyeyi babo.

Igitsina

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ukuryamana kw’abasangiye igitsina?

Imana ibona gute ivyo kuryamana kw’abasangiye igitsina? Umuntu afise ivyipfuzo vyo kuryamana n’abo basangiye igitsina yoba ashobora guhimbara Imana?

Bibiliya yoba ibuza kuryoherwa mu vy’igitsina?

Kuryoherwa mu vy’igitsina coba ari icaha?

Abakirisu boba bakwiye gukoresha uburyo bwo kwirinda kuvyara?

Ku bijanye kwirinda kuvyara, hoba hariho amategeko agenga ikibereye n’ikitabereye abubakanye bokwisunga?

Amahitamwo tugira

Mbega umukirisu yokwemera kuvurwa?

Uburyo bwo kuvurwa duhitamwo hari ico buvuze ku Mana?

Bibiliya ivuga iki ku guterwa amaraso?

Bibiliya irerekana ko Imana yatanze itegeko ryo ‘kwirinda amaraso.’ Ryoba rikora no muri iki gihe?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no gukorora inda?

Ubuzima bw’umuntu butangura ryari? Imana yoba ishobora guharira umuntu yakoroye inda?

Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye kwishushanya ku mubiri (tatouages)?

Kwishushanya ku mubiri vyoba biguhimbara? Ni ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya izihe ukwiye kurimbura?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kwikora no kwambara udusharizo?

Ivyanditswe vyoba vyiyamiriza ubwo buryo bwo kwishariza ku mubiri?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’inzoga? Kunywa coba ari igicumuro?

Bibiliya iravuga ivyiza bitari bike ku bijanye n’inzoga.

Kunywa itabi coba ari icaha?

Ko ata na hamwe Bibiliya ivuga itabi, twoshobora gute kwishura ico kibazo?

Akamari koba ari igicumuro?

Ko Bibiliya itavuga cane ivy’akamari, twomenya gute ingene Imana ikabona?

Bibiliya ivuga iki ku burenganzira bwo kwihitiramwo? Imana yoba ari yo ishinga ibidushikira?

Abantu benshi bemera ko ibibashikira biba vyaranditswe. Amahitamwo tugira yoba agira ico akoze ku kuroranirwa kwacu?

Nofata gute ingingo nziza?

Impanuro zitandatu zishingiye kuri Bibiliya zishobora kudufasha kwironsa ubukerebutsi n’ugutegera.

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no gutanga?

Imana ishima ugutanga kumeze gute?