Ja ku birimwo

Yezu

Yezu ni nde?

Yezu yoba yari umuntu mwiza gusa?

Kubera iki Yezu w’i Nazareti ari we muntu yagize akosho gakomeye kuruta ababayeho bose?

Yezu yoba ari Imana Mushoboravyose?

Yezu yavuze iki ku bijanye n’ikibanza afise akigereranije n’ic’Imana?

Kubera iki Yezu yitwa Umwana w’Imana?

Nimba itavyaye Yezu nka kurya abantu bavyara, kubera iki yitwa Umwana w’Imana?

Antikristu ni nde?

Yoba ariko araza, canke yaramaze kuza?

Jambo w’Imana ni nde?

Nk’uko biboneka muri Bibiliya, iyo mvugo ifise insobanuro nyinshi.

Wa mumarayika mukuru Mikaheli ni nde?

Arafise irindi zina ushobora kuba umenyereye.

Ubuzima bwa Yezu kw'isi

Yezu yavutse ryari?

Raba igituma Noweli ihimbazwa ku wa 25 Kigarama.

Bikira Mariya: Bibiliya imuvugako iki?

Hari abavuga ko Mariya yasamwe ata gicumuro. Bibiliya yoba ishigikira ico ciyumviro?

Ba “banyabwenge batatu” bari bande? Imana yoba ari yo yatumye bayoborwa n’ico twokwita inyenyeri y’i Betelehemu?

Imvugo nyinshi zikunze gukoreshwa n’abahimbaza Noweli nta na hamwe ziboneka muri Bibiliya.

Abahinga boba bemera ko Yezu yabayeho?

Numenye nimba bemera canke batemera ko Yezu yabayeho koko.

Inkuru zo muri Bibiliya zivuga ivy’ubuzima bwa Yezu zoba ari izo kwizigirwa?

Rimbura ibimenyamenya vyerekeye inkuru zo mu Njili be n’ivyandikano vy’iminwe vya kera kuruta ibindi vyose bizwi.

Yezu yasa gute?

Bibiliya iradufasha kumenya ukuntu yasa muri rusangi.

Yezu yoba yarubatse urwiwe? Yoba yari afise abo bavukana?

Ko Bibiliya itavuga mu buryo butomoye ibijanye n’ubuzima bwo mu mubano bwa Yezu, twomenya gute ko yari yubatse canke atari yubatse?

Inkuru zerekeye Yezu zanditswe ryari?

Kuva Yezu apfuye gushika Injili zanditswe, haciye igihe kingana gute?

Urupfu n'izuka rya Yezu

Kubera iki Yezu yapfuye?

Abantu benshi barazi ko Yezu yapfuye kugira turonke ubuzima. Ariko neza na neza urupfu rwiwe rutumariye iki?

Ca gitambara c’i Turin coba ari co Yezu yahambwemwo?

Ibintu bitatu biranga ico gitambara biradufasha kuronka inyishu.

Yezu yoba yazukanye umubiri w’inyama canke w’impwemu?

Bibiliya ivuga ko Yezu “[yagizwe] muzima mu mpwemu,” none ni gute abigishwa biwe bari gushobora kumubona no kumukorako amaze kuzuka?

Uruhara rwa Yezu mu mugambi w'Imana

Yezu adukiza gute?

Kubera iki dukeneye ko Yezu adutakambira? Kwizera Yezu vyonyene vyoba bihagije kugira dukizwe?

Kwizera Yezu, vyoba bihagije kugira tuze turonke agakiza?

Bibiliya iravuga abantu bemera Yezu ariko batazoronka ubukiriro. Ivyo bishoboka gute?

Kubera iki dukwiye gusenga mw’izina rya Yezu?

Raba ukuntu gusenga mw’izina rya Yezu bitera iteka Imana, n’ukuntu vyerekana ko twubaha Yezu.

Kristu azoza mu buhe buryo?

Yoba azoza mu buryo buboneka?