Ja ku birimwo

Yezu yoba ari Imana Mushoboravyose?

Yezu yoba ari Imana Mushoboravyose?

Inyishu Bibiliya itanga

 Abarwanya Yezu bamwagirije ko yigira uwungana n’Imana. (Yohani 5:18; 10:30-33) Ariko rero, Yezu ntiyigeze avuga ko angana n’Imana Mushoboravyose. Yavuze ati: ‘Data aranduta.’—Yohani 14:28.

 Abayoboke ba Yezu bo mu ntango ntibabona ko angana n’Imana Mushoboravyose. Nk’akarorero, Intumwa Paulo yanditse ko Yezu amaze kuzuka, Imana “[yadugije Yezu] ikamushira mu kibanza co hejuru cane.” Biraboneka ko Paulo atemera ko Yezu yari Imana Mushoboravyose. Atari ukwo na ho, Imana yari gushobora gute kuduza Yezu ikamushira mu kibanza co hejuru cane? —Abafilipi 2:9.